Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

Trump yakiriye Xi n’iteka ridasanzwe mu rugendo arimwo muri Amerika

Perezida wa Amerika, Donald Trump, yakiriye mugenzi we w’Ubushinwa, Xi Jinping, ku kibuga ca gisirikare ca Joint Base Andrews, muri leta ya Maryland, mu ntango z’urugendo rwiwe rw’imisi itatu.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira na Chançard Abimana

  1. Perezida wa Palestine Mahmoud Abbas yaburiye ONU ko Israel ibangamiye ukubaho kw’Abanyepalestina

    Perezida wa Palestine, Mahmoud Abbas, yabwiye Inama ya bose y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ko Israel ubu ibangamiye ukubaho kw’Abanyepalestina ubwabo mu gihugu cabo.

    Abbas yashikirije ijambo ryiwe akoresheje uburyo bwa videwo ryafashwe imbere y’igihe, kubera ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zamwimye visa yo kwitabira iyi nama i New York.

    Mw’ijambo ryiwe, Abbas yagirije Israel ko iriko irasenyura ibintu vyose vya nkenerwa mu buzima bw’Abanyepalestina, harimwo ibituma babaho, aca abaza amakungu ico arindiriye kugira ngo afate ingingo yo gukingira Abanyepalestina.

    Ni mu gihe haciye imyaka yababa itatu hadutse intambara mu karere ka Gaza, kuva ku gitero ca Hamas co ku wa 7 Gitugutu (10) 2023 hamwe n’igitero ca gisirikare Israel yakurikije muri ako karere.

    Abbas yavuze kandi ko imigambi ya Israel yarenze kure ivyo guhungabanya umugambi w’amahoro ushingiye kw’ishingwa ry’ibihugu bibiri, umugambi wamye ushigikiwe n’Ishirahamwe Mpuzamakungu, mbere n’umunyamabanga mukuru wa ONU, António Guterres, akaba yarabisubiyemwo mw’ijambo ryiwe yashikirije mu kwugurura iyi nama ku wa kabiri.

    Abbas yasavye amakungu gufata ingingo zotuma uno mugambi w’amahoro ushingiye ku bihugu bibiri ushobora gushirwa mu ngiro, mu gihe Israel ibandanya kwiyagurira uturere mu gace ka Cisjordanie/ West Bank kigaruriwe na Israel.

    Imbere y’uko Mahmoud Abbas ashikiriza ijambo ryiwe, intumwa za Israel muri iyo Nama ya bose babanje kwivumbura barasohoka.

    Ni mu gihe bitegekanijwe ko Umushikiranganji wa mbere wa Israel, Benjamin Netanyahu, na we aza gushikiriza ijambo ryiwe muri iyo nama.

    Ayandi makuru:

  2. Bamwe mu banyamakuru bankiwe kwinjira muri Maison Blanche kandi ingingo ya Trump ibabuza kwinjira yahagaritswe

    Abanyamakuru bakorera ibinyamakuru bitatu babujijwe kwinjira mu biro vy’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika (Maison Blanche/White House), inyuma gato y’uko umucamanza wo ku rwego rwa reta nkuru afashe ingingo yo guhagarika vy’agateganyo ingingo ya Perezida Donald Trump yabuza abo banyamakuru kwinjira muri Maison Blanche.

    Bamwe mu bakozi b’ibimenyeshamakuru CNN, Politico na MS Now bavuga ko amakarata yabo y’akazi yo kwinjira muri Maison Blanche yafatiriwe igihe bagerageza kuyakoresha, nubwo hari abandi bakozi b’ivyo binyamakuru bashoboye kwinjira.

    Iyo ngingo yafashwe n’umucamanza mw’ijoro ryakeye yabaye ugutsindwa gukomeye kuri Perezida Trump, mu gihe ukutumvikana n’ibinyamakuru kubandanya.

    Mu gufata iyi ngingo, Trump yavuga yayifashe kubera “amakuru y’ibinyoma”; ariko mu nyuma Maison Blanche iza kuvuga ko ivyo binyamakuru vyabangamira umutekano.

    Abashingwamanza b’ivyo binyamakuru basavye sentare kwicara vyihuta, bavuga ko Maison Blanche “yarenze ku mategeko incuro nyinshi” mu kutubahiriza ingingo yasubiza abanyamakuru uburengazira bwo kwinjira no gukora akazi kabo.

    Hagati aho, ibi binyamakuru bitatu CNN, MS NOW na Politico vyatangaje ko abanyamakuru bavyo bahavuye bemererwa kwinjira.

    Kugeza ubu, Maison Blanche ntaco irashikiriza kuri iyo ngingo yafashwe n’umucamanza, kandi abashingwamanza ba Perezida Trump na bo bashobora gufata izindi ngingo mu vy’amategeko.

    Ayandi makuru:

  3. FBI mu matohoza akomeye ku busuma bw'amabanga yayo bwabaye mu mashini nyabwonko zayo

    Urwego rujejwe igendereza ryo hagati mu gihugu rwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika (FBI) ruvuga ko ruri mu matohoza yimbitse kandi akomeye cane ku kungene aba-hackers (abiba amakuru mu mashini nyabwonko no kuri internet) binjiye mu mashini zayo bakiba amabanga bwite y’abakozi bose b’uru rwego.

    Umugwi w’aba-hackers uzwi nka ShinyHunters, uvuga ko ufise amabanga y’abantu 38.000, harimwo amazina y’abakozi ba FBI bose, ivyo bajejwe, inomero z’udukarata tw’akazi, hamwe n’ayandi makuru bwite, nk’amazina y’aho baba n’inomero za telefone.

    Ayandi makuru avuga ko mu mabanga yibwe harimwo kandi amakuru yerekeye akazi abakozi ba FBI bashinzwe, harimwo ibikorwa vyo mw’ibanga bijanye no kuneka abajejwe igendereza ry’Ubushinwa, igendereza ry’Uburusiya hamwe n’imirwi y’abacuruza ibiyayuramutwe.

    Umunyamakuru wa BBC ajejwe amakuru ajanye n’umutekano wo kuri internet avuga ko yabonye igice gito c’ayo makuru, kandi ko bisa n’uko ayo makuru ari ay’ukuri.

  4. Ethiopia: Igisirikare kivuga ko cishe amajana y’abarwanyi ba Tigray mu ntambara yaduste bushasha

    Igisirikare ca Ethiopia (ENDF) casohoye itangazo ku ncuro ya mbere ku bijanye n’intambara yongeye kwaduka hagati y’ingabo za reta n’abarwanyi bo mu ntara ya Tigray, kikavuga ko abarwanyi amajana n’amajana bishwe, abandi bagafatwa mpiri canke bagakomereka.

    Mw’itangazo ryasohotse uno musi, ENDF ivuga ko mu bitero vyo kwivuna vyagabwe n’ingabo zayo, abarwanyi 272 ba Tigray bishwe, 260 barakomereka, mu gihe abandi benshi bafashwe mpiri. Igisirikare kandi cavuze ko cafashe ibirwanisho n’amasasu vy’abarwanyi.

    TPLF ntaco iravuga kuri ibi vyashikirijwe n’iyi ntwazangabo y’igisirikare c’igihugu.

    Liyetena Jenerali Assefa Chekol arongoye ingabo mu buraruko bushira ubuseruko bwa Ethiopia, yavuze ko abarwanyi ba TPLF bagavye igitero ku wa 22 Nyakanga (9) mu karere ajejwe.

    Yagize ati: “Igitero catujijwe n’ukuboko kw’icuma kw’ingabo”. Avuga ko igitero co kwivuna cagizwe n’ingabo za reta catumye TPLF itakaza bikomeye, abantu n’ibikoresho.

    ENDF ivuga ko abarwanyi ba TPLF bagerageje kwinjira mu turere two muri Raya Kobo, mu ntara ya North Wello, ariko ko vyabaye ngombwa ko basubira inyuma kubera igitero rurangiza c’ingabo za reta.

    Igisirikare kivuga ko mu gusubira inyuma abo barwanyi batakaje abantu hamwe n’ibikoresho.

  5. Amerika: Abasirikare 8 bakorera ku bwato bw’intambara USS Abraham Lincoln baragerageje kwiyahura

    Umunyamabanga w’imfatakibanza ajejwe igisirikare co mu mazi ca Amerika, Hung Cao, avuga ko abasirikare umunani bakorera mu mugwi ukorera ku bwato bw’intambara butwara indege USS Abraham Lincoln bagerageje kwiyahura, mu gihe bari bamaze igihe kirekire mu bikorwa vy’igisirikare hanze y’igihugu.

    Cao yabimenyesheje mw’ikete yandikiye Kirsten Gillibrand, umukenguzamateka wo muri New York, yari yamubajije uko abo basirikare bamerewe.

    Abagize imiryango y’abo basirikare bari bamaze kuvuga ko batewe amakenga n’ukuntu amagara yo mu mutwe y’ababo yagenda asinzikara hamwe n’imibereho igoye bari bafise. Ivyo vyakomeye inyuma y’aho ikiringo cabo co gukorera mu Buseruko bwo Hagati cagiye kirongerezwa kubera intambara hagati ya Amerika na Iran.

    Ubwato USS Abraham Lincoln, burimwo abasirikare bashika 5.000, bwavuye muri California muri Munyonyo (11) umwaka uheze. Ikiringo cabo co gukorera hanze y’igihugu cari kurangira muri Rusama (5), ariko cagiye kirongerezwa incuro nyinshi. Ubu ubwo bwato buriko burasubira muri Amerika.

    Cao yavuze ko muri uwo mugwi hari abantu batanu bajejwe gufasha abasirikare mu vy’impwemu, hamwe n’abahinga batari bake mu kuvura ingorane zo mu mutwe.

    Igisirikare co mu mazi ca Amerika carahakanye ko kuri USS Abraham Lincoln hari ikibazo c’abantu benshi bafise ingorane zo mu mutwe. Ariko caremeye ko hari habaye ingorane zo kuronka ibintu bimwe bimwe, ko imiringoti imwe yononekaye hamwe n’ivyuma bitunganya amazi y’umunyu. Caremeye kandi ko mu kiringo gitoyi hari ubwoko bumwebumwe bw’ibifungurwa butabonetse.

    Umukenguzamateka Gillibrand yavuze ko uburyo abo basirikare bafashwe “butemewe na gato”. Yaneguye ubutegetsi bwa Trump kuba bwarafashe nk’ibinyoma amakuru yerekeye imibereho mibi yari muri ubwo bwato.

    Kwiyahura ni kimwe mu bihitana cane abasirikare bo mu mazi ba Amerika.

  6. Intambara yo muri Ukraine: Babiri bakomeretse mu gitero ca misire c'Uburusiya ku mugwa mukuru Kyiv

    Umukuru w’igisagara ca Kyiv, umugwa mukuru wa Ukraine, avuga ko ibitero vy’Uburusiya bukoresheje ibisasu vya misire vyo mju bwoko bwa ballistique vyahitanye abantu babiri, abandi batandatu barakomereka.

    Vitali Klitschko yavuze ko ibisigarira vy’ibi bisasu vyaguye mu mihingo itandukanye y’igisagara, kandi ko mu karere kamwe hashobora kuba hari abantu bazibiriwe mu bihomoka.

    Umunyamakuru wa BBC ari muri ico gisagara avuga ko mu gihe imvura nyinshi yariko iragwa, humvikanye urusaku rukomeye rw’ibiturika vy’ibisasu vya misire.

    Igisagara ca Odesa, kiri ku nkengera y’ikiyaga kinini co mu bumanuko bw’igihugu, na co catewe.

    Uburusiya buvuga ko bwarashe ibibanza vya gisirikare vya Ukraine hamwe n’amato akoreshwa mu gisirikare.

    Hagati aho, abategetsi b’Uburusiya bo mu turere tubiri two mu bumanuko bw’igihugu, Rostov na Krasnodar, batangaje ko ibisigarira vy’amadrone ya Ukraine vyononye inganda n’ibigo bitunganya igitoro.

    Ahandi, abategetsi ba Ukraine bavuga ko abantu batandatu bishwe igihe drone y’Uburusiya yatera ububiko buri hafi ya Kharkiv, aho abantu bariko baratororokanya ivyamwa n’imboga.

    Amashusho yerekana imbere mu kigangara hari bononekaye, amapome asanzagaye irya n’ino mu bisigarira.

  7. Australia: Ubwenge bw'ubukorano(AI) bwa OpenAI bwarinjiye ata ruhusha mu rubuga rwa reta

    Umushikiranganji wa mbere wa Australia, Anthony Albanese, yavuze ko ubwenge

    bw'ubukorano bwakozwe na OpenAI bwinjiyeata ruhusha mu rubuga rwa reta muri Ruheshi (6).

    Ubwo bwenge bw'ubukorano, bushobora gukora ibikorwa bwonyene bumaze guhabwa ico bukora, bwarinjiye mu rubuga rw’ibiharuro rwa Medicare, umugambi wa reta ufasha Abanya-australia kuronka ubufasha bwo kwa muganga.

    Albanese yavuze ko urwo rubuga rwarimwo amakuru atari ibanga cane. Ariko ubwo bwenge bwarashoboye kubona amadosiye yari ku mugaragaro hamwe n’ayari agenewe abakozi ba reta gusa.

    Nta kimenyetso kiraboneka c’uko amakuru y’abarwayi yoba yarasohotse, ariko amatohoza aracabandanya.

    Albanese yavuze ko yagiranye ibiganiro “bikomeye cane” n’umuyobozi wa OpenAI, Sam Altman, ku gituma ico kigo catevye kumenyesha Australia ivyabaye.

    OpenAI yavuze ko yamenye ico kibazo muri Myandagaro (8), igihe yariko irasuzuma ibikorwa bidasanzwe vy’ubwenge buhinguwe bwayo. Yabimenyesheje abategetsi ba Australia italiki 10 Nyakanga (9).

    Albanese yavuze ko ivyabaye bitemewe kandi ko bishobora gukurikiranwa n’amategeko. Yongeyeko ko Altman yemeye ko hari ingorane zabaye mu gukurikiza amategeko y’umutekano ya OpenAI.

    OpenAI yavuze ko ubwo bwenge bwariko burondera inyishu n’ibiharuro ku bibazo vyerekeye Australia mu gihe c’igeragezwa ryabereye muri ico kigo, ariko bugaca bukora ivyo butari bwategetswe.

    Amakuru bwashitseko yarimwo ibiharuro rusangi vyerekeye amagara y’abantu hamwe n’amazina y’amadosiye yo mu nzego za reta.

    Albanese yavuze ko urwego rw’igihugu rujejwe amagara y’abantu n’izindi nzego zibiri zo muri leta za New South Wales na Victoria zishobora kuba zarashitsweko hanyuma amakuru yaho akabonwa n’ubwo bwenge buhinguwe.

    Urwego rwa Australia rujejwe umutekano wo ku buhinga bwa none, Australian Signals Directorate, ni rwo ruriko rurakora amatohoza kugira rumenye nimba hari izindi nzego za reta zinjiwemwo.

    Abahinga mu mutekano wo ku buhinga bwa none bagabishije ko iki kibazo gikwiye gukangura amareta, kuko ubwenge buhinguwe bushobora gukora ibikorwa bwonyene buriko burarushiriza gukoreshwa na benshi.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Umugwi w’amahoro wa Trump watangaje umugambi w’imiriyaridi 2,45 z’amadolari wo kwubaka Gaza

    Umugwi w’amahoro wa Perezida wa Amerika Donald Trump watangaje umugambi w’imiriyaridi 2,45 z’amadolari wo gutangura gusubira kwubaka Gaza.

    Uwo mugambi watangarijwe mu nama yabereye ku ruhande rw’inama mpuzamakungu ya ONU iriko irabera i New York. Ayo mafaranga azokoreshwa mu migambi 66 mu kiringo c’amezi atandatu.

    Iyo migambi izoba irimwo kwubaka amazu, gutanga umuyagankuba hakoreshejwe amazutu no gukura imicafu.

    Ariko uwo mugwi wavuze ko hagikenewe amafaranga menshi. Naho ibihugu n’amashirahamwe vyemeye gutanga imiriyaridi 18 z’amadolari, gushika ubu imiriyoni 280 ni zo zimaze kuboneka gusa.

    Uwo mugwi uvuga ko gusubiza Gaza ku murongo no kuyubaka bushasha bizokenera imiriyaridi 71,4 z’amadolari mu myaka 10 iri imbere.

    Jared Kushner, umukwe wa Trump akaba n’umwe mu bagize urwego nshingwabikorwa rw’uwo mugwi, yemeye ko uwo mugambi umaze gucererwa mu bitari bike. Ariko yavuze ko intumbero y’iyo nama yari iyo kwerekana ko biyemeje kuwushira mu ngiro.

    Uwo mugwi uvuga ko hari intambwe imaze guterwa, harimwo uguhagarika intambara, naho bikiri ku rugero rwo hasi, hamwe n’ibikorwa vyo gutanga imfashanyo.

    Ariko umugambi uracafise ingorane zikomeye. Harimwo gucungera umutekano w’abazokorera muri Gaza, gukuraho ibisasu bitaturitse, gusambura imihora yo munsi y’ubutaka no gutunganya uburyo bushasha bwo kurongora ako karere.

    Umugwi w’amahoro washinzwe nk’igice c’umugambi wa Trump w’ingingo 20 wo kugarukana amahoro muri Gaza. Haciye iminsi, ibikorwa vyawo vyaraguwe kugira ufashe no mu yandi matati yo kw’isi.

    Izindi nkuru wosoma :

  9. Amerika yatanze imiriyoni 267 z’amadolari zo kurwanya Ebola muri Afrika

    Amerika yemeye gutanga ayandi mafaranga angana n’imiriyoni 267 z’amadolari yo kurwanya ikiza ca Ebola muri Afrika yo hagati, na canecane muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, nk’uko itororokanirizo ry’amakuru Reuters ribivuga.

    Abategetsi bakuru b’ubushikiranganji bw’imigenderanire bwa Amerika batangaje ayo mafaranga ku wa gatatu, ku ruhande rw’inama mpuzamakungu ya ONU iriko ibera i New York.

    Amerika yizeye ko n’ibindi bihugu bizotanga intererano, kugira haboneke imiriyaridi zibiri z’amadolari zikenewe mu kurwanya ico kiza.

    Ebola yamenyekanye muri Rusama (5) uyu mwaka. Yamaze kuba ikiza ca Ebola kigira kabiri mu vyahitanye abantu benshi kuva ibiharuro bitanguye kuja ahabona, inyuma y’icibasiye Afrika y’Uburengero hagati ya 2014 na 2016.

    Umushikiranganji wa mbere wa DR Congo, Judith Suminwa Tuluka, yavuze ko ico kiza ari “ikigeragezo gikomeye” ku gihugu ciwe.

    Yabwiye ikoraniro rusangi rya ONU ko kurwanya Ebola ari kimwe mu bibazo reta yiwe ishira imbere cane. Yavuze ko DR Congo, yari imaze guhagarika ibiza vya Ebola 16, iriko irakoresha abahinga n’ubumenyi yaronse mu guhangana na vyo.

    Suminwa yongeyeko ko ibikorwa vya reta, bifashwe mu mugongo n’amakungu, vyatanguye gutanga umwimbu uboneka.

    Ayo mafaranga yabonetse yatumye ayo reta ya Donald Trump imaze kwemera gutanga mu kurwanya ico kiza ashika ku miriyoni 886 z’amadolari.

    Harimwo n’imiriyoni 107 z’amadolari zatanzwe n’ubushikiranganji bwa Amerika bujejwe amagara y’abantu.

    Abategetsi ba Amerika bavuga ko ayo mafaranga azofasha kwubaka ibigo vyo kuvuriramwo abarwaye Ebola, kugura ibikoresho vyo kuyipima no gukingira abakozi bo kwa muganga bari ku rugamba rwo kurwanya ico kiza.

    Izindi nkuru wosoma:

  10. Umucamanza yategetse ubutegetsi bwa Trump kureka CNN, MS NOW na Politico bakinjira muri White House

    Umucamanza wo muri Amerika yategetse ubutegetsi bwa Perezida Donald Trump gusubiza atakirinze gusabwa uburenganzira bwo kwinjira mu nzu ikorerwamwo na perezida wa amerika ariyo White House ibimenyeshamakuru CNN, MS NOW na Politico.

    Sentare yo muri Columbia yaatanze itegeko ry’agateganyo rimara imisi 14, muri ico gihe abamenyeshamakuru b’ivyo bigo bakaba basubira kwemererwa kwinjira muri White House.

    Ivyo bimenyeshamakuru vyari vyituye ubutungane, bivuga ko kubibuza kwinjira no kubaka impapuro zibibemerera binyuranye n’ibwirizwa shingiro rya Amerika.

    Ubutegetsi bwa Trump bwari bwabwiye senntare ko ivyo bimenyeshamkuru vyatangaje amakuru y’ibinyoma ashobora kubangamira umutekano w’igihugu. Ariko umucamanza Timothy Kelly yavuze ko ata vyemezo bihagije vyatanzwe vyerekana ko kubisubiza ubwo burenganzira vyogeramira umutekano.

    Yavuze kandi ko CNN, Politico na MS NOW bishobora gutsinda urubanza, kuko White House ishobora kuba itakurikije amategeko akwiye imbere yo kubaaka ubwo burenganzira.

    White House ntaco iravuga kuri iyo ngingo.

    Abashingwamanza ba Perezida Trump barashobora gufata izindi ngingo mu butungane.

  11. Ethiopia na Tigray vyagirizanya kugaba ibitero, ibituma haba ubwoba ko intambara yosubira

    Reta ya Ethiopia hamwe n’umugambwe ugenzura intara ya Tigray iri mu buraruko bw’ico gihugu vyagirizanya kugaba ibitero, bituma haba ubwoba bw’uko intambara ikomeye ishobora gusubira kwaduka.

    Getachew Reda, umushikiranganji muri reta akaba n’umuhanuzi w’umushikiranganji wa mbere wa Ethiopia, yavuze ko abarwanyi bo muri Tigray bigaruriye ibibuga vy’indege biri muri Tigray bicungwa na reta, bongera bagaba ibitero mu ntara zibanyi za Afar na Amhara.

    Imbere y’aho, abategetsi ba Tigray bari bavuze ko igisirikare cabo cabwirijwe kuja mu "ntambara yo kwivuna". Iryo tangazo ryakurikiye amakuru y’ibitero vy’indege zitajamwo abadereva vyagabwe muri Tigray.

    Intambara yamaze imyaka ibiri muri Tigray yarangiye mu 2022. Ariko mu mezi aheze, impande zompi zagumye zagirizanya kutubahiriza amasezerano y’amahoro.

    Mw’ijambo yashikirije mu Nama Nkuru ya ONU, Perezida wa Ethiopia Taye Atske Selassie yavuze ko igihugu ciwe "cigumije cane" mu ngingo cafashe, naho hari ico yise "ukwivanga mu bibazo vyacu vyo mu gihugu kw’imirwi idushakira nabi".

    Ntiyavuze iyo mirwi iyo ari yo.

    Yongeyeko ati: "Ubutumwa bwacu ku bashaka gusambura no guteza akajagari buratomoye. Turabasaba kwubahiriza uburenganzira ntayegayezwa bw’abanyagihugu bo mu karere k’Ihembe rya Afrika bwo kubaho mu mahoro no mu mibereho myiza."

    Iyo ntambara yabaye imwe mu zahitanye abantu benshi cane muri iki kinjana. Umuhuza w’Umuryango wa Afrika yagereranije ko abantu bashika 600.000 bapfuye, mu gihe iyo ntambara yari yatumye ako karere kaja mu kigoyi.

    Ku musi w’Imana, umugambwe Tigray People's Liberation Front (TPLF), ugenzura Tigray, watangaje ko wagize urunani n’iyindi mirwi itandatu yitwaje ibirwanisho yo muri Ethiopia, rufise intumbero yo gukura ku butegetsi reta iri i Addis Ababa.

    Izindi nkuru wosoma:

  12. Perezida wa Iran yabwiye Trump ati: “Ntituzokwigera dupfukama”

    Perezida wa Iran, Masoud Pezeshkian, yabwiye Donald Trump ko igihugu ciwe kitazokwigera “gipfukama”, ariko avuga ko citeguriye ibiganiro vyo guhagarika intambara imaze hafi amezi indwi.

    Pezeshkian yabivugiye mw’ikoraniro rusangi rya ONU i New York, inyuma y’umusi umwe Trump agabishije ko ashobora “gutikiza” Repubulika ya Ki-isilamu ya Iran mu gihe amasezerano atoshikwako.

    Yavuze ati: “Uko ibihano, iterabwoba n’ibitero vyongerekana, ni ko Abanya-Iran bazorushiriza kunana. Ntituzokwigera twunamika umutwe canke ngo dupfukame.”

    Abaserukira Amerika barasohotse bava munyubakwa Pezeshkian agitangura ijambo ryiwe. Amerika ntiragira ico ivuze kuri ayo majambo.

    Perezida wa Iran yavuze ko igihugu ciwe citeguriye ibiganiro n’imigenderanire, ariko ko kitazokwemera ibiganiro birimwo iterabwoba.

    Yavuze ko amasezerano ayo ari yo yose ategerezwa gukuraho ingingo ya Amerika ibuza ubwato bwa Iran gukoresha Umuhora wa Hormuz. Yabajije igituma ibindi bihugu vyowukoresha mu gihe Iran ibuzwa kuwucamwo.

    Pezeshkian yerekanye kandi ifoto y’uwahoze ari umuyobozi mukuru wa Iran, Ayatollah Ali Khamenei, yiciwe mu gitero ca Amerika na Israel mu mpera za Ruhuhuma (2).

    Yerekanye n’amafoto y’abasivile Iran ivuga ko biciwe mu bitero vyagabwe kw’ishure ry’intango i Minab no ku kibuga c’inkino i Lamerd.

    Amerika irahakana ko yateye i Lamerd, ikavuga ko ikiriko iratohoza ivyabereye i Minab.

    Pezeshkian yavuze kandi ko Iran itazorondera ibirwanisho ruhonyanganda, ariko ko itazokwemera kwamburwa uburenganzira bwo gukoresha inguvu za nikleyeri mu bikorwa vy’amahoro.

    Ku wa kabiri, Umushikiranganji w’imigenderanire wa Iran, Abbas Araghchi, n’intumwa ya Amerika Steve Witkoff baraganiriye biciye ku bahuza ba Qatar. Iran ivuga ko yasubiriye gusaba ko intambara ihagarara, ubwato bwayo bukarekurwa kandi amatungo yayo yafashwe na Amerika akarekurwa.

    Izindi nkuru wosoma:

  13. Trump yakiriye Xi n’iteka ridasanzwe mu rugendo arimwo muri Amerika

    Perezida wa Amerika, Donald Trump, yakiriye mugenzi we w’Ubushinwa, Xi Jinping, ku kibuga ca gisirikare ca Joint Base Andrews, muri leta ya Maryland, mu ntango z’urugendo rwiwe rw’imisi itatu.

    Trump n’umukenyezi wiwe Melania Trump bakiriye Xi n’umukenyezi wiwe Peng Liyuan ku wa gatatu ku mugoroba. Bari barindiriwe n’itapi itukura y’imetero 30, umurwi w’abacuraranga b’igisirikare hamwe n’amadarapo y’ibihugu vyompi.

    Indege zibiri z’igisirikare ca Amerika zo mu bwoko bwa B-1 zaciye hejuru y’ico kibuga mu gihe hariko haracurarangwa ururirimbo ruhayagiza Amerika.

    Ni gake umukuru w’igihugu ca Amerika aja kwakirira umukuru w’ikindi gihugu kuri ico kibuga. Ubwa nyuma vyabaye mu 1962, igihe John F Kennedy yakira Harold Macmillan, ico gihe yari umushikiranganji wa mbere w’Ubwongereza.

    Ni rwo rugendo rwa mbere Xi agize i Washington kuva mu 2015. Bitegekanijwe ko we na Trump baganira ku budandaji, ubwenge buhinguwe, intambara na Iran hamwe n’ikibazo ca Taiwan.

    Ubushikiranganji bw'ikigega ca Amerika bwatangaje kandi ko ibihugu vyompi vyongereje gushika muri Nzero (1) amasezerano y'agateganyo yo kuduzaniriza amakori ku bidandazwa. Ayo masezerano yorangiye ku wa 10 Munyonyo (11).

    Mu butumwa bwasohowe n’ikimenyeshamakuru ca reta y’Ubushinwa, Xinhua, Xi yavuze ko Ubushinwa na Amerika “bikwiye kuba abafatanyabikorwa, atari abakeba”.

    Bitegekanijwe ko Trump na Xi bagirana ibiganiro bonyenei, hanyuma uyu munsi hakaba inzimano yo kubakira izoba arimwo n’abakuru b’amashirahamwe yo muri Amerika akora ivy’ubwenge buhinguwe.

    Urugendo rwa Xi muri Amerika ruzorangira ejo ku munsi wa gatanu.

    Izindi nkuru wosoma:

  14. Mwaramutse neza!

    Kaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tugiye kubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.