Ivy'Uburusiya na Ukraine bizoherera he?

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Abantu batanu ni bo bamaze kumenyekana ko bapfuye mu bitero bikomeye Uburusiya bwagavye i Kyiv, umurwa mukuru wa Ukraine, mw'ijoro ryakeye.

Perezida wa Ukraine, Volodymyr Zelensky, yavuze ko abandi bantu batandatu bakomeretse, inyuma y'ibitero bine vy'indege vyagabwe mw'ijoro no mu gitondo co ku wa Mungu.

Inzego zijejwe gutabara zivuga ko umuriro ukomeye wari wadutse kw'isoko aho i Kyiv ubu bashoboye kuwuzimya.

Uburusiya buvuga ko ivyo bitero bwabitumbereje ku kigo ca FirePoint gikora ibice bigize misire Flamingo za Ukraine, hamwe no ku ruganda rukora ibice vy'indege zitagira abadereva.

Ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Uburusiya bumenyesha kandi ko bwarashe uruganda rutunganya ibitoro rwa Kremenchuk mu ntara ya Poltava, buvuga ko ari rwo ruha igitoro igisirikare ca Ukraine.

Hagati aho, Ukraine na yo nyene yagavye ibitero bidasanzwe ku Burusiya. Umukuru w'igisagara ca Moscou, Sergei Sobyanin, yavuze ko bamanuye drones zirenga 600.

Buramatari w'intara ya Moscou, Andrey Vorobyov, yatangaje ko iyo ntara yagabweko "kimwe mu bitero vy'ama drones bikomeye vyo muri iyi myaka vuba."

Yavuze ko ico gitero catumye haduka umuriro kuri bumwe mu bubiko bwa Wildberries, kompanyi nini kuruta izindi zose zicururiza kuri internet mu Burusiya, bituma abakozi bayo bahungishwa.

Mu ndwi za vuba, Ukraine yagumye itumbereza ibitero kuri Wildberries, ivuga ko ububiko bwayo buriko burakoreshwa nk'"ibibanza vyo kubikamwo ibikoresho" vya gisirikare.