Icegeranyo gishasha ca RSF ku bwigenge bwo kumenyesha amakuru gishira u Rwanda ku mwanya wa nyuma muri Afrika y'Ubuseruko

Ahavuye isanamu, AFP via Getty Images
- Umwanditsi, Chançard Abimana
- Igikorwa, BBC Gahuzamiryango
- Igihe co gusoma: iminota 3
Icegeranyo gishasha cerekana uko ubwigenge bwo kumenyesha amakuru bwifashe kw'isi, casohowe n'umuryango Reporters Sans Frontières (RSF), cerekana ko muri Afrika y'Ubuseruko (EAC) ibintu bihindagurika, ariko ko muri rusangi bitameze neza ku bamenyeshamakuru.
Itariki ya gatatu Rusama (5) buri mwaka, ni umusi mpuzamakungu washizweho n'ishirahamwe ONU mu 1993 wo kuzirikana ubwigenge bwo kumenyesha amakuru.
Mu bihugu 180 kw'isi, icegeranyo ca RSF gishira Urwanda ku mwanya wa nyuma muri EAC – rwari ruriho no mu 2025 – mu gihe Kenya iza ubwa mbere muri aka karere.
Raba uko ibihugu umunani vyo muri EAC bihagaze muri raporo ya RSF:
- Kenya ya 106 n'amanota 50.51%
- Tanzania ya 117 n'amanota 46.22%
- Sudani y'Epfo ya 118 n'amanota 46.16%
- Uburundi bwa 119 n'amanota 46.14%
- Somalia ya 126 n'amanota 43.84%
- DR Congo ya 130 n'amanota 42.16%
- Uganda ya 131 n'amanota 41.98%
- U Rwanda rwa 139 n'amanota 39.58%
Kw'isi yose, ibihugu vyo mu Buraruko bw'Uburayi ni vyo bikiri imbere mu bihugu vyubahiriza agateka k'abamenyeshamakuru.
Ibihugu bitanu vya mbere uyu mwaka:
- Norvège n'amanota 92.72%
- Ubuholandi n'amanota 88.92%
- Estonia n'amanota 88.54%
- Denmark n'amanota 88.47%
- Suède n'amanota 87.61%
Ibihugu bitanu vya nyuma uyu mwaka:
- 180: Eritrea n'amanota 10.24%
- 179: Koreya ya Ruguru n'amanota 12.67%
- 178: Ubushinwa n'amanota 13.85%
- 177: Iran n'amanota 17.45%
- 176: Arabie Saoudite n'amanota 19.11%
Mu Rwanda vyifashe gute?
RSF ivuga ko ku butegetsi bwa Perezida Paul Kagame, Urwanda ari kimwe mu bihugu aho ibitangazamakuru bikigenzurwa cane na reta.
Ariko Urwanda rwarateye intambwe gato kuko mu 2025, rwari urwa 146 n'amanota 35.84%.
Mu Burundi ho vyifashe gute?

Ahavuye isanamu, Social Media / X
RSF ivuga ko nubwo hari ibimenyetso bimwe vyiza vyaturutse ku butegetsi bwa Perezida Évariste Ndayishimiye, ibintu bitaroroha ku bamenyeshamakuru.
Gucira imanza abanyamakuru babiri b'abagore bazira "gutyoza igihugu" vyerekana ko abanyamakuru bagihanganye n'inzitizi zikomeye cane mu kazi kabo, nk'uko RSF ibivuga.
Ariko Uburundi bwarateye intambwe ugereranije no mu mwaka uheze, aho bwari ku mwanya wa 125 n'amanota 45.44%.
Muri RDC ho ?
RSF ivuga ko muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo (RDC) hari ubwinshi bw'ibimenyeshamakuru, ariko ko mu ntara ya Kivu ya Ruguru na Kivu y'Epfo, ibimenyeshamakuru vyagizweko ingaruka cane n'intambara hagati y'ingabo z'ico gihugu (FARDC) n'umugwi witwaje ibirwanisho wa M23.
RSF ivuga ko kuva uwo mugwi ufashe Goma, wabandanije gushira igitsure cane ku bimenyeshamakuru vyo muri ako karere.
RDC na yo yaraduze ku mwanya ugereranije no mu mwaka uheze, aho yari ku mwanya wa 133 n'amanota 42.31%, ariko amanota yayo yagabanutse gato muri uyu mwaka.








