Trump avuga ko yahinduye indege inyuma y'inama ya OTAN kubera impungenge z'umutekano

Donald Trump

Ahavuye isanamu, Bloomberg via Getty Images

Insiguro y'isanamu, Donald Trump ariko araba ku ruhande rwiwe rw'iburyo, yicaye ku meza yiwe mu biro vy'Umukuru w'igihugu wa Amerika
    • Umwanditsi, Sareen Habeshian
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 4

Perezida Donald Trump yemeje ko yahinduye indege mw'ibanga igihe yava mu nama ya OTAN/NATO yabereye muri Turquie mu kwezi guheze, ngo kubera hari amakuru y'uko umutekano wiwe ushobora guhungabana.

Trump yabwiye abamenyeshamakuru ati: « Ngendera ku mpanuro z'urwego rw'iperereza n'igisirikare. Bashaka ko nsubira inyuma mu yindi ndege, indege itandukanye".

Abandanya agira ati: "Ntegerezwa gukora ivyo bambwiye".

Iryo banga rimenyekanye inyuma y'amakuru avuga ko ku wa 8 Mukakaro (7), Trump yagaragaye yurira Air Force One (indege irerura Perezida wa Amerika) imbere y'ama 'camera', ariko mu nyuma ngo aca afyuka ku ruhande rwo hirya, yurizwa imodoka itwara ibifungurwa, ajanwa ku ndege ya gisirikare mw'ibanga ntangere.

Ukwo guhindura indege ku munota wa nyuma kwatumye hibazwa nimba abantu basigaye muri ya ndege ya mbere batari bashizwe mu kaga. Ariko ku wa kabiri, Trump yavuze ko indege ya gisirikare yari yuriye ari yo ahubwo yari "mu kaga gakomeye gusumba".

Abategetsi babwiye CBS News, ikinyamakuru co muri Amerika gikorana na BBC, ko inzego z'iperereza za Amerika zari zaronse amakuru yo kwizera yerekana ko Irani yari gushobora kurasa indege y'umukuru w'igihugu hakoreshejwe misire.

Ikinyamakuru The New York Times kivuga ko iperereza ryari ryamenye ko hari umuntu yari mu micungararo y'ahariko habera inama ya OTAN/NATO, yari yabonywe afise misire irasirwa ku rutugu.

Abamenyeshamakuru hamwe n'abakozi bamwe bo muri White House (ibiro vya Parezida wa Amerika) bari mu ndege ya mbere ntibari bazi ko Trump yayikuwemwo akajanwa mu mpisho mu yindi, mu mugambi w'amayeri adasanzwe wari wateguwe neza mu guhangana n'akaga kari gushobora guterwa na Irani.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Imbere y'aha, Trump yari yavugiye mu nama yabereye Ankara ko ari we "muntu wa mbere Irani irondera".

Agira afate urugendo muri Air Force One ku wa kabiri yerekeza mu birori vyabereye muri Ohio, yagize ati: « Ndakeka ko akaga kari kahari. » Yongeyeko ati: « Nta vyinshi nigeze ndondera kumenya kuri vyo. Nama mu kaga k'iterabwoba. »

Ashimangira ati: « Ngeramiwe n'ibintu vyinshu mutazi. »

Uwo mugambi wo mu mpisho wabaye haciye umusi umwe gusa Amerika isubiriye kugaba ibitero vya gisirikare kuri Irani, inyuma y'uko ibiganiro vyo guhagarika iyo ntambara hagati ya Washington na Tehran vyari vyakwamye.

Trump yari yashitse muri Turquie ari mu ndege nshasha yo mu bwoko bwa Boeing 747-8, yari yagabiwe na Qatar, ariko mu nyuma yatangaje ko azosubira muri Amerika akoresheje Air Force One ya kera, aho yasiguye ko hazoba ari "kubera kwiyibutsa ibihe vya kera."

Ku wa 8 Mukakaro (7), amashusho yerekanye Trump ariko yurira indege ya perezida ku kibuga c'indege c'i Ankara.

Ariko nk'uko ikinyamakuru Washington Post cabitangaje, yaciye afyuka ku rundi ruhande rwa Air Force One mu mpisho, aca yurira imodoka itwara ibifungurwa yari yadugijwe hejuru gushika ku rugero rw'iyo ndege.

Yaciye ajanwa ku ndege ntoya ya gisirikare yo mu bwoko bwa C-32A, ari yo Boeing 757 yahinduwe kandi ikunze gukoreshwa n'icegera c'umukuru w'igihugu wa Amerika.

Nk'uko ico kinyamakuru kibivuga, umushikiranganji wo kwivuna abansi wa Amerika, Pete Hegseth, yuriye iyo ndege ya C-32A ukwiwe, akoresheje ingazi zo hanze, mu gisa no guhuma amaso no kwerekana ko rwari urugendo rusanzwe.

Abamenyeshamakuru hamwe na bamwe mu bakozi bo muri White House binjiye muri Air Force One, maze bahabwa itegeko ryo kuguma bugaye amadirisha y'indege. Ntibari bazi ko perezida atakiri muri iyo ndege.

Umukozi ajejwe gutunganya ibijanye n'abamenyeshamakuru bari muri yo yavuze ko vyabatangaje igihe babwirwa kugumiza amadirisha yugaye. Umwe mu bajejwe gufotora yaruguruye akanya gato idirisha, ariko bivugwa ko yaciye ategekwa kuryugara ubwo nyene.

Ivyo uwo mukozi yavuze vyasobanuwe mu cegeranyo cashizwe ahabona ku wa kabiri n'ishirahamwe ry'abanditsi n'abamenyeshamakuru bakurikirana ibikorwa vya White House.

Bavuga kandi ko babonye imodoka zibiri zitwara ibifungurwa, imwe imbere y'indege n'iyindi inyuma yayo, igihe abamenyeshamakuru bashika. Bongerako ko imodoka y'abamenyeshamakuru yari isigaye inyuma cane mu murongo w'imodoka ku kibuga c'indege, ku buryo itashoboye gufata ifoto ya perezida ariko yurira indege.

Mu vy'ubuhinga bw'itumatumanako, "Air Force One" ni izina rikoreshwa nk'indege irerura Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Ariko kuri iyi ncuro, indege ya C-32A yakoresheje izina ry'itumatumanako "Reach 18", mu gihe indege yari itwaye abamenyeshamakuru yo yakomeje gukoresha "AF1", kugira ngo amayeri ntahinyurwe.

Nk'uko ikinyamakuru New York Times kibivuga, bamwe mu bagize reta ya Trump ni bo bagumye muri ya ndege ya mbere. Iki kinyamakuru gifatira ku vyo cabwiwe n'abategetsi babiri batashatse ko amazina yabo amenyekana. Kimenyesha ko umunyamabanga wa reta Marco Rubio n'umushikiranganji w'ikigega ca reta, Scott Bessent, bari muri iyo ndege.

Trump yaciye yerekeza mu Bwongereza aho yaciye asubira kwuririra Air Force One ya kera, imbere yo kubandanya muri Amerika.

Ntiharamenyekana neza ingene Trump yavuye muri C-32A akaja muri ya ndege ya kera.

Muri urwo rugendo, Trump yaraganiriye n'abamenyeshamakuru bari mu ndege, aho yagarutse kw'iterabwoba n'akaga bituruka kuri Irani, ariko ntiyigeze avuga ku bijanye n'uguhindura indege kwari kwabaye imbere y'aho.

Abajijwe igituma abamenyeshamakuru bari bategetswe kugumiza amadirisha y'indege yugaye igihe bariko bava muri Turquie, Trump yishuye ati: « Kubera ko kumbure mwari mu ndege ishobora kuba iri mu kaga, kubera abantu babi dutegerezwa guhangana. »

Yavuze ko « yama ahura n'iterabwoba » ku buzima bwiwe, kandi ko ari « uwa mbere » ku rutonde rw'abantu Irani ishobora kuba irondera.

Jose Zamora, umuyobozi w'akarere ka Amerika muri Committee to Protect Journalists, yavuze mw'itangazo ko ubutegetsi bwa Trump « bubwirizwa gukora ibishoboka vyose kugira abamenyeshamakuru bakurikirana ibikorwa vya perezida ntibashirwe mu kaga bidakenewe. »

Yongeyeko ati: « Abamenyeshamakuru bakwiye kubimenyeshwa iyo hari akaga n'iterabwoba ry'umutekano bifise ishingiro, kugira bashobore gufata ingingo zibereye zijanye n'umutekano wabo. »