Menya ibi bitero bidasanzwe vya Amerika vyahitanye canke vyafashe Osama, Saddam na Gaddafi?

Gaddafi, Sadam na Osama

Ahavuye isanamu, AFP/Getty

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 5

Reta Zunze Ubumwe za Amerika zimaze imyaka itari mike zirongoye ibikorwa bigamije gufata canke kwica abarongoye imirwi y'iterabwoba canke abahoze ari abakuru b'ibihugu bagirizwa ivyaha bitandukanye.

Mu bantu bahizwe buhongo cane harimwo uwahoze ari Perezida wa Iraki Saddam Hussein, uwahoze ari Perezida wa Libya Muammar Gaddafi, hamwe n'uwahoze arongoye umurwi Al-Qaeda, Osama bin Laden.

Ntaco inzego z'igendereza za Amerika zitakoze kugira ngo zishikire iyo ntumbero.

Iyo umuntu abaye umukuru w'igihugu canke w'umurwi kanaka, kimwe mu bintu nyamukuru akora ni ugukingira icubahiro ciwe n'umutekano wiwe. Ibi ni vyo vyatumye gufata canke kwica aba bategetsi biba igikorwa kitoroshe.

None ibi bitero bidasanzwe vyakozwe kuri aba bagabo vyagenze gute?

Igitero kuri Osama bin Laden

Inzego z'umutekano n'igendereza za Amerika zakoze igikorwa cari kigambiriye gufata canke kwica Osama bin Laden. Uyu mugabo yahoze arongoye Al-Qaeda yari amaze imyaka ahigwa kubera ivyaha bitandukanye, harimwo n'ibitero ntibagiranwa vyo kw'itariki ya 11 Nyakanga (9) 2001 vyagabwe kuri Amerika.

Iki gitero cahawe izina rya "Neptune Spear" cari kimaze amezi atari make gitegurwa ariko cakozwe mu minota mikeyi gusa muri Rusama (5) 2011.

Umugwi w'ingabo zidasanzwe za Amerika wavuye muri Afghanistan, ufata urugendo mw'ijoro, rwabashikanye ku birometero nka 192 imbere muri Pakistan, aho Osama bin Laden yari yinyegeje.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Izi ngabo zagiye muri kajugujugu zarashitse, zitera bukwi na bukwi inzu yaronderwa, zica abantu batanu, harimwo na Osama bin Laden.

Haciye iminota 40, zarisubiriye inyuma zitwaye ikiziga ca Bin Laden hamwe n'ibice vy'imashini nyabwonko vyarimwo amakuru y'igendereza yerekeye Al-Qaeda n'integuro z'ibikorwa vyayo.

Ibindi biziga babisize aho, harimwo ic'umugore umwe hamwe n'ic'umwe mu bana ba Bin Laden. Basize kandi abagore batatu hamwe n'abana 13, abahungu 11 n'abakobwa 2, bose baboheshejwe amapingu.

Ico gikorwa cabaye ku wa 2 Rusama (5), inyuma y'uko Barack Obama yari perezida wa Amerika ico gihe atanze uruhusha rw'ico gitero, inyishu yiwe ikaba yatanzwe mu gitondo co ku wa gatanu, igenekerezo rya 29 Ndamukiza (4).

Imbere y'uko ico gitero gitangura, ingabo zidasanzwe zo mu murwi uzwi nka SEAL Team Six zahagurutse ku kigo ca gisirikare ca Amerika kiri i Jalalabad muri Afghanistan, ziri muri kajugujugu zibiri zizwi nka Black Hawk zari zarahinduwe ku bw'ico gikorwa. Hari n'izindi kajugujugu zaherekeje izi ngabo mu kwitegurira guhangana n'ikintu cose kitari citezwe cari guhava kiba.

Izi kajugujugu zarinjiye muri Pakistan mu mwiza w'ijoro, mu gacerere, gushika ahitwa Abbottabad, ari naho Osama bin Laden yikekwa ko yari yinyegeje.

Osama

Ahavuye isanamu, AFP

Aba ba SEALS (izi ngabo ziadasanzwe) bakoze iki gitero bari 23, bari kumwe n'umusiguzi (interprete) hamwe n'imbwa yamenyerejwe ibikorwa vya gisirikare, yari izwi kw'izina rya Cairo.

Integuro yari uko imwe muri izo kajugujugu yari kumanukira ku gisenge c'iyo nyubakwa ndende yari izwi ko ihaye indaro Osama yari arimwo, hanyuma ingabo zikururukira ku migozi y'iyi kajugujugu. Intego kwari ugukora iki gikorwa mu gacerere, ata muntu n'umwe barinze kuvyura. Gusa si ko vyagenze, kuko imwe muri zo yagize ikibazo, ica iragwa gihutihuti ariko nta musirikare n'umwe wa Amerika yapfuye.

Bamaze gushika kuri iyo nyubakwa yari ikikijwe n'uruzitiro rw'intsinga, barinjiye, batangura gusaka icuka kimwe kimwe ku kindi, gushika aho baboneye Osama bin Laden bakamwica.

Igihe urwego rujejwe igendereza ryo hanze, CIA, rwatanguza iki gitero muri Rusama 2011, reta ya Amerika yafashe ingingo yo kutamenyesha Pakistan igihe izo kajugujugu zari kwinjira muri ico gihugu.

Amerika yatinya ko hari uwoshobora gushikiriza inkuru Bin Laden, bikatuma atoroka.

Igitero co gufata Saddam Hussein

Ku wa 13 Kigarama 2003, ingabo za Amerika zatanguje igitero ciswe Operation Red Dawn hafi y'igisagara ca Ad-Dawr, mu bumanuko bwa Tikrit muri Iraki, cagiye kuvamwo ifatwa rya Saddam Hussein akiri muzima.

Ico gikorwa cari citiriwe filime yasohotse mu mwaka wa 1984.

Inyuma y'uko Saddam Hussein yomowe ku butegetsi muri iyo ntambara yo muri Irak, igisirikare ca Amerika caciye gitangura kumuhiga buhongo hamwe n'abandi bategetsi bakuru bo mu butegetsi bwiwe.

Uru ruhigi rwamaze amezi atari make, hegeranywa amakuru y'igendereza yava mu mpfungwa, mw'igendereza rya gisirikare, no mu banyagihugu.

Amakuru y'igendereza yavuye ku muntu yari afitaniye ubucuti bwa hafi na Saddam Hussein, yari yafashwe, yashikanye ingabo za Amerika mw'itongo riri mu mitumba, hafi y'igisagara c'amavukiro yiwe ca Tikrit.

Ingabo zabanje gusaka ibibanza bibiri vyakekwamwo Saddam Hussein imbere y'uko bamusanga aho yihishije mu bwihisho bwari bwubatswe munsi y'ubutaka buzwi kw'izina rya "spider hole". Nk'uko vyatangajwe n'abategetsi ba gisirikare, Saddam ntiyarwanye igihe bamubona, ahubwo yaciye yishikana.

Saddam Hussein

Ahavuye isanamu, AFP

Koroneli James Hickey, yari arongoye ico gikorwa, yavuze ko amakuru yafashije mu gufata Saddam Hussein yavuye kuri uyo muntu w'incuti ya hafi yafatiwe i Baghdad.

Naho imbere y'aho ako karere kari karigeze gusakwa, birashoboka ko Saddam atari ahari ico gihe kuko yaguma ahunga ava aha aja ahandi kugira ngo ntibamenye aho yari aherereye. Ibi vyatumye ingabo zariko ziramuhiga zitoroherwa kumenya aho yari ari.

Igihe ingabo za Amerika zafata Saddam Hussein, nta bikoresho vy'itumanako batoye vyari kwerekana ko yari akigenzura ingabo. Gusa ibi ntivyashobora kwemeza ko ata sano yari agifitaniye n'abahoze bashigikiye intwaro yiwe.

Ingabo zasatse aho yari yinyegeje zahatoye amafaranga angana n'amadolari y'Abanyamerika 750.000, hamwe n'inkoho zibiri za Kalachnikov (AK 47).

Muammar Gaddafi

Gaddafi

Igihe ikizwi nka Arab Spring catangura muri Tunisia mu Kigarama (12) 2010, Libya ntiyari mu bihugu vyari vyitezwe ko iyi migumuko yariko irakwiragira mu bihugu vy'Abarabu yari kuyigirako ingaruka.

Muammar Gaddafi yari arongoye ico gihugu kuva mu 1969, aho yari amaze imyaka irenga mirongo ine agitwaza ukuboko kw'icuma. Mu gihe bamwe mu bamushigikiye babona ubutegetsi bwiwe nk'isoko ry'umutekano n'ituze mu gihugu, abamunegura bobo bamwagiriza intwaro y'agahotoro n'uguhonyanga uburenganzira bwa muntu.

Igihe imyiyerekano yashika muri Libya mu ntango za 2011, yaje kuvamwo intambara aho imirwi yitwaje ibirwanisho yarwanije ubutegetsi bwa Gaddafi. Inyeshamba zahavuye zishira hamwe mu muhari wari uzwi nka National Transitional Council (NTC), wagiye wigarurira ibice bitari bito vy'igihugu.

Uko intambara yabandanya ikomera, Inama nkuru y'Umutekano kw'isi mw'ishirahamwe mpuzamakungu ONU yafashe icemezo co kurungika ingabo mpuzamakungu zo gukingira abasivire. Ivyo vyatumye muri Ntwarante (3) 2011 harungikwa ingabo z'urunani rwo kwivunira umwansi hamwe OTAN/NATO ruhurikiyemwo ibihugu bisangiye Uburaruko bw'ibahari Atlantiki. Izi ngabo zarimwo Abanyamerika, abafaransa n'Abongereza. Mu bikorwa vyazo, habayemwo ibitero vy'indege vyagabwa ku ngabo za reta ya Gaddafi.

Ibi bitero vy'indege vya OTAN ni vyo vyafashije aba barwanyi gusatira ingabo za reta, bituma Gaddafi atakaza ubutegetsi, ava ku mugwa mukuru Tripoli ahungira mu gisagara ciwe c'amavukiro ca Sirte, kimwe mu bibanza vya nyuma vyagumye bigenzurwa n'ingabo zimushigikiye.

Ku wa 20 Gitugutu (10) 2011, Gaddafi yagerageje guhunga Sirte ari mu murongo w'imodoka nyinshi zafashe urugendo, ariho indege ya OTAN yarashe uno murongo w'imodoka, urugendo ruba rurapfuye, abari muri rwo barasanzara.

Inyuma y'ico gitero c'indege, abarwanyi ba wa muhari NTC batoye Gaddafi aho yari yinyegeje mu muyoboro wo munsi y'ubutaka utwara amazi hafi ya Sirte. Yafashwe ari muzima, ariko yakomeretse. Yagiye gupfa haciye igihe gito mu buryo gushika ubu butavugwako rumwe.