Umugera wa SIDA ushobora gusubira kurandagata, ni UNAIDS igabisha
Ishami rya ONU rijejwe kurwanya umugera wa SIDA (UNAIDS) rivuga ko isi ishobora kwinjira mu kaga k’ubwandu bw’uno mugera inyuma y'uko amafaranga akoreshwa mu kurwanya ikwirakwira ryawo kw'isi yose agabanutseko hafi ica gatanu mu mwaka uheze.
Mu cegeranyo casohowe ejo ku wa mbere ku musi wo kwugurura inama mpuzamakungu yerekeye SIDA muri muri Brezili, UNAIDS yavuze ko ayo mahera yagabanutse gushika ku miriyaridi zirenga indwi z’amadolari y’Abanyamerika, akaba ari yo mafaranga ari hasi cane agenewe uwo mugambi mu myaka hafi 20 iheze.
Imbere y'uko Donald Trump agaruka ku butegetsi muri Nzero (1) 2025, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zatanga ibice 75% vy'amafaranga atangwa n'ibihugu afasha mu migambi yo kurwanya umugera wa SIDA. Muri uko kwezi nyene, Trump yategetse ko imfashanyo zose zijanye n’umugera wa SIDA zihagarikwa vy'igihe gito, imbere y’uko ibikorwa bihambaye vyo kurokora ubuzima bisubira gutangura haciye iminsi mike, naho imigambi myinshi yo kuzibira ikwirakwira ryawo yagabanutse cane.
Muri ico cegeranyo c’impapuro 60, UNAIDS igira iti: "Amakungu yinjiye mu bihe birangwamwo ihungabana rikomeye rya politike n'ubutunzi, ibi bishira mu kaga intambwe itoroshe yari imaze gushikwako mu myaka itari mike mu kurwanya uno mugera.
Kigira kiti: “Hatabaye inshingano nshasha, isi ishobora gusubira mu kaga ko kubona uno mugera usubira kurandaranda”.
UNAIDS ivuga ko igabanuka ry’aya mafaranga rishobora gusubiza inyuma intambwe zari zatumye abandura umugera wa SIDA hamwe n'abahitanwa nayo bagabanuka gushika ku rugero rutigeze ruboneka mu myaka irenga 30.
Abantu bababa imiriyoni 1,2 baranduye uno mugera mu mwaka uheze, ibitigiri vy’abantu bashasha banduye bikaba vyongerekanye mu turere dutatu no mu gihugu 21, nk’uko bivugwa na UNAIDS. Iri shami rya ONU rivuga kandi ko abantu bababa imiriyoni icenda mu miriyoni 41 z’abagendana uno mugera batigeze baronswa imiti, kandi ko abashika ku 570.000 bapfuye bahitanywe n’indwara zifitaniye isano na SIDA mu 2025.
UNAIDS ibona ko intumbero isi yihaye yo kurangiza SIDA bitarenze umwaka wa 2030 ikiri kure, ikavuga ko igabanuka ry'imfashanyo, hamwe n'ibindi vyaduka nka Ebola, bibangamiye utwigoro two kurwanya uwo mugera.
Ayandi makuru kuri SIDA: