Brésil: Itangwa ry'ikarata zitukura 51 mu rukino rumwe rw'umupira w'amaguru ryaciye umuhigo kw'isi

    • Umwanditsi, Ffion Wynne
    • Igikorwa, Umumenyeshamakuru w'inkino wa BBC
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 2

Ikarata zitukura 51 – za mbere nyinshi kw'isi – ni zo zatanzwe muri Brésil mu rukino rw'umupira w'amaguru, mw'ihiganwa ry'abatarenza imyaka 20, rwaranzwe n'imishamirano hamwe n'akajagari bikomeye.

Muri urwo rukino rubanza rw'igice ca kabiri gishira ica nyuma rwahuje, ku wa Mungu, imirwi Uberlandia na Mamore mu ntara ya Minas, abakinyi 43 hamwe n'abakozi umunani b'imirwi bo mu gisata co kumenyereza barirukanywe mu kibuga.

Imbere y'aho, igitigiri kinini c'ikarata zitukura zari zimaze gutangwa mu rukino rumwe cari 36. Zari zatanzwe mu 2011, mu rukino rw'ihiganwa ryo mu cicaro ca gatanu muri Argentine, rwari rwahuje imirwi ya Club Atletico Claypole na Victoriano Arenas.

Ikimenyeshamakuru co muri Brésil, O Tempo, cavuze ko inzego z'umutekano zahamagawe kubera ibice bitandukanye vy'ikibuga ca Parque do Sabia vyari vyononekaye cane.

Nk'uko bivugwa muri raporo y'umuhagarikizi, mu gice ca kabiri c'urukino harabaye ugutana mu mitwe hagati y'abakinyi, inyuma y'uko umukinyi wa Mamore yitwa Davi asomborokeje, mu gutyoza, abagize umurwi wa Uberlandia bari bicaye ku ntebe y'abasubirizi, mu gihe umurwi wiwe wariko wigina igitsindo ca 3 kuri 1.

Umumenyereza w'abanyezamu ba Uberlandia, Paulo Sergio Dias Dos Santos, yaciye yinjira mu kibuga yiruka aja guhangana na Davi. Ivyo vyatumye haduka imishamirano no kurwana hagati y'abakinyi, bikurikirwa no kwirukanwa kwabo mu kibuga, mu gihe imbere y'aho hari hamaze kwirukanwa abandi bakinyi batatu.

Raporo y'igipolisi ivuga ko imiryango 14 yari yabomowe, ibikoresho vyo mu bwogero birononekara, amadirisha aramenagurika, hamwe n'intebe, amameza n'ibindi bikoresho vyo kwicarako birasamburwa.

Urukino rwabanje guhagarikwa mu kiringo c'iminota hafi 40, imbere y'uko umuhagarikizi Fernando Patrick Drosghic Modesto afata ingingo yo kuruhagarika burundu.

Inyuma y'ivyo, umurwi Uberlandia watangaje icese ko wemeye ko utsinzwe urukino rwo gusubiriza rw'ico gice ca kabiri gishira ica nyuma, kuko Mamore wari usigaranye abakinyi indwi gusa bashobora gukina, bivuye kw'ikarata zitukura zose zatanzwe.

Uberlandia yavuze ko iyo ngingo ari ikimenyetso c'"ukwubaha no gukurikiza ubutungane" (gesture of fair play), ibizoca bituma Mamore uja mu gice ca nyuma c'ihiganwa, mu gihe Uberlandia wo uzokwitegurira urukino rwo kurondera ikibanza ca gatatu.