Ni gute abaganga bakuye ibuye ry'ibiro 3 mu gasaho k'umukoyo k'umugabo ?

Umuganga abaga yambaye impuzu z’akazi z’ibara ry’icatsi kibisi n’agafukamunwa, afise mu minwe ibuye rinini ryakuwe mu gasaho k’umukoyo k’umurwayi.

Ahavuye isanamu, Trincomalee General Hospital

Insiguro y'isanamu, Abaganga bo muri Sri Lanka bakuye mu gasaho k'umukoyo k'umugabo ibuye rinini rifise uburemere bw'ibiro bingana n'ivy'umwana ageze kuvuka
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Muri Sri Lanka umurwi w'abaganga uvuga ko wakuye ibuye ripima ibiro 3,1 mu gasaho k'umukoyo k'umugabo - ibuye bibaza ko rishobora kuba ari ryo rinini kuruta ayandi yose amaze kuboneka muri ubwo buryo.

Iki gikorwa cabereye ku bitaro vyo mu gisagara ca Trincomalee, mu buseruko bw'ico gihugu.

Umurwari yari umugabo w'imyaka 55. Yari yajanywe mu bitaro inyuma y'uko afashwe n'ingwara y'uguturika kw'udutsi two mu bwonko (AVC). Ariko igihe yariko aravurwa, abaganga bahavuye babona ko afise iyindi ngorane ijanye no kwihagarika, baca bamugirira ibindi bipimo gurtyo basanga afise iryo buye mu gasaho k'umukoyo.

Baciye bafata ingingo yo kumubaga bararikurayo. Bavuga ko ryari rifise ibiro bingana n'ivy'umwana ageze kuvuka, rikangana n'irigi ry'inyoni nini cane yitwa Autruche.

Dr Pragalathan Balakrishnan, yari ahagarariye ibikorwa, yabwiye BBC Sinhala ati: "Dufatiye ku makuru ahari ubu, ni ryo buye rinini kuruta ayandi yose yigeze gusangwa mu gasaho k'umukoyo, kandi yakuwemwo harinze kuba ukubaga."

Abandanya avuga ko umurwayi ameze "neza cane."

Dr Balakrishnan amenyesha ko iryo buye rishobora kuba ryari rimaze hagati y'imyaka itanu na cumi riri mu gasaho k'umukoyo k'uwo mugabo.

Amabuye asangwa mu gasaho k'umukoyo akomoka ku vyunyuvyunyu biba biri mu mukoyo vyibumba bigacika ibintu bikomeye.

Kenshi bibaho iyo ako gasaho kadashoboye gusohora umukoyo wose, uwusigayeyo ugaca wiyegeranya ugahinduka amabuye.

Iyo ari utubuye dutoduto, tungana n'intete z'umusenyi, turashobora kwikurayo two nyene ubwatwo tugahera. Ariko guhera ku bimanyu birenza ubunini bwa santimetero imwe, birashobora kubuza umukoyo gusohoka bikaba ngombwa ko umuntu abanza kubarwa. Ikimanyu kimaze kurenza santimetero 4, gifatwa nka "kinini cane".

Nk'uko bivugwa n'igisata gisesangura ibijanye n'imihigo Guinness World Records, ibuye rinini kuruta ayandi yose ryari rimaze gutorwa mu gasaho k'umukoyo, ryari ryakuwe mu murwayi wo muri Brésil mu 2003. Ryari rifise ikilo 1 n'amagarama 9, rikagira uburebure bwa santimetero 17,9.

Ibuye riherutse gukurwa mu gasaho k'umurwayi muri Sri Lanka ryari rifise uburebure bwa santimetero 18,7.