Umushikirizamanza mukuru wa CPI yabogojwe kubera inyifato itabereye ijanye n'imibonano mpuzabitsina

Karim Khan arahakana ivoy yagirizwa

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Karim Khan arahakana ivoy yagirizwa
    • Umwanditsi, Anna Holligan
    • Igikorwa, Umunyamakuru ari i La Haye/The Hague
    • Umwanditsi, Robert Greenall
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 4

Abagize Sentare mpuzamakungu mpanavyaha (CPI/ICC) bakoze amatora yo kubogoza Karim Khan mu kibanza c'umushikirizamanza mukuru wayo yagirizwa inyifato itabereye ijanye n'imibonano mpuzabitsina

Khan yari yatowe nk'Umushikirizamanza Mukuru agira gatatu wa CPI mu mwaka wa 2021, yahagaritswe vy'agateganyo mu mabanga yiwe mu kwezi guheze. Ingingo yo kumwirukana yemejwe ku majwi 82.

Muri Ruheshi (6), urwego rujejwe kugenzura ibikorwa vy'iyi sentare rwasanze Khan "yararenze amategeko mu buryo bukomeye agira n'inyifato mbi ku rugero rukomeye" mu kugiriranira imibonano mpuzabitsina idakwiye n'umukozi wo hasi muri CPI, yongera agerageza kumubuza gukurikirana ivyo yamurega.

Khan abandanya yamirira kure ivyo birego vyose. Uwumuburanira avuga ko ko bazorwanya iyo ngingo bakoresheje inzira zose zemewe n'amategeko, mu kugaragaza ko ishobora kuba yafashwe hadakurikijwe amategeko canke mu buryo bubereye.

Ntibiratomoka neza ku zindi nzira z'amategeko zisigaye zoshobora gukoreshwa n'uno yahoze ari umushikirizamanza mukuru wa CPI.

Mw'itangazo ryasohowe inyuma y'itora, CPI yavuze ko "yemeye" ingingo yafashwe n'Inama idasanzwe y'Ibihugu bigize CPI, ibihugu 125, ari na vyo vyatoye ingingo yo kwirukana Khan.

Rigira riti: "Sentare izobandanya kwitwararika cane ko abakozi bayo bakorera ahatekaniwe, hatagira uwuharenganirizwa kandi harangwa n'icubahiro kuri bose".

Ariko rero, naho ico kibazo cerekeye umushikirizamanza mukuru wenyene, ingaruka zaco zishobora gufata iyo sentate yose, mbere kikanahindura ishusho y'iyi sentare imwe rukumbi ica imanza z'ivyaha vy'intambara kw'isi.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Itohoza ryakozwe kuri ivyo birego ryatumye CPI ishingwa ijisho cane kw'isi yose, rinongereza ugucanamwo imbere muri yo, mu gihe yari isanzwe ihanganye n'isekeza ritari bwigere ribaho ryo kuyica intege canke mbere no kuyisambura burundu.

Abashigikiye CPI batewe ubwoba n'uko iyi sentare ishobora kuva muri ibi bibazo itagifise inguvu kandi itagishoboye guhangana n'ivyaha bikomeye cane bibangamiye isi.

Karim Khan, umunyamategeko w'Umwongereza azwi cane, yari amaze igihe yaravuye ku kazi ku bushake kuva muri Rusama (5) 2025 kugira ahangane n'ibi birego. Aracahagaritswe kandi mu mabanga yiwe nk'umunyamategeko mu Bwongereza, inyuma y'aho urwego rugenzura abanyamategeko (Bar Standards Board) rumufatiye ibihano vy'igihe gito mu gihe rugikora itohoza ryarwo.

Khan ntiyashoboye kwitaba ibikorwa vy''itora vyabereye ku cicaro c'Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU i New York, kuko yabujijwe kwinjira muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika kubera ibihano vyafashwe n'ubutegetsi bwa Donald Trump bijanye n'itohoza CPI iriko rikora ku vyaha vy'intambara bivugwa ko vyakozwe na Israel muri Gaza.

Naho Karim Khan yakuwe ku mabanga yiwe, birasa n'uko ayo matati atazogarukira aho, mu gihe ishinzwe ijisho bikomeye, bivanye n'ukungene uru rubanza rwagenze.

Muri Rusama (5)2024, CPI yaramenyeshejwe ko Khan yagirizwa inyifato idakwiye ku mukobwa yakora muri iyo sentare, amakuru akaba yari yatanzwe n'uwundi muntu.

Urwego rwigenga rwa CPI rujejwe kugenzura ibikorwa vyayo rwaciye rutangura amatohoza, yahavuye ahagarara inyuma y'uko uwagirizwa ko yahohotewe yanse kubandanya gutanga amakuru muri iryo tohoza.

Bamwe mu banegura ingene uru rubanza rwagenze bavuga ko amatohoza yagenze nabi, bituma urwo rweko rutakarizwa icizere.

Abakoze ayo matohoza bahavuye banzura ko ata bimenyetso bikwiye vyari bihari kugira ibiregwa Khan bigire ishingiro.

Muri Gitugutu (10) 2024, haratanzwe ikindi kirego. Urubanza rwaciye rushikirizwa ibiro vya ONU bigenzura ibikorwa vy'inzego zayo (OIOS), na vyo bitangura itohoza ryimbitse ku vyagirizwa Khan bijanye n'inyifato itabereye ijanye n'imibonano mpuzabitsina hamwe no gukoresha nabi ububasha yari afise.

Iryo tohoza ryabaye kuva muri Munyonyo (11) 2024 gushika muri Kigarama (12) 2025, ryasohoye urwandiko rw'impapuro zirenga 5000 z'ivyemezo.

Ivyavuye muri aya matohoza vyaciye vyihwezwa n'umurwi w'abacamanza batatu wari ushinzwe kwemeza ko Khan yakoze icaha gikomeye, icaha kidakomeye canke nimba ata caha yakoze.

Ibi birego vyaje mu gihe CPI yari isanzwe iri mu bihe bitoroshe, aho ihanzwe n'ingorane za poritike ku rwego mpuzamakungu.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zarafatiye ibihano Khan inyuma y'uko asohoye umutahe wo guhagarika Umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu hamwe n'uwahoze ari Umushikiranganji wo kwivuna abansi Yoav Gallant, bagirizwa ivyaha bifitaniye isano n'intambara yo muri Gaza.

Muri iyi myaka ya vuba, Amerika yabandanije kwinuba CPI bikomeye.

Mu ntango z'uku kwezi, Amerika yaratanguye isekeza rishasha ririmwo inzego zose za reta rifise intego yo gusambura CPI buhoro buhoro, ivuga ko iyo sentare ibangamira ubwigenge bwayo.

Bimwe mu biri muri iri sekeza harimwo kwima abagize iyo sentare uburenganzira (visa) bwo kwinjira muri Amerika, gufata amatungo yabo, hamwe no guhatira ibihugu vy'incuti kuva muri CPI canke kwanka ko iyo sentare igira ububasha ku banyagihugu ba vyo.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Uburusiya na Israel si abanywanyi ba CPI. Ariko iyi sentare irashobora gukurikirana ivyaha vyakozwe n'abanyagihugu b'ivyo bihugu iyo vyakorewe ku butaka bw'ibihugu biri muri CPI.

Ayandi makuru kuri iyi sentare mpuzamakungu mpanavyaha, urayasanga hano: