Ukraine ifise uburenganzira bwo gukoresha ibirwanisho vy'Ubwongereza ku butaka bwâUburusiya - Cameron

Ahavuye isanamu, Ukrainian Presidential Press Office/PA Wire
Umushikiranganji wâUbwongereza ajejwe imigenderanire Lord Cameron avuga ko Ukraine ifise uburenganzira bwo gufata ingingo kwâikoreshwa rwâibirwanisho ihabwa nâUbwongereza kandi ko ifise uburenganzira bwo kubikoresha mu gutera hagati mu Burusiya.
Mu rugendo rwiwe ku mugwa mukuru Kyiv, yavuze ko Ubwongereza buzokwama buha Ukraine imiriyaridi 3.75 zâamadorari yâAbanyamerika buri mwaka igihe cose bizoba ngombwa.
Lord Cameron ati: "Uku Uburusiya butera ku butaka bwa Ukraine, nibaza ko utahura igituma Ukraine yumva ko ikeneye kwivunaâ.
Uburusiya buriyamiriza ico bwita "ayandi majambo mabi cane".
Umuvugizi wâibiro vyâumukuru wâigihugu (Kremlin), Dmitry Peskov, avuga ati: "Aya ni ayandi majambo atuma icuka cunyuka kuri iyi ntambara ya Ukraine, ibi navyo bishobora kubangamira umutekano wâUbulayaâ.
Lord Cameron ntiyashigikiye mu buryo bweruye iciyumviro câuko ibirwanisho vyâUbwongereza vyokoreshwa mu gutera hagati ku butaka bwâUburusiya.
Ariko gushika ubu, Ubwongereza mu bisanzwe burumvisha - mu buryo buteruye â ko ibirwanisho bimwe bimwe, nkâiibisasu vya misire vyo mu bwoko Storm Shadow biraswa kure bikwiye gukoreshwa ku butaka bwose bwa Ukraine. Hari uturorero tutari duke twerekana ikoreshwa ryavyo mu karere ka CrimĂ©e/Crimea kihagiwe nâUburusiya, harimwo nâibitero vyakozwe ku mato yâUburusiya mu Kiyaga Cirabura.
Hagati aho, akanya gato inyuma yâaho umushikiranganji wa mbere Rishi Sunak yemeye guha Ukraine iyi mfashanyo ya gisirikare yâimiriyaridi 3.75 buri mwaka, Lord Cameron asa nâuwushimangira ko Ukraine ari yo yo nyene ikwiye kwifatira ingingo ku kungene yokoresha ino mfashanyo.
Bivugwa ko Reta Zunze Ubumwe za Amerika zasavye Ukraine guhagarika ibitero vyayo ku bigo vyâigitoro mu Burusiya, ku gutinya ko vyohava bituma ibintu vyunyuka muri ino ntambara.
Peskov yarifatiye mu gahanga kandi Perezida Emmanuel Macron wâUbufaransa, yavuze muri ino ndwi ko Uburengero "bufise uburenganzira" bwo kwihweza nimba bworungika ingabo zirwanira ku butaka muri Ukraine "ari nka hamwe ingabo zâUburusiya zotera intambwe zikomeye ku rubuga rwâintambara, mu gihe kandi Ukraine yobisaba".
Uno muvugizi wa Kremlin avuga ko aya majambo Macron yahaye ikinyamakuru The Economist ari "inzira mbi cane".
Hagati aho, muri iki kiganiro ciwe, Perezida Macron aratomora neza ko ari nka hamwe Uburusiya bwotsinda intambara bwatanguje muri Ukraine, Ubulaya ata mutekano bwokwigera buronka.
Ingabo zâUburusiya zimaze kwigarurira ibigwati bitari bike mu buseruko bwa Ukraine mu ntambwe ziherutse gutera, bitumwe nâuko Ukraine iri mu kibazo câubukene bwâibirwanisho nâingabo.
Abategetsi bâigisata ca Ukraine kijejwe igendereza baremeza kandi ko Uburusiya buriko burisuganya kugira bukore igitero rurangiza mu ntara zo mu buraruko bushira ubuseruko za Kharkiv na Sumy.
Umukuru wâigisirikare kijejwe umutekano wâigihugu, Oleksandr Pivnenko, aherutse kugabisha ko Uburusiya buriko bwitegurira "ibitero giturumbuka", kandi ko bwinjiza abantu 30.000 mu gisirikare buri kwezi.
Igitero câUburusiya kuri Kharkiv ejo ku wa gatanu cahitanye umutamakazi ku muhana iwe, mbere nâigari ya moshi yariko yunguruza abantu nayo nyene yaratewe, nkâuko bivugwa nâumukuru wâigisagara, Ihor Terekhov.
Igisirikare ca Ukraine kivuga ko ingabo zâUburusiya zishashaye cane gufata igisagara ca Chasiv Yar, kiri ku birometero 15 mu burengero bwâigisagara ca Bakhmut cabaye umusaka.
Abategetsi bemeza ko iki gisagara coshoboza ingabo zâUburusiya gutera ibisagara bikuru bikuru vyo mu buseruko nka Kramatorsk na Slovyansk. Igisirikare kivuga ko Uburusiya bwipfuza gufata Chasiv Yar imbere yâumusi mukuru wâaho Abarusiya bahimbaza Umusi wâIntsinzi ku wa 9 Rusama (5) mu kwibuka intsinzi yabo mu ntambara ya kabiri yâisi yose.
Hagati aho, umuvugizi wâigisirikare ca Ukraine arahakana amakuru avuga ko ingabo zâUburusiya zashoboye kumenera mu muhora wa Siverskyi Donetsk-Donbas mu micungararo yâiki gisagara.
Ejo ku wa gatanu Uburusiya bwavuze ko ingabo zabwo zigaruriye ibigwati bitatu mu buseruko bwa Ukraine mu ndwi zibiri ziheze.

Ahavuye isanamu, DSNS Ukraine
Umuvugizi wâigisirikare Liyetena-Koroneli Nazar Voloshyn avuga ko ingabo zateye igihugu zinjiye mu kigwati ca Ocheretyne ariko ko abasirikare ba Ukraine bariko bakora uko basho boye kwose kugira ngo bazirukane.
Inyuma nâumubonano yagiriraniye na Perezida Volodymr Zelensky i Kyiv, Lord Cameron yavuze ko Uburusiya ari bwo bwatanguje intambara kuri Ukraine kandi ko Ukraine âifise uburenganzira bwose bwo kwivuna Uburusiyaâ
Umuvugizi wâubushikiranganji bwâUburusiya bujejwe imigenderanire Maria Zakharova avuga ko amajambo yiwe ari icemeza ko Uburengero bufise uruhara mu ntambara yo kurwanya Uburusiya.
Ubwongereza bumaze gutanga amamiriyaridi atari make yâimfashanyo ya gisirikare igenewe Ukraine kuva Uburusiya butanguje intambara yuzuye muri Ruhuhuma (2) 2022, irimwo ibimodoka vyâintambara bitamenwa nâamasasu asanzwe, ibisasu ntahusha vya misire hamwe nâubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere.
Mu mwaka uheze, Ubwongereza bwaremeje ko bwari bwatanguye kurungikira Ukraine ibisasu vya misire biraswa kure vyo mu bwoko bwa Storm Shadow bishobora gushika ku birometero birenga 250.
Hagati aho, umushikiranganji wa mbere wa Ukraine Denys Shmyhal avuga ko yasavye Lord Cameron ko yofasha igihugu ciwe gusanasana ibigo ntanganguvu vyaco vyononywe nâibitero vyâurutavanako vyâibisasu vya misire vyâUburusiya.
















