'Natanguye kuja mu butinyanka mfise imyaka 6, abaganga ntibabona ico bokora'

Gabby yari afise imyaka itandatu gusa igihe umubiri wiwe watangura guhinduka nk'uw'umwana yari amaze gushika mu buyabaga

Ahavuye isanamu, Gabby

Insiguro y'isanamu, Gabby yari afise imyaka itandatu gusa igihe umubiri wiwe watangura guhinduka nk'uw'umwana yari amaze gushika mu buyabaga
    • Umwanditsi, Rebecca Thorne
    • Igikorwa, ВВС
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 7

Gabby yari afise imyaka itandatu gusa igihe yatangura kuja mu butinyanka (imihango mu Kinyarwanda) ubwa mbere. Bidatevye, imishatsi itangura kumera ku bice bimwebimwe vy'umubiri wiwe, maze umubiri utangura gukora nk'uw'umwana yari amaze gushika mu buyabaga.

Ubwo nyene nyina wiwe yaciye abona ko hari ikitagenda neza, aca yihutira kumujana kwa muganga.

Gabby yabwiye BBC ati: "Abaganga bavura abana barataye umutwe, batangura kurondera kumenya ivy'ari vyo kuko batari bwigere bahura n'ikibazo nk'ico. Baranahamagaye abaganga bo ku bitaro vyo mu ntara zitandukanye bababaza ingene bovyifatamwo".

Ubu Gabby afise imyaka 26. Igihe yari afise imyaka itandatu, yasanze afise indwara yitwa ukuja mu buyabaga imbere y'igihe (puberté précoce/precocious puberty). Iyi ni indwara ituma umubiri utangura gukura no guhinduka kare cane, imbere y'igihe gisanzwe: ku bakobwa ni imbere y'imyaka umunani, ku bahungu naho imbere y'imyaka icenda.

Biragoye kumenya neza urugero rw'abarwara iyi ndwara kuko ibitigiri biratandukanye bivanye n'igihugu.

Ariko hari ikintu kimwe kizwi neza: iyi ndwara yibonekeza cane mu bakobwa kurusha mu bahungu.

Dukurikije ibiharuro vyo kw'isi yose, buri mwaka iyi ndwara iboneka ku bakobwa bari hagati ya 0,2 na 26 ku bana 10.000, mu gihe ku bahungu iboneka hagati ya 0,02 na 0,9 gusa ku bana 10.000.

Ariko ikibazo si uko gusa umwana akura hakiri kare cane.

Ubushakashatsi bwerekana ko aba bana mu buzima bwabo baba bafise ivyago vyinshi vyo kurwara ubwoko bumwebumwe bwa kanseri hamwe n'indwara z'umutima n'imitsi muri kazoza.

'Niyumva ko ntandukanye n'abandi'

Gabby yahisemwo kuvuga ku mugaragaro ku ndwara yiwe kugira ngo afashe abandi bana n'abavyeyi kutagira isoni zo kurondera ubufasha kwa muganga

Ahavuye isanamu, Gabby

Insiguro y'isanamu, Gabby yahisemwo kuvuga ku mugaragaro ku ndwara yiwe kugira ngo afashe abandi bana n'abavyeyi kutagira isoni zo kurondera ubufasha kwa muganga

Gabby ntashobora kwibuka neza ivyabaye ico gihe kuko yari afise imyaka itandatu gusa. Ariko hari ibintu bimwebimwe atigera yibagira.

Avuga ati: "Ndibuka naryamye hasi, nigoyonzora kubera ububabare burenze urugero".

Abaganga bamaze hafi umwaka wose barondera kumenya ico kibazo ico ari co. Uyu mukobwa yarakorewe ibipimo vyinshi kandi arasuzumwa n'abahinga batandukanye. Isuzuma ry'ubwonko hakoreshejwe ubuhinga bwo gufotora imbere mu mubiri buzwi nka IRM (Imagerie par Résonance Magnétique) ntiryerekanye ikibazo na kimwe cosigura igituma yari yatanguye gukura kare.

Amaherezo abaganga barashoboye kumenya indwara yiwe maze bamwandikira imiti ibuza ingaruka za ya misemburo ituma igitsina gikora uko gikora.

Gabby ati: "Niyumva ko ntandukanye n'abandi bose. Nama nsuzumwa kandi buri ndwi zitatu naterwa urushinge rwo guhagarika iyo misemburo".

Gabby yibuka ko mu gihe c'ubuyabaga bwiwe yasa n'uwukuze kurusha abo bangana.

Ahavuye isanamu, Gabby

Insiguro y'isanamu, Gabby yibuka ko mu gihe c'ubuyabaga bwiwe yasa n'uwukuze kurusha uruganwe rwiwe

Iyo miti irahagarika gato impinduka zo mu buyabaga. Ibi bituma umwana abandanya gukura mu buryo bujanye n'imyaka yiwe. Akenshi imiti irahagarikwa umwana ageze hagati y'imyaka 11 na 12, hanyuma impinduka zo mu gihe c'ubuyabaga zikabandanya mu buryo busanzwe.

Ariko igihe Gabby yatangura guhabwa imiti, umubiri wiwe wari umaze hafi umwaka uhinduka.

Avuga ati: "Numva ntashaka kwiraba mu cirore. Nasa n'uwukuze kurusha uko niyumva. Ivyo vyatumye numva nkwiye kwitwara nk'umuntu mukuru kandi mu vy'ukuri nkiri umwana muto".

Kubera iki ubuyabaga bishobora kuza kare?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abaganga batandukanya ubwoko bubiri bw'iyi ndwara.

Ubwa mbere ni ubuyabaga bw'imbere y'igihe biturutse ku dusaho dukora imisemburo ndangaragitsina irenze urugero (puberté précoce périphérique/peripheral precocious puberty, PPPP).

Ibi bishika mu gihe udusaho tw'amagi tw'umukobwa (ovaires) canke amatengatwa ku muhungu (testicules) bitanguye gukora imisemburo ndangaragitsina kare cane, bitagendeye ku mabwirizwa ava mu gace k'ubwonko kazwi nka hypothalamus, aka kakaba ari agace kagenzura imisemburo yose y'umubiri.

Akenshi ibi bifitaniye isano n'izindi ndwara, nk'utuvyimba (tumors) tuba turi mu dusaho tw'amagi canke nk'indwara y'udusabo twa adrenal (udusaho tuba hejuru ya buri fyigo dukora imisemburo itandukanye). Rimwe na rimwe kandi birashobora guterwa n'imisemburo yinjira mu mubiri, nk'akarorero biciye mu miti kanaka.

Ubwoko bwa kabiri ni Ubuyabaga bw'imbere y'igihe butangurira mu bwonko (_puberté précoce centrale/central precocious puberty_).

Ubu ni bwo bugwiriye cane. Muri iki gihe, umubiri utangura gusa n'uw'umuyabaga imbere y'igihe. Hanyuma ibintu vyose bikagenda nk'uko bigenda ku bandi bana, ariko bikaba hakiri kare cane.

Abaganga ntibashoka bamenya igituma ivyo bishika.

Mu mwaka wa 2020, abahinga basohoye icegeranyo c'ubushakashatsi bwagutse bwakorewe muri Danemark. Basuzumye amakuru y'abana basanzwe barwaye ubu bwoko hagati ya 1998 na 2017.

Basanze buri mwaka abakobwa 9,2 n'abahungu 0,9 ku bana 10.000 ari bobafatwa n'iyi ndwara.

Ariko kandi babonye ikindi kintu gitangaje: mu myaka 20 iheze, ibitigiri vy'abakobwa bafise iyo ndwara vyikuvye gatatu, na ho ku bahungu vyikuba kabiri.

Abashakashatsi bo muri Koreya y'Epfo na bo nyene barabonye ibintu bisa n'ivyo. Basanze ku bana 10.000, abakobwa 26,28 n'abahungu 0,7 ari bo bapimwa buri mwaka bagasanga bafise indwara y'ukuja mu buyabaga imbere y'igihe.

Abahinga ntibaramenya neza igituma abakobwa ari bo bakunze guhura n'iki kibazo kurusha abahungu. Bishobora kuba biterwa n'impamvu nyinshi zifatanije: umubiri, akaronda (hérédité) hamwe n'ibintu umwana akuriramwo.

Hari n'ikindi cabonywe n'abashakashatsi: muri rusangi, abakobwa bo muri iki gihe batangura gukura kare kurusha uko vyari bimeze mu myaka mirongo iheze.

Umwihwezo w'ivyigwa 44 wasohowe mu 2025 werekanye ko hagati ya 1977 na 2013, imyaka abakobwa batangurirako kumera amabere yagabanutse hafi amezi atatu kuri buri myaka cumi.

No ku bahungu haraboneka impinduka nk'izo, n'aho zitibonekeza cane.

Uruhara rw'ibidukikije n'ikaronda

Muganga Ana Pinheiro Machado Canton, umuhinga mu ndwara z'imisemburo muri Kaminuza ya São Paulo muri Brezile, avuga ko yigeze no kuvura abana bafise umwaka umwe gusa.

Mu bihe nk'ibi, akenshi ikibazo gituruka ku mpinduka ziba muri hypothalamus. Rimwe na rimwe kandi utuvyimba two mu bwonko turashobora gutuma umwana aja mu buyabaga imbere y'igihe.

Ariko ico si co conyene.

Muganga Canton n'abo bakorana bemeza ko ibintu biva hanze y'umubiri na vyo nyene bishobora kugira uruhara runini, cane cane imfungurwa n'aho umwana akuriye.

Avuga ati: "Ukwiyongera kw'abana bagira ubuvyibuhe burenze urugero ni ikibazo dukwiye kwitwararika bidasanzwe. Abana bagira ubuvyibuhe burenze urugero bakunze gushika mu buyabaga imbere y'igihe".

Abakobwa barazwe na se ihinduka ritera ugushika mu buyabaga hakiri kare

Ahavuye isanamu, Bruno Bernardi

Insiguro y'isanamu, Abakobwa barazwe na se ihinduka ritera ugushika mu buyabaga hakiri kare

Birazwi ko ibinure biri mu mubiri bishobora guhindura urugero rw'imisemburo imweimwe nka estrogen (umusemburo utuma abakobwa batangura kwerekana ibimenyetso vy'ubuyabaga) na leptin, umusemburo ugira uruhara mu gukura kw'amagufa. Abashakashatsi bemeza ko ivyo bishobora kuba kimwe mu bituma abana bamwe batangura gukura kare.

Akaronda na ko nyene gafise akamaro kanini.

Mu 2013, umurwi w'abashakashatsi bari barongowe na Prof. Anna Claudia Latronico bafadikanije n'abahinga bo muri Kaminuza ya Harvard, berekanye ubwa mbere ko ihinduka (mutation) ry'akaremangingo kazwi nka MKRN3 na ryo rishobora gutuma umwana aja mu buyabaga imbere y'igihe.

Iryo hinduka ryabonetse ku bakoba babiri bavukana, Lara w'imyaka 10 na Beatrice w'imyaka 8. Ibi vyatowe inyuma y'aho amabere ya Lara yari yakuze cane ku rugero rutari rujanye n'imyaka yiwe imbere y'aho, agifise imyaka itanu irenga.

Nyina, Leia Bernardi, avuga ati: "Naratekewe n'ubwoba bwinshi. Umukobwa wanje yari afise imyaka itanu n'amezi icumi gusa. Yari akiri muto cane".

Ibipimo vy'uturemangingo ndangakamere vyerekanye ko iryo hinduka ryavuye kuri se w'abo bana.

Kuva ico gihe, abaganga bari bamaze kumenya ko n'umukobwa mutoya na we ashobora kuzohura n'ikibazo nk'ico.

Ni co gituma igihe Beatrice yatangura kwerekana ibimenyetso vya mbere ku myaka indwi, ubwo nyene yaciye atangura guhabwa imiti.

Leia ati: "Naragize umwikomo mwinshi. Numva ko abakobwa banje banyazwe igice c'ubwana bwabo".

Ni izihe ngaruka izi ndwara zishobora gutera ?

Nk'uko bivugwa na Muganga Canton, iyo iyi ndwara itavuwe ishobora kugira ingaruka zikomeye ku magara y'umubiri no ku mutima w'umwana.

Avuga ati: "Iyumvire umukobwa afise imyaka itandatu canke indwi mugabo amabere akaba yatanguye gukura. Aca atandukana n'abo bigana n'urunganwe rwiwe. Ico ni ikigeragezo gikomeye ku mwana".

Hari n'izindi ngaruka ku magara.

Akenshi abana baja mu buyabaga imbere y'igihe bibaviramwo kuba bagufi kurusha uko bokabaye bamaze gukura.

Muganga Canton asigura ati: "Imisemburo y'igitsina ni yo igenzura ugukura kw'amagufa. Iyo itanguye gukora kare cane, umwana ashobora gukura ningoga mu ntango ariko amaherezo uku gukura kugahagarara kare kurusha uko vyategerezwa".

Ku bakobwa, ubuyabaga akenshi butangura hagati y'imyaka 8 na 13

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Ku bakobwa, ubuyabaga akenshi butangura hagati y'imyaka 8 na 13

Ubushakashatsi bwagutse burerekana kandi isano hagati y'ukwinjira mu buyabaga imbere y'igihe n'ukwiyongera kw'ivyago vyo kurwara indwara z'umutima n'imitsi.

Aba bantu kandi bakunze kurwara amakanseri amwamwe afatira ku misemburo, nka kanseri y'ibere na kanseri yo mu gitereko (_endometrium_).

Ariko ivyo ntibisigura ko izi ngaruka zidashobora kwirindwa.

Muganga Canton avuga ko iyo ikibazo kibonetse kare kandi kuvura bigatangura hakiri kare, izo ngaruka zishobora kugabanuka cane.

Avuga ati: "Tumaze imyaka hagati ya 30 na 40 dukoresha ubu buryo bwo kuvura. Bwarizwe neza kandi buratanga umwimbu mwiza cane".

Uyu munsi, Lara na Beatrice babayeho mu buzima busanzwe nk'urundi runganwe.

Ariko nyina aracibuka neza ukuntu intango yari igoye.

Avuga ati: "Igihe vyatangura, Lara yama ambaza ati: Kuki ibi vyambayeko? Kuki ntameze nk'abandi? Kuki nkeneye kwama mfata imiti?"

Beatrice (ibubamfu) na Lara (iburyo) bahawe imiti gushika bageze hagati y'imyaka 11 na 12

Ahavuye isanamu, Bruno Bernardi

Insiguro y'isanamu, Beatrice (ibubamfu) na Lara (iburyo) bahawe imiti gushika bageze hagati y'imyaka 11 na 12

Abavyeyi bizeye ko amakuru y'ivyabaye ku bana babo azofasha iyindi miryango kubona ibimenyetso biteye amakenga hakiri kare no kurondera ubufasha ku gihe.

Eka na Gabby na we nyene yahisemwo kuvuga ku mugaragaro ivyamushikiye.

Ku mbuga nyagiro, arasigura uko yabanye n'iyi ndwara kandi agatera intege abandi bumva bamaramara canke bihebuye kubera iyo ndwara.

Agira ati: "Narashavura gato kubona ata makuru menshi yariho kuri iki kibazo. Ariko igihe abantu batangura kwishura ku vyo nanditse no gusangira inkuru zabo bwite, narabonye ko vyari vyiza cane kuba naragize umutima rugabo nkabivuga ku mugaragaro".