Ibihugu vya Afrika na Karayibe birasaba ibihugu vyakoze ubucakara gusaba imbabazi ku mugaragaro

Ahavuye isanamu, Reuters
- Umwanditsi, Yvette Tan
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 3
Ibihugu vya Afrika n'ivyo mu mazinga ya Karayibe (Caraïbes/Caribbean) yo muri Amerika yo hagati irasaba ibihugu vyakoze kandi bikungukira muri rwa rudandazwa rw'abacakara bisaba imbabazi ku mugaragaro kandi bigatanga n'indishi y'akababaro.
Ibi ni ivyasabwe inyuma y'inama y'imisi itatu, kuva kuwa 17 gushika kuwa 19 z'uku kwa gatandatu, yabereye muri Ghana, yari ifse intego yo kwongereza inguvu mu gusaba ko hoba ubutungane.
Ni inama yaje ikurikira icemezo c'ishirahamwe ONU muri Ntwarante (3) cemeje ko uru rudandazwa rw'abacakara rwambukiranya ibahari Atlantiki ari "icaha ca mbere kibi cakorewe kiremwamuntu", ibihugu bigize ishirahamwe ONU guterera mu kigera c'ishumbusho.
Muri urwo rudandazwa rw'agahomerabunwa, abagabo, abagore n'abana, bose hamwe baharurwa hagati y'imiriyoni 12 na 15, barafashwe bajanwa gucuruzwa nk'ibiharage ku mugabane wa Amerika kugira ngo bakoreshwe nk'abaja/abacakara kuva mu kinjana ca 15 gushika mu kinjana ca 19.
Integuro y'indishi ifise ingingo 19 yaremejwe nka kimwe mu vyari bigize inama yiswe "Intambwe Zikurikira" yabereye ku mugwa mukuru wa Ghana, Accra.
Isaba ko hofatwa ingingo ziboneka zo kugabanirizwa amadeni, gusubiza ibinyagano ndangakaranga, hamwe no gushiraho ikigega c'isi yose c'indishi, nubwo ata gitigiri kanaka c'amafaranga asabwa cavuzwe. Iravuga kandi no ku ngaruka zidasanzwe ubucakara bwagize ku bagore n'abigeme b'Abanyafrika.
Abategetsi bari muri iyi nama kandi basavye ibihugu vyagize uruhara mu rudandazwa rw'abacakara "gusaba imbabazi zuzuye, ku mugaragaro kandi ata kirinze gusabwa".
Umukuru w'igihugu ca Ghana, John Dramani Mahama yabwiye abari muri iyo nama ati: "Kahise ntikadusaba kuragwa icaha, ariko kadusaba kuragwa inshingano".
Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa na we nyene yarashikirije ijambo aciye ku buhinga bwa none, aho yemeye ko abagizwe abacakara "batswe ubuntu bafatwa nk'ibidandazwa".
Hagati aho, agabisha ko indishi y'ubucakara itogarukira gusa ku mafaranga yotangwa hanyuma inkuru ikaba irangiriye ngaho.
Amatora y'Inama nkuru y'ishirahamwe ONU yo kwemeza iyi nshumbusho yabaye mu kwa gatatu, aho ibihugu 123 vyayemeje, ariko Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Israel hamwe na Argentine, biranka kuvuga ko urudandazwa rw'abacakara rwambukiranya ibahari Atlantiki atari icaha cakorewe kiremwamuntu.
Ibihugu bindi 52 birimwo Ubwongereza, n'ibihugu bigize Ubumwe bwa Bulaya bikaba vyarifashe.
Hagati aho, ivyemezo vy'Inama ya bose nta bubasha biba bifise nk'itegeko, ibitandukanye n'ivyemezo vy'Inama nkuru ya ONU ijejwe umutekano kw'isi.
Kuva kera Ubwongereza bwamye bwiyamiriza akamo ko kuriha indishi y'akababaro, buvuga ko inzego z'iki gihe zitobazwa amabi yakozwe muri kahise.
Ico gihe, intumwa y'Ubwongereza muri ONU, James Kariuki, yavuze ati: "Nta bukozi bw'ikibi na bumwe bukwiye kubonwa ko bufise uburemere buruta canke buri munsi y'ubundi".
Intumwa ya Amerika muri ONU na yo nyene yarabisubiyemwo, ivuga ko igihugu ciwe kitemera "uburenganzira bushingiye ku mategeko bwo gusaba indishi ku bikorwa vya kera bitari bibujijwe n'amategeko mpuzamakungu igihe vyaba".
Yavuze kandi ko ico cemezo ca ONU kitatomora neza "abohabwa izo ndishi".
Nta gihugu na kimwe kirigera gitanga indishi ku bakomoka ku bantu bagizwe abacakara canke ku bihugu vy'Afrika, amazinga ya Karayibe na Amerika y'Epfo vyagizeko ingaruka.
Ahubwo, indishi hafi zose zatanzwe n'amareta zaje mu buryo bwo gushumbusha abari batunze abacakara mu kinjana ca 19, aho gushumbusha abari bagizwe abacakara.
Aha harimwo Ubwongereza, aho mu myaka ya 1830, inyuma y'ihagarikwa ry'ubucakara, igihugu cashumbushije abari batunze abacakara amafaranga arenga imiriyaridi 21 z'amadorari y'Abanyamerika ku gaciro k'uno musi.












