Umuganwakazi waThailand yapfuye inyuma y'imyaka irenga itatu ari muri koma

Umuganwakazi Bajrakitiyabha

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Yari imfura mu bana indwi b'Umwami Vajiralongkorn
    • Umwanditsi, Jonathan Head
    • Igikorwa, Umumenyeshamakuru mu karere ka Aziya y'ubuseruko n'ubumanuko
    • Yakoze inkuru ari, Bangkok
    • Umwanditsi, Jonathan Head
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Umuganwakazi wa Thailand Bajrakitiyabha, yari amaze imyaka irenga itatu ari muri koma, yapfuye, nk'uko umuryango w'i Bwami wabimenyesheje. Yari afise imyaka 47.

Yaguye hasi muri Kigarama (12) 2022, igihe yariko aragirisha imyimenyerezo imbwa ziwe.

Abaganga biwe bavuze ko ukwo kugwa kwaturutse kw'ihungabana rikomeye ry'umutima ryatewe n'indwara ya 'mycoplasma' yari yateye umutima wiwe.

Urupfu rwiwe rutumye umuryango w'i Bwami muri Thailand utakaza umwe mu bawugize yari abushitse kandi yaranguye vyinshi, akaba mbere yogize uruhara rukomeye mu bijanye no gusubirira umwami.

Yari imfura mu bana indwi b'Umwami Vajiralongkorn, akaba yavutse kw'igenekerezo rya 7 Kigarama (12)1978. Umwami yamuvyaye ku mugore wiwe wa mbere, Umuganwakazi Soamsawali.

Umuganwakazi Bajrakitiyabha ariko araramutsa abayoboke b'Ubwami, mu birori vy'idini vyo kwibuka urupfu rw'Umwami Chulalongkorn, azwi kw'izina rya King Rama V, vyabereye ku kirimba gikuru i Bangkok muri Thailand, kw'igenekerezo rya 23 Gitugutu (10) 2020

Ahavuye isanamu, Reuters

Itangazo ry'i Bwami ryo ku wa Gatanu rivuga riti : "Umurwi w'abaganga waramuronkeje ubuvuzi bwa hafi cane uranamwitaho ku rugero rurengeye ibindi vyose, ariko ibintu vyabandanije kugenda bimera nabi".

Ryongerako ko yitavye Imana isaha icenda n'iminota 48 z'ijoro ku wa kane, ku bitaro vya Chulalongkorn.

Yize ibijanye n'amategeko, aho yaronse dipolome zibiri z'inyuma ya kaminuza kuri Cornell University muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Yaraciye gato mu mabanga y'ubutumwa bwa Thailand muri ONU, i New York, imbere y'uko asubira mu gihugu ciwe gukora mu biro vy'umushikirizamanza mukuru, i Bangkok, no mu bindi bice vy'igihugu.

Umwami wa Thailand Vajiralongkorn n’Umuganwakazi Bajrakitiyabha (L) bariko bararamutsa abayoboke, i Bangkok, kw’igenekerezo rya 23 Gitugutu (10), 2020

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umuganwakazi (ibubamfu) ari kumwe na se wiwe, Umwami Vajiralongkorn, n'Umwamikazi Suthida mu mwaka wa 2020
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Kuva mu 2012 gushika 2014, yari umuserukizi wa Thailand muri Autriche, aho yubatse umubano n'igisata c'ishirahamwe mpuzamakungu ONU kijejwe kurwanya ibiyayuramutwe n'ivyaha (UNODC).

Yatanguye kuvugira ku mugaragaro yerekana ko hakenewe impinduka mu vyerekeye amategeko mpanavyaha, yibanda cane cane ku bagore b'intege nke bapfungwa. Thailand iri mu bihugu bifise igitigiri kinini c'abagore bapfunzwe kw'isi.

Agarutse muri Thailand, yabaye Ambassadeur wa UNODC ajejwe ibijanye no guteza imbere iyubahirizwa ry'amategeko mu karere ka Aziya y'Ubuseruko n'Ubumanuko, abandanya no gusaba isubirwamwo ry'igisata c'ubutungane ca Thailand, aho abantu kenshi bacirirwa ibihano birenze urugero ku vyaha bito bito vyo gutunga ibiyayuramutwe.

Mu 2021, se wiwe yamugize umukuru w'umurwi w'abakozi bigenga bajejwe kumucungerera ubuzima, aca amuha ipete rya jenerale.

Umuganwakazi Bajrakitiyabha kandi yari umuntu akunda imyimenyerezo ngororamubiri, akaba kenshi yahora yitaba amahiganwa yo kwiruka intera ndende.