Fally Ipupa yaraye yambitswe umudari w'iteka

Fally Ipupa

Ahavuye isanamu, PRESIDENCE RDC/X

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Perezida Félix Antoine Tshisekedi wa Repubulika ya Demokarasi ya Congo yaraye yambitse umudari w'iteka umuririmyi rurangiranwa w'iki gihugu Fally Ipupa Nsimba, inyuma y' ibiteramo bibiri bikomeye yaremeshereje ku kibuga Stade de France i Paris mu kwezi guheze kwa Rusama (5).

Fally Ipupa ni we muririmvyi wa mbere w'Umunyafrika avuga igifaransa, kandi aba ku mugabane wa Afrika, yashoboye kuririmbira ku kibuga kizwi cane nk'ico.

Perezida Tshisekedi yavuze ko aka gashimwe kadahawe umuririmvyi gusa, ahubwo ko ari ukugaragaza kandi "ubuzima bwiwe, indero, ukwihangana, ibikorwa, ijwi, ingene yiyerekana ku ruvyiniro (scène/stage) hamwe n'ubushobozi budasanzwe bwo gushikana umutima w'Abanyekongo mu bindi bihugu."

Tshisekedi yongeyeko ati: "Biciye mu muziki wawe, hari igice ca Congo kizunguruka, kigakundwa, kigahuza abantu kandi kikavugana n'isi yose".

Perezida Tshisekedi yaboneyeho n'akaryo ko guha icubahiro ibihangange vyatumye umuziki wa Congo umenyekana kw'isi, harimwo Papa Wemba, Evoloko Jocker, Jossart N'Yoka Longo na Zaiko Langa Langa, Koffi Olomide, Werrason, JB Mpiana na Ferré Gola.

Ku bwiwe, umwe wese abandanya guserukira igihugu mu buryo bwiwe no mu bakunzi.

Yashimangiye ko iki cubahiro atari "ico gushira itandukaniro na rimwe hagati y'impano zitandukanye canke ngo gifunge inzira. Ahubwo gifungura inzira, inzira y'igihugu kizi guha agaciro abana baco igihe bagikorera neza, bagatuma kimenekana kandi bagatera abandi intege."

Ku wa gatatu, ku mboneshakure y'igihugu hasomwe itego ry'umukuru w'igihugu ritangaza ko Fally Ipupa adugijwe ku rwego rwa Chevalier de l'Ordre National du Léopard, maze ivyo Perezida Tshisekedi yemereye abanyagihugu mu kiganiro n'abanyamakuru ku wa 6 Rusama (5) biba bigeye mu ngiro.

Fally Ipupa yatanguye umwuga wiwe w'umuziki aririmbana n'umunyamuziki rurangiranwa mugenzi we, Koffi Olomidé, haraciye imyaka mirongo itatu, uno musi akaba afise abakunzi amamiliyoni mu bihugu bitandukanye kw'isi.

Nk'umunyamuziki azwi cane mu bushobozi bwiwe bwo kuririmba mu midiho itandukanya, indirimbo ziwe zirimwo izo yakoze ari mu mirwi nka Talent Latent na Quartier Latin International, hamwe n'ama-album umunani yasohoye ari wenyene.

Aka gashimwe gahawe uno munyamuziki w'imyaka 48 gatangwa n'umukuru w'igihugu gusa kagahabwa abantu bakomeye cane gusumba abandi mu gihugu.