Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO , Uburaya buvuga ko bwiteguriye kuganira n'Uburusiya ku kurangiza intambara muri Ukraine

Ibihugu vy’i Buraya bivuga ko bifise aho bihagaze hatomoye kandi hadahindagurika ku bijanye n’ibiganiro.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Anne Marie Niwemwiza na Gildas Yihundimpundu.

  1. Misire yari irashwe n’aba Houthi kuri Arabiya Sawudite yasamburiwe mu kirere

    Urunani rw’ibihugu birongowe na Arabiya Sawudite mu ntambara yo muri Yemen, rwatangaje kuri uyu wa gatanu ko abasirikare barwo bajejwe gukingira ikirere “batangiriye bongera barasambura” misire yo mu bwoko bwa ‘balistique’ yari irashwe n'abarwanyi b'aba Houthi bo muri Yemen, bayerekeza mu gice co mu bumanuko bwa Arabiya Sawudite.

    Urwego rwa Arabiya Sawudite rujejwe gukingira abasivire na rwo rwatangaje ko ama ‘drones’ yari arungitswe muri ako karere nyene na yo nyene yatangiriwe atarashika iyo yari arungitswe gutera.

    Urwo rwego rwatanze kandi imburi ku bantu baba mu turere dutandukanye, harimwo Jazan, Abha na Khamis Mushait, ariko ruca rumenyesha ko ata kaga kari kakihari.

    Muri Yemen, imboneshakure Al-Masirah igenzurwa n'abarwanyi b'aba Houthi, yatangaje ko indege z'intambara za Arabiya Sawudite zagavye ibitero ku murwa mukuru w'ico gihugu, Sanaa.

    Arabiya Sawudite ntaco irabivugako.

    Impande zompi zirabandanya gusubizanya ibitero, kandi nta kimenyetso cerekana ko vyimirije guhagarara. Vyongeye, ibitero vy’aba Houthi ku bisagara vya Arabiya Sawudite bigenda vyiyongera.

    Ejo ku wa kane, Arabiya Sawudite yaremeje ko umunara muremure kurusha iyindi yose uri ku murwa mukuru Riyadh, wononekaye kubera igitero.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Uburaya buvuga ko bwiteguriye kuganira n'Uburusiya ku kurangiza intambara muri Ukraine

    Abakuru b'ibihugu vyo ku mugabane wa Buraya bavuze ko biteguriye kugirana ibiganiro n'Uburusiya mu ntumbero yo kurangiza intambara yo muri Ukraine, mu gihe bagaragaje ko bashigikiye cane Ukraine.

    Umushikiranganji wa mbere w'Ubwongereza, Andy Burnham, yavuze ko Uburaya bufise “aho buhagaze hatomoye kandi hadahindagurika ku bijanye n’ibiganiro”. Umukuru wa reta y'Ubudagi, Friedrich Merz, na we yashimangiye ko “kuba Uburusiya mu vyo busaba bushaka gutwara vyinshi bishoboka kandi atavyo buhevye, ivyo ari ibisabo bidahuye n’ukuri”.

    Ivyo babivugiye mu nama yabereye i Berlin mu Budagi, yahuje urunani rw’ibihugu vyiyemeje gushigikira Ukraine ruzwi nka ‘Coalition of the Willing’.

    Jared Kushner, umukwe wa Donald Trump, ni umwe mu ntumwa zibiri za Amerika zari i Berlin. Yavuze ko Perezida Trump ashaka gushika ku masezerano n'Uburusiya, “ari kumwe n’Uburaya ku ruhande rwiwe”.

    Ariko gushika ubu, Vladimir Putin w’Uburusiya, yaranse ko abategetsi b’ibihugu vya Buraya bagira uruhara muri ivyo biganiro vyo kurondera amahoro bihagarariwe na Amerika.

    Imbere y'aho, Trump yari yabanje kwitaba inama idasanzwe y’inyabutatu yamuhuje na Xi Jinping w'Ubushinwa hamwe na Vladimir Putin, ikaba yabereye i Shenzhen mu bumanuko bushira ubuseruko bw'Ubushinwa. Mu nyuma, igihe yariko asubira inyuma ari mu ndege y'umukuru w'igihugu ‘Air Force One’, yaciye yifatanya n’abari mu yariko ibera i Berlin biciye ku buhinga bwa terefone.

    Mu kiganiro n'abamenyeshamakuru camaze umwanya muremure, inyuma y'ibiganiro yagiranye na Trump na Xi Jinping, Putin yaragarutse ku bijanye n'ibiganiro vy'amahoro vyohuza ibihugu bitandukanye.

    Yavuze ko Abanyamerika bariko barasaba Uburusiya “bashimitse cane” ko bwokwemera ko ibihugu vy'i Buraya na vyo biza mu biganiro.

    Putin yavuze ko Uburusiya butarwanya ico ciyumviro, ariko ashimangira ko Moscow ishaka kubanza kumenya “ivyo Uburaya buzoba buzanye muri ivyo biganiro”.

    Yagize ati: “Ni co gituma, biciye mu nzira za diplomasi, twatumiye ibihugu vy'i Buraya kuza i Moscow kugira tumenye neza aho bihagaze kuri ico kibazo. Inyuma y’ivyo, ni ho tuzomenya ingene tuzobandanya ibiganiro na Ukraine”.

    Izindi nkuru wosoma:

  3. Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw’ikibiriraho.