Kugurisha imitahe y'Igikombe c'Isi ku bikorera utwabo: Gianni Infantino yarengeje urugero?

Ahavuye isanamu, Getty Images
Kugurisha imitahe y'Igikombe c'Isi ku bikorera utwabo: Gianni Infantino yarengeje urugero?
Gianni Infantino arongoye ishirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi avuga ko ari umugambi ufise intumbero yo kwugururira umupira w'amaguru abantu bose.
Yamara, itangazo rya FIFA rivuga ko ishaka kugurisha imitahe yo mu mahiganwa yayo y'umupira w'amaguru - harimwo n'Igikombe c'Isi - ku bikorera utwabo, biciye ku bahuza basanzwe ari abafatanyabikorwa ba Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump.
Uwo mugambi waratangaje wongera urashavuza cane abafana, abanyapolitike hamwe n'inzego zijejwe umupira w'amaguru mu mihingo itandukanye y'isi.
Insiguro nyamukuru Infantino atanga mu kuwusigura, ni uko ayo masezerano amaze kuja mu ngiro, igihugu cose kiri muri FIFA kizoronswa imfashanyo ya miliyoni 40 z'amadolari y'Abanyamerika yo guteza imbere umupira w'amaguru.
Infantino yashinze uwa 19 Nyakanga (9), nk'itariki ntarengwa kugira amashirahamwe y'umupira w'amaguru yo mu bihugu bigize FIFA abe yemeje uwo mugambi. Ayo mashirahamwe niyamara kuwemeza, rimwe ryose rizoca rihabwa ubwo nyene ingunga ya mbere y'imiliyoni 20 z'amadolari kuri za miriyoni 40 zizoba zitegekanijwe.
Ni yo ngingo ikomeye cane kandi y'ukwubahuka kurusha izindi zose zafashwe n'uwo Munya Suisse, yibona nk'indongozi y'isi ku rugero rumwe n'abakuru b'ibihugu canke abashikiranganji, mu myaka cumi iheze kuva atorewe kurongora FIFA.
Inkuru yose ni mukanya...











