'Mwenewacu yanyegejwe mu mufuko w'umuceri' - bari impunzi none bariko basayangana mu gikombe c'isi

- Umwanditsi, Ian Williams
- Igikorwa, BBC Sport Africa
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 6
Igihe Antonio Rüdiger yinjira mu kibuga nk'umusubirizi mu rukino rwa mbere rw'Ubudagi mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi ribandanya – aho Ubudagi bwanyagiye Curaçao 7-0 ku kibuga Houston Stadium – yari azi neza ko abo mu muryango wiwe wagutse bwariko baramuraba bamwishimira.
Ariko ibintu ntibiba vyaragenze uko iyo abavyeyi b'uno mukinyi w'inyuma wa Real Madrid bataba barahunze intambara y'imyaka cumi muri Sierra Leone bagahungira i Bulaya.
"Nta kindi cari kihari atari ukuva mu gihugu", ni ko Rudiger yabwiye BBC Sport Africa.
Ati: "Naravuganye akatari gake na mwenewacu kuri iki, akaba yarambwiye amakuru y'ivyo yabonye hariya hamwe n'urugendo bagenze kuva i Kono (akarere abavyeyi biwe babamwo mu buseruko bwa Sierra Leone) gushika ku mugwa mukuru mu kurondera gukiza igufa".
Kuva i Kono gushika ku mugwa mukuru Freetown hari ibirometero vyababa 340, urugendo rutari rworoshe, aho se wabo na Rüdiger yafashe ingingo igoye kugira ngo ahungishe abishwa biwe ntibahave bafatwa n'inyeshamba ngo zibinjize mu gisirikare nk'ibindi bihumbi n'ibihumbi vy'abandi binjijwe muri iyo ntambara ku nguvu.
"Yabanyegeje mu mufuko w'umuceri hanyuma asubira inyuma kubatora maze babandanya urugendo. Rimwe na rimwe vyaba ngombwa ko barambarara bakigira nk'abapfuye kugira ngo ntibahave baraswa canke ngo banyuruzwe".
Rüdiger, ari na we muhererezi mu bana batandatu bavugana, yavukiye i Berlin inyuma y'uko umuryango wiwe wemerewe kuba mu Budagi nk'impunzi, mu gihe abandi banyamuryango na bo bagiye gutangurira ubuzima mu bindi bihugu nk'Ubwongereza na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.
Uno mukinyi w'imyaka 33 aribuka ko yakuriye muri kimwe mu bigo vy'impunzi mu Budagi.
"Twari dufise icumba, hanyuma uwundi muryango hafi yacu ukagira icumba cabo, rero twese twari hamwe.
"Vyaranyigishije cane kubera nta kintu na kimwe kiza uko nyene mu buzima. Utegerezwa gukora, utegerezwa kwitanga cane kugira ushike ku ntego zawe".
Mw'ihiganwa aho abakinyi bava mu bindi bihugu hamwe n'abafana bigaragaje cane, uno mukinyi amaze gutsindira igikombe ca Bulaya c'imirwi yabaye iya mbere iwabo (ligue des champions/ Champions League) incuro zibiri avuga ko ubu ari "igihe nyaco co gushira ijwi hejuru" mu gushigikira impunzi – kandi si we wenyene.
Alphonso Davies, kizigenza w'umurwi nserukiragihugu wa Canada, kimwe mu bihugu vyakiriye iri higanwa, yamaze imyaka yiwe yo mu bwana mw'ikambi y'impunzi muri Ghana inyuma y'uko abavyeyi biwe bahunze Liberia yasinzikajwe cane n'intambara mu myaka ya 1990 na 2000, nk'uko vyagenze kuri Sierra Leone.
"Canada isigura vyinshi kuri jewe", ni ko uno mukinyi w'inyuma wa Bayern Munich yabwiye ishami rya ONU rijejwe impunzi kw'isi (HCR) ryashize hamwe ico ryita "umurwi ushobora guhindura ibintu cane" ugizwe n'impunzi zikina umupira w'amaguru kugira berekane "ikintu gishoboka mu gihe urwaruka rwahunze intambara n'itotezwa ruronse umutekano n'amahirwe, rukakirwa neza".
"Kuja kw'ishure ku ncuro ya mbere, gushobora gukina muri uru rukino nkunda hanyuma ngashobora no kuronka abagenzi. Baratwakiriye n'umutima mwiza", niko Davies avuga ku gihugu camureze.
"Barampaye akaryo ko kuba uwo ndi ubu no kuba ico nipfuza kuba mu buzima".
Imvugo yoba iriko iratera iba iyo kwagiriza impunzi?
Mu bandi bakinyi bafise izina muri iri sekeza rya HCR harimwo uwukinana na Rüdiger muri Real Mardid, Eduardo Camavinga, abavyeyi biwe bakaba bavuye muri Angola bakaja mu Bufaransa, umukinyi wo ku ruhande wa Nigeria, Victor Moses, yimukiye mu Bwongereza inyuma y'uko abavyeyi biwe biciwe mu mishamirano y'amadini muri Nigeria mu 2002, uwahoze ari umunyegori wa Bosnie-Herzegovine Asmir Begovic - yakiriwe n'Ubudagi co kimwe na Rüdiger, inyuma yo guhunga intambara zo mu karere ka Balkan afise imyaka ine – hamwe n'umusatirizi Ali Al-Hamadi, umuryango wiwe ukaba wahunze Irak inyuma y'uko se wiwe apfunzwe n'intwaro ya Saddam Hussein.
Australia na yo nyene iraserukiwe n'abasatirizi batatu: Nestory Irankunda w'umurwi Watford, Mohamed Toure w'umurwi Norwich hamwe na Awer Mabil akina muri Castellon yo mu cicaro ca kabiri muri Espagne.
Irankunda w'imyaka 20 yaravuzwe cane mu binyamakuru inyuma y'igitsindo ciwe yinjije igihe Australia ikubita Turukiya 2-0, camutumye aba umukinyi wa mbere akiri muto wa Socceroos (umurwi nserukiragihugu wa Australia) yinjije igitsindo mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi.
Bose uko ari batatu bavukiye canke bakuriye mu makambi y'impunzi muri Afrika, ariko ubu baronse akaryo ko kwerekana ubuhinga bwabo mu mupira w'amaguru ku rwego kw'isi.
Ishirahamwe ry'abakinyi b'umupira w'amaguru babigize umwuga muri Australia ririshimira cane uruvangatirane kw'imico itandukanye muri uwo murwi, ku buryo ryakoze na videwo aho umukinyi wese avuga aho yavukiye canke inkomoko y'umuryango wiwe, kugira berekane akamaro k'ubwimukira.

Ahavuye isanamu, Getty Images
" Abana n'urwaruka ni bamwe mu bantu bahura n'amahano mu guhunga intambara, indyane n'itotezwa. Bamwe batandukana n'imiryango yabo, bakarwara agahinda, abandi nabo bagahohoterwa", bivugwa na Barham Salih, umukuru w'ishirahamwe HCR rivuga ko kw'isi yose hari abana bashika imiliyoni 48.8 bateshejwe izabo.
Ariko nubwo abakinyi bahoze ari impunzi bariko bashimagizwa muri iki gikombe c'isi, hari impungenge ku bijanye n'uko abantu bariko bahindura ingene babona impunzi.
Rüdiger agira ati: "Amakuru avugwa asa n'uko atanguye kwagiriza impunzi", kandi ko impuhwe zigirirwa impunzi mu makuba bacamwo iyo bariko bahunga intambara zaragabanutse.
"Nk'uko bisanzwe, haraba abeza n'ababi. Ubuzima ni uko, twese ntituri intungane. Ariko ikibazo ni iki: iyo umuntu umwe akoze nabi, bica bisigura ko bose ari babi?"
"Ntivyumvikana gushira ico caha ku bantu bose, ntibibereye. Kuko hari abantu baza ino bashaka vy'ukuri guhindura ubuzima bwabo, bakora neza, bagagerageza kwiga. Bariga ururimi, bakaja kw'ishure, kandi bakagira ico bashikako mu buzima".
Trump yagabanije cane igitigiri c'impunzi
Ivyiyumviro vya Rüdiger ku gaciro k'impunzi bisa n'aho bihushanye cane n'ivy'ubutegetsi bwa Amerika mu kiringo ca Perezida Donald Trump kigira kabiri.
Mu kwa mbere 2025, akimara kurahira gusa, Trump yateye igikumu kw'itegeko rihagarika umugambi wa Amerika wo kwakira impunzi (US Refugee Admissions Programme, USRAP), avuga ko rizoha akaryo inzego z'igihugu ko gushira imbere umutekano w'igihugu n'uw'abanyagihugu.
Kuva uwo mugambi wa USRAP utangujwe mu 1980, impunzi zababa imiriyoni 3.7 zarakiriwe muri Amerika, harimwo Abanyafrika 504.000.
Muri Gitugutu (10), ubutegetsi bwa Trump bwavuze ko butazorenza impunzi 7500 muri uno mwaka w'amafaranga, hagashirwa imbere cane cane abazungu b'Abanyafrika y'Epfo inyuma y'aho Trump avugiye ivy'ihonyabwoko rikorerwa Aba Afrikaner, ibirego bitagira ishingiro.
Ibiharuro biheruka biva mu bushikiranganji bujejwe imigenderanire vyerekana ko bashize mu ngiro ivyo biyemeje, aho hakiriwe impunzi 6.069 mu mezi indwi kuva kuri Gitugutu gushika muri Ndamukiza (4) – aho bose, kiretse batatu muri bo, bavuye muri Afrika y'Epfo.
Biratandukanye n'umwaka wa nyuma wa Perezida Biden aho impunzi 100.034 ari zo zakiriwe muri Amerika, 34.017 muri zo zikaba zavuye mu bihugu 32 vyo muri Afrika. Repubulika ya Demokarasi ya Congo ni yo yavuyemwo benshi (19.923), igakurikirwa na Somalia (4.801), Eritrea (2.411) na Sudani (2.184)
Basigura ko ico cemezo co kugabanya igitigiri c'impunzi gushika ku rugero ruto cane rutari bwigere rubaho "gishingiye ku mpamvu z'ubutabazi canke inyungu z'igihugu", ariko ishirahamwe Human Rights Watch riraciyamiriza ko "umugambi mubi ushingiye kw'ivangura ruhu".

Ahavuye isanamu, Getty Images
"Birababaje kubona ubu, abantu bacinyizwa kurusha abandi muri Afrika no kw'isi yose bazibiwe", niko Krish O'Mara Vignarajah, umukuru w'ishirahamwe Global Refuge ridaharanira inyungu z'amafaranga, ryigeze gukorana n'ubushikiranganji bujejwe imigenderanire bwa Amerika mu guha ubuhungiro impunzi, yabwiye BBC Sport Africa.
Ati: "Ico tuzobona [mu Gikombe c'Isi] ni Amerika izomara iri ci ryose yigina cane ivyo abantu bashobora gushikako iyo bahawe amahirwe.
"Ariko abategetsi ba Amerika bamaze umwaka wose bakora uko bashoboye kugira ngo abantu bake cane baronke ayo mahirwe, iki ni igihushane ceruye kandi kibabaza".
Iyi ngingo ya Amerika iratandukanye kandi na Canada bifatanije mu gutegura iri higanwa. Mu kiringo c'imyaka 10, ibihariro vy'Urwego rwa Canada rujejwe gukingira impunzi (RPD) vyerekana ko abantu 9.972 basavye ubuhungiro bakiriwe mu 2016, bariyongera gushika ku 50.067 mu 2025.
Ibihugu 38 vya Afrika ni vyo biboneka mu biharuro vya vuba, aho benshi mu basavye ubuhungiro kandi bakiriwe ari abanya-Nigeria.
Mu kwezi guheze, amashirahamwe arenga 120 yarasohoye impapuro zo kugabisha abaja muri Amerika, bivuye ku vyo yita "uruhigi rw'ubugome kandi rw'ubukozi bw'ikibi ubutegetsi bwa Trump buriko burakora ku bimukira" ananegura umukuru wa FIFA Gianni Infantino kubera ubucuti bwiwe bwa hafi na Trump.
Naho ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi rivuga ko "ryiyemeje kwubahiriza uburenganzira bwa muntu mu bikorwa vyose bijanye n'iryo higanwa", Global Refuge ivuga ko ubutegetsi bwa Trump buriko burafata nabi n'impunzi zisanzwe zifise uruhusha rwo kuba mu gihugu.
Amerika yakiriye Igikombe c'Isi ku ncuro ya mbere mu 1994, umwaka impunzi zirenga 100.000 zahawemwo ubuhungiro muri ico gihugu.
O'Mara Vignarajah agira ati: "Ico gihe twari tuzi ko kwakira isi no guha ikaze isi vyari ibintu bigendana.
"Ariko bisa n'aho ubu twavyibagiye."
Abakinyi b'ibihangange nka Rüdiger na Davies bizeye ko bazokwibutsa abantu ivyo, mu gihe bariko barakinira ibihugu vyabakiriye hamwe n'imiryango yabo.












