Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Bunker yo mu gihe c'intambara y'ukwikekana igiye guhindurwa inzu z'akataraboneka abantu 'bazohungiramwo ku muhero w'isi'
- Umwanditsi, Giancarlo Cininni
- Igikorwa, BBC
- Yakoze inkuru ari, Debert, Nouvelle-Écosse
- Umwanditsi, Antonia Zwissler
- Yakoze inkuru ari, Debert, Nouvelle-Écosse
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 5
« Uvuye aha, ushobora kuja ahari ho hose »: ico ni co civugo c'ikibanza kitamenyerewe ariko kirangurirwamwo imirimo runaka mu karere ka Debert, n'ubwo umuntu ashobora kwibaza ko ari mu gahinga ka nyaganande.
Ku birometero 113 gusa mu buraruko bwa Halifax, muri Nouvelle-Écosse, ku nkengera y'ibuseruko bwa Canada, hari ikibanza cahoze ari ikambi, aho abasirikare ibihumbi n'ibihumbi bagirira imyimenyerezo bakanahahererwa inyigisho zitandukanye mu gihe c'intambara ya kabiri y'isi.
Uno musi, aho hantu hari inyubakwa za kera n'amaparikingi y'imodoka, ariko nta bantu benshi bahari. Ni akarere kari hagati mw'ishamba.
Ariko utereje ijisho ku musozi munini wuzuye ubwatsi kuri imwe mu mpera z'iki kibanza, uca ugira umwizero w'uko kazoza keza, ubuzima bw'akanyamuneza n'agahimbare bw'ejo hazoza bishobora kwubakwa hano.
Jonathan Baha'i, umutunzi ruhebwa w'Umunya Canada azwi cane mu bijanye n'amafaranga y'ubuhinga bwa none (cryptomonnaies), ategekanya guhindura ico kibanza co mu kuzimu cari cubatswe - ku buringanire bwa metero kwadarato 6.000 - kugira abantu bacinyegezemwo mu gihe c'ibitero vya nikleyere. Ubu rero, avuga ko agiye kugihindura kugira abatunzi ruhebwa bashobore kuzogihungiramwo hamwe hoba ibiza canke ivyago n'amagume biteye ubwoba rwose bikaba no ku rugero rwo gusenyura ibiri kw'isi.
Uwo mugambi w'inzu 50, uzoshirwa mu ngiro na sosiyete Baha'is Fallout Complex Inc. Uzotanga ama 'services' atandukanye, harimwo ibifungurwa vy'ubuziranenge buri ku rwego rwo hejuru, ubuhinga bwo kwinjira hakoreshejwe ibimenyetso vy'umubiri (biométrie). Ibikorwa vy'ubuvuzi bizoba birangurirwa aho nyene, kandi umutekano uzocungerwa amasaha 24 kuri 24.
Abazoba bapanze muri izo nyubakwa, bazoba bategekanirijwe indege zabo bwite zishobora kugwa ku kibuga gitoya kizoba categuwe muri ako gace ka Debert, impande y'izo nyubakwa.
Baha'i amaze kugura ico kibanza kizwi cane kw'izina rya « The Diefenbunker », mu 2013, yabanje kuba arakoresha uwundi mukenyuro w'ubutunzi kugira abe arinjiza amafaranga. Harimwo inkino zo kurwana no kurasa hakoreshejwe imishwarara zizwi nka 'laser tag', ibikorwa vyo gutembereza abantu imbere muri ico kibanza kugira bibonere ivyiza biriyo. Hariyo kandi n'ikigo gitoya c'ububiko bw'amakuru(data center).
Paul Mansfield, umwe muri bene iki agira ati: " Muri iyi myaka ibiri iheze, kw'isi harabaye ihungabana rikomeye gusumba uko vyari vyifashe mu myaka 30 iheze ».
Yongeyeko ati: « Ivyo vyatumye abantu basubira kwitaho cane iciyumviro kijanye n'ingene bokwikingira mu gihe c'akaga runaka gakomeye, ni ukuvuga "bunker yo guhungiramwo mu gihe c'umuhero w'isi". »
Iyo sosiyete izokorana n'ikigo co mu Budagi citwa Bespoke Home and Yacht Security. Nk'uko Mansfield abivuga, ico kigo kiramaze no gucungera umutekano w'icegera c'umukuru w'igihugu wa Amerika, JD Vance, hamwe n'umukinyi w'amareresi akomeye, Kim Kardashian, n'ubwo urutonde rw'abakiriya baco rudashirwa ku mugaragaro.
Mansfield avuga ko mu ngingo z'umutekano zasabwe na Bespoke ku nyubakwa nshasha, aho inzu 11 muri izo 50 zamaze kugurishwa, harimwo gukoresha ama 'drones' mu gukurikirana umutekano w'aho hantu.
Nk'uko integuro y'ibicapu yo gusubiramwo izo nyubakwa ivyerekana, hazoba kandi harimwo ikibanza giteye imbere kigenewe kuruhukiramwo kizwi nka 'spa', icumba co kugiriramwo 'yoga' hamwe n'ikibanza kizoba kigenewe kunywerwamwo itabi.
Muri izo nyubakwa n'ico kibanza hazoba hari ubwoko bw'amatara agezweho kandi ahanitse akozwe ku buhinga bwa OLED, azoba yakozwe ku buryo yigana umuco w'izuba. Bunker yegereye ubutaka, izokoreshwa mu bikorwa vy'uburimyi kugira haboneke ibifungurwa.
Mu gihe ba nyene izo nzu bazoba batahari, zizoca zipangishwa nk'amahoteri gurtyo amafaranga azovamwo agaburwe hagati ya bene inzu n'ikibanza.
Igiciro co kugura izo nzu hamwe n'amahera yo kuzipangishako vyagizwe ibanga.
Ibijanye na 'Bunker' 7
Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Canada, John Diefenbaker, yarategetse ko hubakwa Bunker indwi mu bice bitandukanye vy'igihugu hagati y'impera y'imyaka ya 1950 n'intango y'imyaka ya 1960, zari zigenewe guhungishirizwamwo umurwi muto w'abakozi ba reta, mu gihe hari kuba habaye intambara ya nikleyere.
Bunker ya Debert yubatswe ku buryo habaye uguturika kwa nikleyere abayirimwo badashikirwa kandi ataco baba. Kandi ishobora kwakira abantu 329 mu kiringo c'iminsi 30 nimiburiburi.
Ariko igihe ibikorwa vyo kwubaka izo 'bunker' vyarangira, ubuhinga buzigize bwari bwamaze guta igihe: ubuhinga bwo kuyobora amamisire agera ku ntera ndende bwari bwamaze guhinduka no gutera imbere, kandi n'ubw'ibisasu vya nikleyere bwari bwahindutse cane aho vyari bisigaye bikomeye rwose.
Bunker ya Debert yaciye ihindurwa ikigo c'intara kijejwe guhangana n'ibiza hamwe n'ibihe bidasanzwe, imbere y'uko yugarwa burundu mu 1996 mu ntumbero yo kugabanya amafaranga reta yakoresha.
Baha'i ntakunda imvugo « bunker yo guhungiramwo umuhero w'isi ».
N'ubwo avuga ko ishobora kwubakwa kugira « abantu bayihungiremwo babone kurokoka ibishobora gushika vyose », yavuze ko muri rusangi « atari ivy'umuhero w'isi, ahubwo ari ukwitegurira mu buryo bw'ubwenge kandi bubereye ibihuhusi vy'ubwoko bwose ».
Igihe igihuhusi gikomeye Fiona catera muri Nouvelle-Écosse mu 2022, yaruguruye iyo bunker kugira ngo abo bakorana hamwe n'imiryango yabo bashobore kuyihungiramwo.
Yasiguye ati: « Irigenga [bunker] kandi ifise umuyagankuba yisangije. »
Yongeyeko ati: « Iyo igihuhusi gikomeye giteye muri iki kibanza cacu, abafise amazu barazi ko bafise ahantu hashushe kandi hatekanye, hari umuyagankuba, ibifungurwa n'ibindi vyose bakeneye. »
Ahubwo Baha'i ahitamwo gushimika ku vyo iyo bunker izozanira Debert n'ubutunzi bwaho: ahantu h'ubukerarugendo hamwe n'ikigo kibika kandi gitunganya amakuru (data center) « co ku rwego rwo hejuru kw'isi yose ».
Baha'i yagize ati: « Ni nk'aho woba ufise Airbnb itekanye rwose kandi nziza cane. »
Bitegekanijwe ko uwo mugambi uzotangura mu ntango z'umwaka wa 2027.
N'ubwo uwo mugambi ahanini watumye abantu baba ku nkengera y'ubuseruko bwa Canada bawukurikirana cane, uriko kandi uranakurikirwa cane n'abo mu bice nka vyose vy'isi.
Hazokenerwa abakozi barenga 40 bo mu mahoteri, hamwe n'abantu bafise ubumenyi bukenewe mu gucunga ikigo ca 'data center' kizoba caragutse; vyoba vyiza cane ko abo bakozi babaye baba muri ako karere.
Bwana Baha'i yavuze ko ico kigo ca data center kizokwongerezwa kigire uburinganire bwa metero kwadarato 1.400, kandi kikazokoresha ubuhinga bugezweho cane kugira ngo kigabanye ikoreshwa ry'inguvu, mu gihe giha abakiriya baco umutekano wo ku rwego rwo hejuru.