Ubuhindi: Abantu barenga 2.000 bafashwe mu myiyerekano isaba umukuru w'urwego rutegura amatora gutanga imihoho

umwe mubiyerekana afashwe n'abapolisi
Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Abategetsi b'Ubuhindi bashize abapolisi n'abasirikare ibihumbi mu murwa mukuru New Delhi kuri uyu w'Imana, mu gihe urwaruka rwitegurira umusi ugira kabiri w'imyiyerekano isaba Gyanesh Kumar, arongoye urwego rw'igihugu rujejwe gutegura amatora, gutanga imihoho, nk'uko itororokanirizo ry'amakuru Reuters ribivuga.

Igipolisi cafashe abantu barenga 2.000 ku wa gatandatu, congera kirugarira igice co hagati mu gisagara kugira kibuze imyiyerekano yari yateguwe n'umuhari w'urwaruka witwa Cockroach Janta Party, CJP.

Benshi mu bari bafashwe bararekuwe mw'ijoro ryo ku wa gatandatu. Imihora ya internet yo kuri telefone yari yahagaritswe yarasubiye gukora, n'ibibanza vy'amagari ya moshi yo munsi y'ubutaka vyari vyugawe birugururwa.

Sentare yategetse ko uwatanguje CJP, Abhijeet Dipke, hamwe n'abandi babiri bayirongoye barekurwa. Ariko basabwe kutabangamira amahoro mu kiringo c'umwaka.

Umuharanizi azwi ku mbuga hwaniro Dhruv Rathee na we yararekuwe, ariko abuzwa kutongera kwitaba imyiyerekano.

umwe mubiyerekana afashwe n'abapolisi

Abari muri iyo myiyerekano basaba Gyanesh Kumar gutanga imihoho kubera ihindurwa ry'intonde z'abatora, aho amazina agera ku miriyoni 130 yakuwe kuri izo ntonde.

Abatavuga rumwe na reta bavuga ko ayo mahinduka yashizweho kugira afashe umugambwe BJP wa Minisitiri wa Mbere Narendra Modi, umaze imyaka irenga 12 ku butegetsi.

Bavuga kandi ko Abayisilamu n'abandi bo mu migwi y'abanyagihugu bake, badakunze gutora BJP, ari bo amazina yabo yakuwe cane ku ntonde.

Urwego rujejwe amatora na BJP barahakana ivyo birego. Bavuga ko mu mazina yakuwe ku ntonde harimwo ay'abantu imiriyoni 63 bimukiye ahandi n'ay'abandi imiriyoni 30 batashoboye kuboneka mu gihe co gusuzuma intonde.

Imigambwe itavuga rumwe na reta yaraneguye inguvu igipolisi cakoresheje mu kubuza iyo myiyerekano.

Urwego rumwe rwa ONU rwasavye abategetsi b'Ubuhindi kwubahiriza uburenganzira bw'abanyagihugu bwo kugira imyiyerekano mu mahoro.

Ubushikiranganji bw'imigenderanire y'Ubuhindi bwavuze ko ayo majambo ya ONU ari ukwivanga mu bibazo vy'imbere mu gihugu.

umupolisi ajejwe gucungera abiyerekana yambaye inkofero