Imyaka 19 irarumanye kuva Lucky Dube agandaguwe

Ahavuye isanamu, LEE ABELL
Imyaka 19 irarangiye kuva Lucky Philip Dube, umuririmvyi yari rurangiranwa mu mudiho wa reggae, akomoka muri Afrika y'Epfo, yishwe arashwe.
Yagandaguwe kw'igenekerezo rya 18 Gitugutu umwaka wa 2007, i Johannesburg, akaba ico gihe yari afise imyaka 43.
Lucky Dube ni we yari kw'isonga ico gihe mu baririmvyi b'umudiho wa reggae bari bamaze kugurisha albums nyinshi muri Afrika y'Epfo. Yagiye aronka ubushimwe butandukanye haba mu gihugu ciwe no ku rwego mpuzamakungu kubera indirimbo yari yaratunganije zigaragaza agacinyizo n'agatotezo abanya Afrika y'Epfo bagirirwa mu gihe c'intwaro ya 'apartheid'.
Album yiwe ya mbere yitwa « Rasta Never Die ». Ku ntwaro y'abazungu, yari yarabujijwe kuvuzwa mu maradiyo atandukanye yo muri Afrika y'Epfo.
Bamwe n'abandi babona ko iragi Lucky Dube yasize rirenga na kure imbibe zijanye no kuvuza umuziki canke kuririmba.
Yibukwa nk'umwe mu baririmvyi ba reggae bakomeye cane muri Afrika, yakoresha indirimbo ziwe mu gushikiriza ubutumwa buvuga ku mwidegemvyo, ukungana kw'abantu imbere y'amategeko, ivangura rishingiye ku rukoba, akarenganyo n'agateka ka kiremwa muntu.









