Abariko barungukira za miriyaridi mu ntambara ya Iran

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Archie Mitchell
- Igikorwa, Amakuru y'ubucuruzi
- Igihe co gusoma: iminota 4
Mu gihe hirya ni hino kw'isi imiryango iharura ivyo iriko iratakaza kubera ingaruka z'intambara ya Amerika na Israel kuri Iran, kompnyi zimwe zimwe zo ziriko ziraharura miriyaridi z'inyungu ziriko zirayivanamwo.
Ukutabona iyo ibintu bitera bigana kwatewe n'iyo ntambara, no kuba Iran yarugaye umuhora wa Hormuz, bituma ubuzima buzimba gusuma kandi bikagira ingaruka ku mafaranga y'ibigo, imiryango n'amareta.
Ariko mu gihe bamwe babuze ayo bacira n'ayo bamira, abandi, bo ivyo bakora bisanzwe vyunguka cane mu gihe c'intambara gusumba ahandi canke bungukira mu biciro vy'ibitoro bihindagurika cane muri iki gihe, bariko baregeranya inyungu batari bwigere bashikako.
Ibi ni ibisata n'amakompanyi bimwe bimwe biriko birunguka za miriyaridi mu gihe intambara ibandanya mu karere k'Ubuseruko bwo Hagati.
1. Ibitoro na gaz
Ingaruka ya mbere nini y'intambara gushika ubu yabaye iduga y'ibiciro vy'amasoko ntanganguvu. hafi ica gatanu c'ibitoro na gaz bikoreshwa kw'isi bica mu muhora wa Hormuz, ariko kuva intambara itanguye mu kwezi kwa Ruhuhuma(2), ubwato bubitwara aho buhagaze n'ubu ntiburahava.
Ingaruka yabaye ifurufumbi kw'isoko ry'amasoko ntanganguvu, aho amwe mu makompanyi ya mbere manini kw'isi mu bitoro na gaz yaciye yungukira.
Bamwe mu bahungukiye cane ni amakompanyi y'Abanyaburaya.
Inyungu za BP (British Petroleum) ziyongeye incuro zirenga zibiri gushika kuri miriyaridi 3,2 z'ama dorari mu mezi atatu ya mbere y'umwaka, inyuma y'ico yise gukora neza bidasanzwe mu mbonakazoza yayo y'ubucuruzi.
Shell nayo yararenjgeje aho abahiweza ibintu m'ibindi bagereranya ko yoshika igihe yatangaza ko yaduze mu nyungu zayo z'amezi atatu ya mbere y'umwaka gushika kuri miriyaridi 6,92 z'ama dorari.
Iyindi kompanyi mpuzamakungu ikomeye, TotalEnergies, nayo inyungu zayo ziyongeye hafi ica gatatu, zishika ku miriyaridi 5,4 mu mezi atatu ya mbere ya 2026.
Ibihangange vyo muri Reta Zunze Ubunwe za Amerika ExxonMobil na Chevron vyo ayo vyinjiza yaragabanutse ugereranije n'ico gihe nyene mu mwaka uheze, kubera ihungabana ry'ihererekanywa ry'ibicuruzwa biva mu Buseruko bwo Hagati, ariko vyompi vyarabeshuje umwihwezo w'abahinga mu kugereranya inyungu zavyo kuko biguma vyunguka gusumba uko umwaka ubandanya, mu gihe igiciro c'ibitoro kikiri hejuru cane ugereranije n'igihe intambara yaduka.
2. Amabanki manini
Amabwe mu mabanki ya mbere akomeye nayo inyungu zayo zariyongeye muri iyo ntambara ya Iran.
Ishami ry'ubudandaji rya JP Morgan ryinjije ayo ritari bwigere rishikako mu mezi atatu ya mbere ya 2026, miriyari 11,6 z'ama dorari, bituma iyo banki muri rusangi igira igihe ca mbere ziza c'amezi atatu mu mwaka.
Mu yandi mabanki azwi nka ''Big Six''[Ibihangange bitandatu] - arimwo Bank of America, Morgan Stanley, Citigroup, Goldman Sachs na Wells Fargo, hamwe na aJP Morgan - yose hamwe ayo yiniije yaraduze cane muri ayo mezi atatu ya mbere y'umwaka.
Muri rusangi ayo mabanki yatangaje ko yinjije miriyari 47,7 z'ama dorari mu mezi atatu ya mbere ya 2026.
3. Ivyo kwivuna abansi
Kimwe mu bisata vyungukira cane mu ntanbara iyo ari yo yose ni igisata co kwivuna abansi, ku bwa Emily Sawiz, mukuru mu bakora umwihwezo muri RSM UK.
''Intambara yaratumye haba igihengeri mu buhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere, bituma hihutsihwa gushira uburyo mu kurondera ubuhinga bwo kwivuna misire, ubuhinga bwo kuzibira ama drone hamwe n'ibindi bikoresho vya gisirikare i Buraya na Amerika,'' nk'uko yabwiye BBC.
Hamwe no gutuma ikibazo co kwivuna abansi gica kija mu vyitabwaho cane, intambara ituma ama reta asanga akeneye guzubira kwuzuza ububiko bw'ibigwanisho, bigatuma abarondera kubigura bongerekana.
Kompanyi BAE, mu vyo ikora harimwo ibikoresho vy'indege z'intambara za F35, yavuze mu makuru yayo mashasha yo ku wa kane ko yiteze ukwiyongera cane kw'ivyo igurisha hamwe n'inyungu muri uyu mwaka.
Yavuze ko bimwe mu bibituma ari ''ibigeramiye umutekano'' kw'isi bituma ibihugu vyongereza amafaranga bishira mu gisata co kwivuna abansi, navyo bigaca bituma iyo kompanyi ihabonera akunguko.
Lockheed Martin, Boeing na Northrop Grumman, kompanyi zine za mbere kw'isi mu kugirisha ibijanye no kwivuna abansi, imwe imwe yose yatangaje ko ifise urutonde rwa mbere runini rw'abatanze komande y'ivyo bagura mu mpera z'amezi atatu ya mbere ya 2026.
Ariko agaciro k'imitahe y'ama kompanyi yo kwivuna abansi, kari kaduze cane muri iyi myaka iheze, karakorotse kuva hagati mu kwezi kwa gatatu, kubera impungenge ko ico gisata gishobora kuba gihabwa agaciro karengeje urugero.
4. Amasoko yisubiriza
Intambara yatumye kandi hagaragara cane ko bikenewe ko abantu batokwama beza amaso ku masoko ntanganguvu y'ibicukurwa mu kuzimu (ibitoro, gaz n'ibizuku), nk'uko bivugwa n'unuhinga Susannah Streeter.
Ibi vyongereza kwijukira igisata c'amasoko yisubiriza'', no muri Amerika, nk'uko Streeter avuga, aho intwaro ya Trump yatumye icivugo ''drill, baby, drill [imba mwana imba]'' gicika nk'ururirimbo mu guhimiriza kurushiriza gukoresha amasoko ntanganguvu acukurwa mu kuzimu.
Streeter yavuze ko intambara yatumye amasoko ntanganguvu yisubiriza arushiriza kubonwa nk'ayafise akamaro mu kugira amaragamo no kwihagarako iyo habaye ihungabana.
Imwe mu makompanyi yahaboneye akaryo ko kuduga ni NextEra Energy ifise icicaro muri Floride, yaduze ku rugero rwa 17% gushika ubu muri uyu mwaka mu gihe abashora imitahe bijukiye intumbero yayo.
Na kompanyi zo muri Danemark zikora mu buhinga bwo guhingura umuyagankuba uturutse ku muyaga Vestas na Orsted nazo zivuga ko inyungu yazo yongerekanye aho zerekana ko ingaruka z;intambara ya Iran zatunye igisata c'amasoko ntanganguvu yisubiriza gitera imbere.
Mu Bwongereza, Octopus Energy ubu vuba yabwiye BBC ko intambara yatumye igurwa ry'ibikoresho bifata imishwarara y'izuba bikayihinduramwo umuyagankuba ryiyongera gushika ku 50% kuva mu mpera z'ukwezi kwa kabiri.
Iduga ry'ibiciro vy'ibitoro vyatumye kandi abarondera kugura imodoka zikoresha umuyagankuba biyongera cane, amakompanyi yo mu Bushinwa akora bene izo modoka akaba ari yo aza imbere mu kuhungukira.









