Muhoozi yategetse iyugarwa rya NTV Uganda n'ibindi binyamakuru

Abasirikare bafise ibigwanisho bakikuje ahakorera vy’ikinyamakuru Daily Monitor mu karere ka Namugongo i Kampala, kandi babandanya gucunga ako karere.

Ahavuye isanamu, Daily Monitor/Socials

Insiguro y'isanamu, Abasirikare bafise ibigwanisho bakikuje ivyicaro vy'ikinyamakuru Daily Monitor mu karere ka Namugongo i Kampala, kandi babandanya gucunga ako karere.
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 3

Umukuru w'ingabo za Uganda, General Muhoozi Kainerugaba, yavuze ko imboneshakure yo muri Uganda NTV n'ikinyamakuru Daily Monitor bitazokwugururwa adatanze uruhusha.

Mu butumwa yashize kuri X, Muhoozi yavuze ko ivyo binyamakuru bibiri vyugarwa guhera uyu munsi.

Mu bundi butumwa, yavuze ko atemera ukwidegemvya kw'ibinyamakuru muri Uganda kandi ko ibinyamakuru bikwiye kugendera ku ngingo ngenderwako z'impinduramatwara.

''Kuva ubu, ibinyamakuru vyose vyo muri Uganda bizokurikiza amategeko,'' niko Muhoozi yanditse.

Mu gitondo co ku wa Mungu, abasanzwe baraba NTV na Spark TV basanze atakiboneka kuri television zabo hariko ubutumwa buvuga ko ibiganiro vy'ivyo binyamakuru bitahari.

Ibikorwa vya Daily Monitor co kimwe na KFM na radiyo Dembe FM vyakozweko n'iyo ngingo.

Gushika twandike iyi nkuru, ingabo za Uganda, igiporisi ca Uganda n'urwego rwa Uganda rujejwe ibimenyeshamakuru nta tangazo ry'icese vyari bwasohore kugira bisigure impamvu zatumye haba ico gikorwa canke ishingiro ry'amategeko rw'uko kwugara ivyo binyamakuru.

'Ntiturabwirwa gushika ryari ibinyamakuru muri Uganda biguma vyugawe', niko Daily Monitor yanditse kuri X.

Ivyabaye vyatumye hongera kuvyuka amakenga ku kwidegemvya kw'ibinyamakuru muri Uganda, aho inzego z'ibinyamakuru zama zatewe igitsure na reta kandi zigahura n'intambanyi mu bikorwa vyazo.

Ububasha bwa Muhoozi buguma bwiyongera

General Muhoozi Kainerugaba akubise isarudi

Ahavuye isanamu, Kainerugaba @Mkainerugaba_

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Abihweza ibintu n'ibindi bavuga ko hari ibimenyetso vyerekana uko inguvu z'umumukuru w'ingabo, Gen Muhoozi Kainerugaba zigenda ziyongera mu mugambwe uri ku butegetsi kandi ashobora kuzosubirira se, Prezida Yoweri Museveni.

Amaze imyaka 40 ku butegetsi ubu akaba afise imyaka 81.

Nk'uko amakuru aturuka ku bantu ba hafi y'ibiro vy'umukuru w'igihugu abivuga, ububasha bwo ku kirimba bwarakwiragijwe, ku buryo ingingo zahora zifatwa na Museveni ubwiwe ubu zica mu mugwi muto w'abavandimwe n'inchuti za hafi bamaze igihe kirekire bakorana.

Bivugwa ko gahunda za Museveni za buri munsi zigenzurwa n'umukobwa wiwe w'imfura, Natasha Karugire.

Imigenderanire n'abanyacubahiro baturutse mu mahanga n'abayobozi bakuru b'ingabo ahanini icungwa n'uwo bavukana kuri nyina, Salim Saleh, mu gihe ubucuruzi na poritiki y'ubutunzi bigengwa n'umukwe wiwe, Odrek Rwabwogo, yarongoye umukobwa wa Museveni wa kabiri, Patience.

Ibijyanye n'umutekano imbere mu gihugu n'inyuma, bigenzurwa n'umukuru w'ingabo, Gen Kainerugaba w'imyaka 51.