Tanzania: Ikambi ya Nduta yahoramwo impunzi z'Abarundi yugawe icese

Ahavuye isanamu, Social Media
Ikambi ya Nduta yahoramwo bamwe mu mpuzi z'Abarundi muri Tanzania uyu munsi yugawe icese n'abategetsi ba Tanzania n'ishami rya ONU riraba impunzi HCR.
Ni inyuma y'uko impunzi z'abarundi zahora muri iyo kambi kuva mu 2016 zose zisubijwe mu Burundi, igikorwa cari kimaze amezi atari make.
Ubu hasigaye abo mw'ikambi ya Nyarugusu baharugwa mu bihumbi birenga 20.
Impunzi z'Abarundi zahora muri iyi kambi muri iyi minsi zabwiye BBC Gahuzamiryango ingene zakubaguwe mu bikorwa vyo kuzitahura "ku nguvu". Ishami rya ONU riraba impunzi ryavuze ko biriteye impungenge.
Mw'ijambo ryiwe, Sudi Mwakibasi umukuru w'igisata kijejwe impunzi mu bushikiranganji bwa Tanzania bujejwe intwaro yo hagati mu gihugu yavuze ko impunzi zirenga ibihumbi 166 zatahukanywe.
Uwo mutegetsi yavuze ko izo mpunzi zose zatahukanywe ku gushaka kwazo.
Umurindi wongerejwe cane kuva mu ntango z'uyu mwaka aho hagiyeb haratahanwa ibihumbi barenga umunani ku ndwi kandi Tanzania, Uburundi na HCR bari bumvikanye ko hari kuja haratahanwa ibihumbi bitarenga bitatu ku ndwi.
Sudi Mwakibasi, yamenyesheje ko ikambi ya Nduta ibaye iya kabiri yugawe mu myaka itanu.
Iya mbere ikaba yari iya Mtendeli muri district ya Kakonko yugawe mu kwezi kwa kabiri mu 2021, bamwe mu mpunzi zayibamwo zikaba zari zimuriwe mw'iyo kambi ya Nduta.
Vyitezwe y'uko hazoca hakurikira iyugarwa ry'uruhande rw'impunzi z'Abarundi mw'ikambi ya Nyarugusu muri District ya Kasulu isanzwe ihaye indaro Abarundi n'abakongomani.
Kuva mu myaka ya 1970, Tanzania yagiye irakira impunzi z'abarundi uko igihugu cabo cagiye kiraca mu ruhagarara n'indyane za politike n'ubwoko ku buryo impunzi zigeze gushika ku bihumbi birenga amajana atanu. .
Mu 2014, ibihumbi 162 vya bamwe mu bari barahungiyeyo mu 1972 barahawe ubwenegihugu bwa Tanzania.












