Perezida wa Iran yabwiye Trump ati: “Ntituzokwigera dupfukama”

Ahavuye isanamu, Reuters
Perezida wa Iran, Masoud Pezeshkian, yabwiye Donald Trump ko igihugu ciwe kitazokwigera “gipfukama”, ariko avuga ko citeguriye ibiganiro vyo guhagarika intambara imaze hafi amezi indwi.
Pezeshkian yabivugiye mw’ikoraniro rusangi rya ONU i New York, inyuma y’umusi umwe Trump agabishije ko ashobora “gutikiza” Repubulika ya Ki-isilamu ya Iran mu gihe amasezerano atoshikwako.
Yavuze ati: “Uko ibihano, iterabwoba n’ibitero vyongerekana, ni ko Abanya-Iran bazorushiriza kunana. Ntituzokwigera twunamika umutwe canke ngo dupfukame.”
Abaserukira Amerika barasohotse bava munyubakwa Pezeshkian agitangura ijambo ryiwe. Amerika ntiragira ico ivuze kuri ayo majambo.
Perezida wa Iran yavuze ko igihugu ciwe citeguriye ibiganiro n’imigenderanire, ariko ko kitazokwemera ibiganiro birimwo iterabwoba.
Yavuze ko amasezerano ayo ari yo yose ategerezwa gukuraho ingingo ya Amerika ibuza ubwato bwa Iran gukoresha Umuhora wa Hormuz. Yabajije igituma ibindi bihugu vyowukoresha mu gihe Iran ibuzwa kuwucamwo.
Pezeshkian yerekanye kandi ifoto y’uwahoze ari umuyobozi mukuru wa Iran, Ayatollah Ali Khamenei, yiciwe mu gitero ca Amerika na Israel mu mpera za Ruhuhuma (2).
Yerekanye n’amafoto y’abasivile Iran ivuga ko biciwe mu bitero vyagabwe kw’ishure ry’intango i Minab no ku kibuga c’inkino i Lamerd.
Amerika irahakana ko yateye i Lamerd, ikavuga ko ikiriko iratohoza ivyabereye i Minab.
Pezeshkian yavuze kandi ko Iran itazorondera ibirwanisho ruhonyanganda, ariko ko itazokwemera kwamburwa uburenganzira bwo gukoresha inguvu za nikleyeri mu bikorwa vy’amahoro.
Ku wa kabiri, Umushikiranganji w’imigenderanire wa Iran, Abbas Araghchi, n’intumwa ya Amerika Steve Witkoff baraganiriye biciye ku bahuza ba Qatar. Iran ivuga ko yasubiriye gusaba ko intambara ihagarara, ubwato bwayo bukarekurwa kandi amatungo yayo yafashwe na Amerika akarekurwa.
Izindi nkuru wosoma:

