Meloni na Trump: Ingene bacanyemwo n'ingene bigoye kwigarura

Umushikiranganji wa mbere w'Ubutariyano n'umushashatsi wa blonde i buryo ariko aramwenyura imbere ya camera mu gihe perezida wa Amerika mw'ikoti y'ubururu n'ikaruvato itukura ahagaze inyuma yiwe ariko araraba camera

Ahavuye isanamu, EPA-EFE/REX/Shutterstock

Insiguro y'isanamu, Imigenderanire y'umushikiranganji wa mbere w'Ubutariyano na Prezida Trump yarunyutse cane kuva mu 2025
    • Umwanditsi, Davide Ghiglione
    • Igikorwa, Rome
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 5

Imigenderanire hagati ya Giorgia Meloni na Donald Trump muri aya mezi aheze yarabaye mibi: kuva ku guterana amajambo mu bantu gushika ku gutukana, kandi atari rimwe, ku bantu bahora babonwa nka ba somambike ba mbere muri poritike ya Buraya.

Si kera cane aho Meloni yitwa ''Uwuvugira mu gutwi kwa Trump'', kandi ni we mutegetsi wenyene w'i Buraya yahawe intebe y'imbere igihe Trump yarahira muri Nzero(1) mu 2025.

Umuntu w'umugabo bw'ikostine y'ubururu ahaye umugongo camera ariko aravugisha umugore w'umu blonde mw'ikotu isa na beje , nae nyene ahaye umugongo camera

Ahavuye isanamu, Reuters

Mu kwezi kwa kane, ni we kandi mutegetsi wa Buraya yatowe ngo aje ku biro vy'umukuru wa Amerika mu nama yari igamije guhosha icuka kibi kivuye ku makori Amerika yari yashize ku bidandanzwa vy'i Buraya.

Nk'umuntu yatanguye asa n'uwuri hanze ya politike y'Ubutariyano, afise imizi mu mico y'Ubutariyano bw'inyuma y'intwaro z'umukazo, kandi yamaze igihe arondera kwiyerekana nk'uworoheje, nk'uwokwizerwa mu bafise ivyiyumviro bikaze vy'abashira imbere cane inyungu z'igihugu (extreme droite), uko kwiyegereza Trump ntikwigeze kubonwa n'abaraba ibintu n'ibindi nk'imigenderanire yari kugira akamaro.

Cari ikimenyetso, c'ahagaragara cane gusumba, ko yari muri urwo ruhande.

Ariko, ingendo mahindagu ya Trump yarananije Meloni, iratosekaza izina ryiwe, mu gihugu no mu makungu.

Ugucanamwo kwa mbere gukomeye kwabaye mu mpera z'ukwezi kwa gatatu, aho umushikiranganji wo kwivuna abansi w'Ubutariyano yanka ko indege za gisirikare za Amerika zija mu Buseruko bwo Hagati zikoresha ikigo ca Otan ca Sigonella muri Cicile inama nshingamateka idatanze uruhusha, ingingo ifise imizi mw'ibwirizwa nshingiro ry'Ubutariyano n'ukuba abanyagihugu baterekwa intambara.

Hahenze iminsi itari mike, ibintu vyarakomeye gusumba.

Trump yarifatiye mu gahanga Papa Leon XIV ku rubuga Truth Social mu kwezi ka kane afatiye ku kuba papa yaraneguye intambara, umukuru wa Amerika aca avuga ko papa ''afise intege nke ku bijanye n'icaha''.

Ifoto zibangabanganwa zerekana Donald Trump i bubamfu na Papa Leo i buryo

Ahavuye isanamu, Reuters and GettyImages

Meloni, umuntu atwara igihugu c'abanyakatorika cane, yavuze ko uko kwifatira mu gahanga Papa kutakwiye kwihanganirwa.

Trump ntivyamuguye neza. ''Yantangaje,'' niko yabwiye ikinyamakuru co mu Butariyano Corriere della Sera. ''Nahora nibaza ko ari umuntu w'indyamunyu.'' Yongeyeko ati: ''Nta muntu arimwo... ntakiri wa wundi, Ubutariyano ntibukiri ca gihugu tuzi.''

Mu kwezi kwa gatandatu ibintu vyasa n'ivyasubiye kumera neza. Mu nama ya G7 i Évian-les-Bains mu Bufaransa, Trump na Meloni barafotowe bari mu kiyago gikomeye bicaranye mu ntebe, abategetsi b'Ubutariyano bakaba bavuze ko cari ''ikiyago co gutomora ibintu''.

Meloni yabwiye abamenyeshamakuru ko icuka cari ciza,'' ko ata ''gokomanya amahembe'' kwabaye.

Prezida wa Amerika Donald Trump ariko aravugana n'umushikirangani wa mbere w'Ubutariyano Giorgia Meloni bompi bicaye mu ntebe

Ahavuye isanamu, Handout via REUTERS

Insiguro y'isanamu, Giorgia Meloni yafotowe ariko aravugana na perezida wa Amerika mu ntebe mu nama ya G7 mu Bufaransa

Abamenyeshamakuru nta mwanya baronse wo gusohora iyo nkuru imbere y'uko ibintu bisubira kuyangara.

Inyuma y'iminsi mike, Trump yabwiye ikinyamakuru co mu Butariyano La7 ko Meloni yari ''yinginze[Trump]'' ngo bifotozanye muri iyo nama, mu kiganiro co kuri terefone cahinduwe mu rurimi rw'igitariyano kandi kitigeze gitangazwa mu congereza.

''Yifuza kubi ifoto yiwe na nje,'' niko uwusubiramwo Trump mu gitariyano yumvikana avuga. ''Ntayo nemeye, ariko yaranteye ikigongwe.''

Melon ntiyatevye kugira ico avuze. Yaciye asohora video, mu rurimi rw'igitariyano, avuga ko ivyo Trump yavuze ari ''ivyo yaremenanije vyose,''

''Sinzi igituma Prezida wa Amerika yigenza gutyo ku bihugu bacuditse,'' niko yavuze. ''Ico novuga ni uko bibabaje kuba aterekana inyifato nk'iyo ku bansi ba Buraya... Ariko hari ikintu kimwe ategerezwa kwibuka: Yaba jewe yaba Ubutariyano ntitwigera dusega.''

Giorgia Meloni

Ahavuye isanamu, @GiorgiaMeloni

Insiguro y'isanamu, ''Ariko hari ikintu kimwe ategerezwa[Trump] kwibuka: Yaba jewe yaba Ubutariyano ntitwigera dusega'': Giorgia Meloni
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umushikiranganji w'Ubutariyano ajejwe imigenderanire, Antonio Tajani, yarafuse urugendo yari kugira i Washington.

Mu Butariyano abantu ntibatevye kugira ico babivuzeko mu mpande zose za poritike.

Perezida w'Ubutariyano Sergio Mattarella yarahagamagaye Meloni kuri terefone kugira yifatanye na we. Abagize reta y'Ubutariyano n'abashingamateka bavuze ko ivyavuzwe na Trump ari igitutsi, bitosekaza izina ry'Ubutariyano kandi bikwiye gusabirwa imbabazi, mu gihe abatavuga rumwe n'ubutegetsi nabo biyamirije ayo majambo nk'ukwifatira mu gahanga igihugu cose kudakwiye kwihanganirwa.

Trump ntiyagarukiye ngaho kuko ari i Camp David yarongeye yandika kuri Truth Social ko [Meloni] yasavye '' arasubira yongera arasubira'' ifoto, amwagiriza kugerageza ''gusubira kuba umugenzi'' kuko ubu Amerika ''yatsinze Iran mu vya gisirikare''.

Mu gihe izo mpari zariko ziracureha, iyindi yaciye yaduka ishingiye ku bigo vya gisirikare.

Ku wa gatatu uheze, umunyamabanga mukuru wa Otan, Mark Rutte, yabwiye Fox News ko hafi indege 500 zagururse ziva mu bigo vya gisikare vya Amerika mu Butariyano mu gushigikira ''Operation Epic Fury'', izina ryahawe igikorwa ca gisirikare mu ntambara Amerika na Israel vyagavye kuri Iran.

Roma ntiyabifashe neza.

Umushikiranganji w'Ubutariyano ajejwe kwivuna abansi yavuze ko ivyashikirijwe na Rutte atari ''vyo'' kandi biyovya'', ashimika ko Ubutariyano ico bwemeye gusa zari indege z'ibikoresho, atari indege z'ibikorwa vy'intambara, kandi ko bwanse ikintu cose coza kirenga uwo murongo.

Umuvugizi wa Otan mu nyuma yaratomoye ko ico Rutte yari yashatse kuvuga kwari ukwerekana ingene abivunira umwansi hamwe, Ubutariyano burimwo, bubahirije amasezerano yari ahasanzwe hagati y'ibihugu.

Ayo majambo yaravyuye ifurufumbi rya poritike mu Butariyano aho reta ya Meloni yasubiyemwo kenshi ko itigeze itanga uruhusha rwo gukoresha ubutaka bwabwo ku gikorwa kitaziguye ca gisirikare kuri Iran.

Kuri Meloni amaze igihe mu bihe bitoroshe inyuma yo gutsindwa mu matora kamarampaka kw'ibwirizwa shingiro kandi akaba yimirije amatora mu mwaka uza, haracari ibibazo vyinshi.

Azokwivyukiranya gute mu makungu? Be na Trump bazokwongera gusubiza hamwe?

''Bisa n'ibizomugora cane,'' bivugwa na Gianni Riotta, umwanditsi akaba n'icegera c'uwutwara Inama ya Reta Zunze Ubumwe n'Ubutariyano.

Yabwiye BBC ati: ''Ubushobozi bwa Meloni bwo kwubaka ikiraro ubu busa n'indoto gusa, ntiyashoboye kuba hagati y'Uburaya na Amerika.

"Yagerageje kunezereza impande zompi, kuri Ukraine, ku makori. Hanyuma Papa aravyonona: yategerezwa kumushigikira, hanyuma Trump nawe ntiyavyemera... kwa Trump uba uri umugenzi canke umwansi... aho aboneye ko ibintu bitari uko, yaciye akora ahababaza...''

Amakuru yo mu ntango y'iyi ndwi avuga ko abashikiranganji benshi bari biteguriye kutitaba umumunsi mukuru w'intahe yo kwikukira wa Amerika i Villa Taverna Meloni atitezwe kwitaba.

Icuka ubu gisa n'icacureshe kuva ico gihe.

Ariko aho abantu biteze kubona aho ibintu bigeze ni mu nama ya Otan i Ankara mu ntango z'ukwezi kuza, aho Trump na Meloni bazongera, ubwa mbere kuva mu nama ya G7, guhurira mu cumba kimwe.