Imvo n'imvano ku ntwaro ya Demokarasi
Buri mwaka, isi yose irahimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe demorasi. Uwo munsi uba itariki 15 ukwezi kw'icenda.
Mu majambo make, insiguro ya demokrasi ikunda gutangwa ni intwaro y'abanyagihugu, kw'izina ry'abanyagihugu no ku nyungu z'abanyagihugu.
Mu Burundi no mu Rwanda, mu karere no mu bindi bice vya Afrika, intwaro ya demokrasi yatanguye kuvugwa cane cane mu myaka ya 90.
Imbere y'aho, vyinshi mu bihugu vya Afrika vyari birongowe n'intwaro za gisirikare canke umugambwe umwe gusa kuva bironse intahe yo kwikukira.
Henshi intwaro zahinduka hakoreshejwe inguvu.
Umuzo wa demokrasi vyasigura ko abanyagihugu bagiye kuronka ijambo mu gushiraho ababatwara biciye mu matora. Imigambwe igahiganwa hagatwara uwutsinze.
Mu bihugu bimwe bimwe nka Mali, Burkina Faso, Niger, izo ntwaro ziciye ku nguvu zaragarutse mbere imigambwe myinshi irafutwa canke irahagarikwa.
Ahandi nko mu Burundi umugambwe uri ku butegetsi uramaze kuvuga ko imigambwe myinshi idateza imbere igihugu.
Mu bindi bihugu nk'Urwanda, Uganda, Tanzania, Mozambique, Angola n'ahandi, haheze imyaka mirongo ubutegetsi bwiganziwe n'umugambwe umwe gusa n'ubwo hari myinshi kandi haba amatora.
Kandi kenshi imigambwe itavuga rumwe n'uwuri ku butegetsi bariyamiriza ivyavuye muri ayo matora, imidugararo ikaduka, inganda zigatikira.
Ubu rero hari abibaza niba imigambwe myinshi n'amatora ari vyo bintu nyamukuru biranga demokarasi?
Nimba koko demokrasi ari intwaro y'abanyagihugu, kw'izina ry'abanyagihugu no ku nyungu z'abanyagihugu, abo banyagihugu barabitahura?
Demokrasi itegerezwa kuba imwe ku bihugu vyose? Ni nde yemeza ko igihugu iki canke kiriya kiriko kirakurikiza umurongo wa demokrasi?
Ibi ni bimwe mu bibazo tugiye guca hirya no hino muri iki kiganiro mwateguriwe kandi mushikirizwa na Cyriaque Muhawenayo.
Abatumire biwe muri kino kiganiro hariho Dr. Zenon Ndayisenga yigisha ivyigwa bijanye na politique muri kaminuza ya Pretoria muri Afrika y'Epfo, hamwe kandi na Prof. Ismail Buchanan, umwigisha muri kaminuza y'Urwanda ishami rya politique n'intwaro, akaba anarongoye ikigo kiraba ibibazo mpuzamakungu.