Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Irani na Amerika vyaraye bisubiye kurasana, mu bitero vyahungabanije agahengwe gato kari kamaze imisi

Ubuyobozi bw'ingabo za Amerika mu karere (CENTCOM) buvuga ko bwasamburiye mu kirere ibisasu “vyinshi” vya misire za ballistique mu gitero Irani yagerageje gukora giturumbuka.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira na Dinah Gahamanyi

  1. Ghana iri mu kababaro ko gupfusha umugabo muremure cyane - "igihangange gifite ubuntu kandi gikunzwe"

    Urupfu rwa Sulemana Abdul Samed, umugabo muremure cyane muri Ghana, rwateje agahinda kenshi cyane cyane mu majyaruguru y'igihugu aho uburebure bwe bwamugize icyamamare muri ako gace.

    Uyu mugabo w'imyaka 33 yapfiriye mu bitaro kuwa mbere mu mujyi wa Tamale uri mu majyaruguru, nko mu birometero 160 (ibilometero 100) mu majyepfo y'umudugudu yavukiyemo wa Gambaga, aho yari yajyanywe kubera ibisebe ku maguru ye byari byaragize ubwandu ( infection)

    umwe mu bavandimwe be, Sulemana Abdul Kudus, yabwiye BBC ati "Buri wese yari azi ukuntu yari umunyabuntu kandi ufasha abandi. Kuva ubwo yapfaga kugeza ubu abantu benshi baracyaza mu rugo rwe kugira ngo bamenye neza ibyabaye."

    Yapimwe na BBC mu mpera za 2022 ubwo yapimwaga indwara ya gigantism, yari afite uburebure bwa metero 2.2.

    Birashoboka ko yari yarushijeho kuba muremure mbere y'uko apfa.

    Yari azwi na bose ku izina rye ry'irihimbano rya Awuche, risobanura ngo "Tugende" mu rurimi rw'ikihawusa. Uyu mugabo yari amaze igihe kinini ahanganye n'ingorane z'indwara ya Marfan syndrome, y'uturemangingo yatumye agira amaguru maremare cyane ku buryo budasanzwe

  2. Arabiya Sawudite yifatanyije na Amerika mu bitero ku mitwe y'ingabo ishyigikiwe na Irani

    Ubwato bwa gisirikare bwa Amerika bugaragara imbere mu Nyanja ya Arabiya mu kwezi kwa Gatatu

    Arabiya Sawudite yifatanyije na Amerika mu kugaba ibitero ku mutwe w’ingabo ushyigikiwe na Irani muri Iraq, mu rwego rwo gukomeza intambara yo mu Burasirazuba bwo Hagati.

    Ubuyobozi bukuru bwa gisirkare bwa Amerika (Centcom) bwavuze ko ibitero byari byibasiye "iterabwoba rishyigikiye Irani, itsinda ry'abashinzwe impinduramatwara ya kisilamu (IRGC) ryategetse kugaba ibitero ku ngabo za Amerika n'ibikorwa remezo by'ingufu bya Arabiya Sawudite".

    Iri tangazo ntiryavuze izina ry'umutwe w'ingabo. Icyakora, umutwe w'ingabo ziharanira uburenganzira bw'abaturage (PMF) wavuze ko nibura 10 mu banyamuryango bawo bishwe.

    Ibi bibaye nyuma y’uko Irani iteye ibisasu byinshi bya ballistique mu "gitero gitunguranye" ku ngabo za Amerika mu Burasirazuba bwo Hagati, nk'uko Centcom ibitangaza. Ibi biganiro bisoza igihe gito cy'imirwano hagati ya Amerika na Irani.

    Amerika yavuze ko igitero ku 21.45 GMT- saa tatu n'iminota mirongo ine n'itanu za ninjoro ku isaha zo mu Burundi no mu Rwanda kuwa Kabiri, ibisasu byose "byaburijwemo neza". Iran yavuze ko yagabye igitero ku birindiro by'Abanyamerika biri muri Yorodaniya.

  3. Videwo: Reba ubwo umutingito ukomeye wateje akaga wibasiraga u Buyapani

    Umutingito ukomeye wibasiye ikirwa cya Kyushu mu Buyapani tariki 28 ukwezi kwa karindwi, utuma abantu barenga 150.000 bava mu ngo zabo.

    Umutingito wabangamiye serivisi z'amashanyarazi mu turere dutandukanye wangiza imihanda, usenya igice cy'urukuta rw'ingoro, ndetse unasenya ikiraro cy'abanyamaguru.

    Nk’uko polisi yabitangaje, nk’uko byatangajwe n’ikinyamakuru rusange cy’Ubuyapani NHK, ingo zirenga 40.000 ziracyafite amashanyarazi.

    Abantu benshi baburiwe irengero nyuma y’uko umwotsi uguye mu ruganda rw’impapuro mu ntara ya Kumamoto.

  4. DR Congo: Icyemezo cy'urukiko cyahaye Tshisekedi amahirwe yo gutegeka manda ya gatatu

    Urukiko rw’Itegeko Nshinga rwa Repubulika ya Demokarasi ya Kongo rwemeje itegeko ry’ingenzi rya referendum, igikorwa gishobora gutegurira Perezida Félix Tshisekedi inzira yo kwiyamamariza manda ya gatatu ku butegetsi.

    Kuwa Kabiri Urukiko Rushinzwe Itegeko Nshinga rwa Repubulika ya Demokarasi ya Kongo rwemeje itegeko ry’ingenzi rigena urwego rw’amatora ya referendumu ku rwego rw’igihugu. Abacamanza barindwi basinye icyemezo kizasohoka mu igazeti y’igihugu.

    Perezida w’Urukiko yavuze ko umushinga w’itegeko wemejwe na Sena mu kwezi kwa ukwezi Gatandatu, uhuye n’Itegeko Nshinga, bityo wemeza ingingo zemerera ivugururwa.

    Perezida Félix Tshisekedi yajyanye icy’ifuzo cye kuri uru rukiko tariki 26 z’ukwezi kwa Gatandatu asaba ivugururwa ry’itegeko rigena amatora , nyuma yaho rirangije igihe cyaryo ku ya 15 Kamena(6) 2026.

    Abatavuga rumwe n’ubutegetsi bamaganye iki cyemezo, bavuga ko gishobora gutanga inzira y’impinduka mu itegeko nshinga zemerera perezida gusaba manda ya gatatu manda ye iriho ubu irangiye mu 2028.

    Ihuriro ryamashyaka atavuga rumwe n’ubutegetsi muri icyo gihugu Article 64 ryavuze ko ryahagaritse imyigaragambyo ku rwego rw’igihugu yari iteganijwe ku ya 22 Nyakanga 7, ariko ryiyemeje kwanga igerageza iryo ari ryo ryose ry’abayoboke ryo gutegura referendumu mu gihe igihugu kiri mu bibazo by’umutekano muke mu burasirazuba.

    Ryasabye Urukiko guhagarika itegeko ry’uyu munsi, rishimangira ko ibiganiro byo kurangiza ihungabana rya politiki n’amakimbirane arambye mu burasirazuba bwa Kongo bigomba gushyirwa imbere.

    Perezida Tshisekedi asigaje imyaka ibiri ngo manda ye ya kabiri ari nayo ya nyuma ku butegetsi.

    Izindi nkuru wasoma:

  5. 13 baraye baguye muri nyamugigima mu Buyapani

    Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani, Sanae Takaichi, avuga ko abantu nibura cumi na batatu (13) bahitanywe na nyamugigima/umutingito ikomeye yabaye ejo ku wa kabiri mw’izinga rya Kyushu riri mu bumanuko bw’ico gihugu.

    Madamu Takaichi avuga ko abantu benshi bakiburiwe irengero canke barindiriye gutabarwa, akongerako ko abajejwe ubutabazi ubu bari mu “rugamba rwo gusiganwa n’umwanya”.

    Abategetsi bavuga ko abantu barenga ibihumbi icenda n’amajana icenda (9.900) bahungiye mu bibanza vyateguwe kwakiriramwo abataye izabo kubera iyi nyamugigima.

    Hari ubwoba ko hari abantu bamwe bakiri munsi y’ibihomoka vy’inyubakwa y’ubudandaji yasenyutse.

    Inzu hafi ibihumbi mirongo itatu n’indwi ntizigira umuyagankuba mu gihe igihugu kiri mu bushuhe burenze urugero.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  6. Irani na Amerika vyaraye bisubiye kurasana, mu bitero vyahungabanije agahengwe gato kari kamaze imisi

    Irani yarashe ibisasu “vyinshi” vya misire za ballistique mu gitero yagerageje gukora giturumbuka ku ngabo za Amerika mu Buseruko bwo Hagati, nk’uko bitangazwa n’igisirikare ca Amerika, ni mu gihe hari hasanzwe agahengwe kari katanguye mu mpera z’indwi iheze.

    Iki gitero cabaye mw’ijoro ryakeye, isaha indwi n’iminota 45 mu masaha ya Tehran, ni ukuvuga isaha zitanu z’ijoro mu masaha ya Kigali na Gitega, ibi bisasu vyose bikaba “vyasamburiwe mu kirere”, nk’uko bitangazwa n’ubuyobozi bw’ingabo za Amerika mu karere (CENTCOM), ariko bukaba butavuze ibibanza vyatewe.

    Ishami ry’igisirikare ca Irani rijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu (IRGC) rivuga ko ryateye ikigo ca gisirikare hamwe n’ikibanza c’ubugenzuzi vy’ingabo za Amerika muri Yorodaniya rikoresheje ibisasu vya misire za ballistique. Rivuga kandi ko ryahagaritse amato atatu yunguruza igitoro mu Muhora wa Hormuz.

    Hagati aho, ingabo za Amerika n’iza Arabia Sawudite zateye “imirwi y’iterabwoba ikorana na Irani” muri Irak mu kwishura igitero cakozwe ku mabwirizwa ya Irani, nk’uko Centcom ibivuga.

    Uku kurasana kuvugwa gushobora gutuma agahengwe kari kahari hagati ya Amerika na Irani karangira, mu gihe vyari vyitezwe ko kari gutuma impande zompi zisubira ku meza y’ibiganiro.

    Amerika na Arabia Sawudite vyagavye ibitero ku “bibanza bitari bike vy’iterabwoba vyakoreshwa mu kubika no kwunguruza ibirwanisho” mu buseruko bwa Irak, nk’uko Centcom yabimenyesheje.

    Igisirikare ca Amerika cavuze ko iki cari “inyishu ikomeye ku bitero birenga 30 vy’indege zitajamwo abadereva [drones] vyategetswe na IRGC mu masaha 72 aheze”, IRGC ikaba ari impfunyapfunyo y’ishami rya gisirikare rijejwe gukingira ubutegetsi bwa Kisilamu.

    Centcom ivuga ko igisirikare ca Irani “hamwe n’imirwi y’iterabwoba ikoreshwa nayo bategerezwa guhagarika ibi bitero kugira birinde iyindi nyishu y’igisirikare ca Amerika”.

    Imbere y’aho ejo ku wa kabiri nyene, Arabia Sawudite yari yatangaje ko igisirikare cayo catangiriye congera kirasambura amadrone yari agambiriye gutera ku bigo vy’igitoro biri mu karere k’ubuseruko bw’ico gihugu.

    Umuvugizi w’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi Jenerali-Majorpo Turki al-Maliki, yavuze ko ayo madrone yarungitswe n’imirwi y’abarwanyi ifitaniye isano na Irani ikorera ku butaka bwa Irak.

    Iyi mishamirano yasubiye kwaduka inyuma y’umusi umwe gusa Perezida Donald Trump wa Amerika avuze ko hari “ibiganiro vya kivandimwe” na Irani vyariko biraba. Ico gihe, impande zompi zari zimaze iminsi itatu ikurikirana zitarasana.

    Umuhora wa Hormuz uracari ikibazo kananirabahinga mu biganiro Tehran ihakana, ivuga ko ata n’ibiriko biraba.

    Abasirikare ba Amerika nibura 624 baramaze gukomereka kuva Trump ategetse kugaba ibitero kuri Irani muri Ruhuhuma (2) uno mwaka, nk’uko amakuru ya Pentagon (ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Amerika) aheruka abigaragaza.

    Pentagon ivuga ko muri abo, 417 bakomerekeye mu gitero ciswe Operation Epic Fury, igitero ca Amerika na Israel kuri Irani.

    Ayandi makuru ushobora gusoma:

  7. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.