'OTAN itegerezwa kwitegurira igitero c'Uburusiya mu myaka itatu canke itanu' - Umunyamabanga mukuru

Mark Rutte avuga ko ibikorwa vy'Uburusiya vyo kwegeranya uburyo bw'intambara biri ku muvuduko udasanzwe

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Mark Rutte avuga ko ibikorwa vy'Uburusiya vyo kwegeranya uburyo bw'intambara biri ku muvuduko udasanzwe
Igihe co gusoma: iminota 5

Igisirikare c'Uburusiya gishobora kuzoba citeguriye gutera OTAN mu myaka itatu canke itanu iri imbere, nk'uko umunyamabanga mukuru w'uru runani, Mark Rutte, yabivuze mw'ijambo ry'intangamarara yashikirije i Londres.

Rutte avuga ko Uburusiya buhingura ibisasu vya muzinga incuro 4 kurusha OTAN, nubwo umwimbu rusangi wabwo ari muto incuro 25 ugereranije n'uw'ibihugu vyose hamwe bigize uru runani.

"Ibikorwa vyo kwegeranya uburyo bw'intambara biri ku muvuduko udasanzwe", niko bivugwa n'uyu mutegetsi mw'ijambo yashikirije ku kigo Royal Institute of International Affairs Chatham House.

Ibi biriko biba uku kubera ko Moscou (ubutegetsi bw'Uburusiya), nk'uko avyivugira we nyene, "yifatanije n'Ubushinwa, Korea ya Ruguru hamwe na Irani".

Ibi vyose bisigura ko OTAN itegerezwa "kuvuga ukuri, igakomera gusumba kandi ikagira inguvu zihagije", nk'uko uno munyamabanga mukuru wayo abivuga. Avuga ko inama yimirije kubera i La Haye mu mpera z'uku kwa gatandatu yoshimikira kuri iki civugo.

Rutte yemeje ko iyi nama yiteze gushika ku mwumvikano hagati y'ibihugu bigize uru runani uzotuma vyongereza amafaranga aja mu gisata co kwivuna abansi gushika kuri 5% vy'umutungo rusangi, aho 3.5% azokoreshwa mu kwongereza uburyo bwa gisirikare, harimwo kwongereza ibitigiri vy'ingabo, ibikoresho vya gisirikare hamwe n'amasasu, hanyuma 1.5 % nayo aje mu bindi bisata vyo gukomeza ubushobozi bwo kwivuna abansi.

Ibice 5% vy'umutungo rusangi ni vyo bisabwa na Perezida Donald Trump wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika yemeza ko incuti za OTAN zigendera kuri Amerika mu gihe na zo nyene zategerezwa gushira umutahe mu gisata co kwivuna abansi. Trump aritezwe muri iyo nama y'i La Haye.

Hagati aho, Rutte avuga ko ukwongereza uburyo bugenewe kwivuna abansi ari ikintu nkenerwa, ko atari kubera Trump abitegeka, aho avuga atarinze kuvuga izina ryiwe, ati: "Ukwongereza amafaranga akoreshwa si kugira ngo tunezereze umuntu umwe, ahubwo ni mu ntumbero yo gukingira imiriyaridi y'abanyagihugu".

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ni mu gihe igisata kijejwe igendereza mu gisirikare ca Ukraine, GUR, kivuga ko Uburusiya buhingura hafi amadrone yo mu bwoko bwa shaheed 2700 ku kwezi.

GUR yabwiye ikinyamakuru Forbes Ukraine ko ibi biharuro ari ivyo mu mpera z'ukwa gatanu uno mwaka wa 2025. Ni incuro zitanu ugereranije n'ivyo mu ci rya 2024, igihe amasoko yo muri iki gisata yabwira iki kinyamakuru ko Uburusiya bwahingura 500 ku kwezi.

OTAN, urunani rwo kwivunira umwansi hamwe, isabwa kwongereza ubushobozi bwo gukingira ikirere n'ibitero vya misire ku rugero rwa 400% - canke incuro zitanu – hamwe no guhingura ibihumbi n'ibihumbi vy'ibimodoka vy'intambara bitamenwa n'amasasu asanzwe (chars/tanks) hamwe n'izindi modoka za gisirikare, be n'amamiriyoni n'amamiriyoni y'ibisasu, nk'uko Rutte abivuga.

Avuga kandi ko OTAN ishigikiye utwigoro twa Trump two kurondera ingene intambara yohagarara muri Ukraine, mbere agashimira uyu mukuru w'igihugu ca Amerika kubona yashoboye "gukuraho inzitizi agasubira kwugurura ibiganiro n'Uburusiya".

"Kugira ngo intambara ihagarare [muri Ukraine], ni ngombwa ko Putin asubira ku meza y'ibiganiro", niko uno munyamabanga wa OTAN avuga, akongerako y'uko "umuhinga mu vya kahise twabonanye incuro zibiri i Istanbul" atabikwiye.

Asigura ko ku bwa OTAN, umujenama w'umukuru w'igihugu c'Uburusiya Vladimir Medinsky atari we akwiye guserukira Kremlin (ibiro vy'umukuru w'igihugu c'Uburusiya) mu biganiro.

Umuntu umwe yishwe, amazu y'uburaro atari make nayo aratokombera ayandi arononekara muri iki gitero i Odessa

Ahavuye isanamu, t.me/odeskaODA

Insiguro y'isanamu, Umuntu umwe yishwe, amazu y'uburaro atari make nayo aratokombera ayandi arononekara muri iki gitero i Odessa

Hagati aho, itambara zozo hagati y'Uburusiya na Ukraine nta gahengwe zitanga, aho ibitero bikorwa na za ndege zitajamwo abadereva (drone) ari urutavanako.

Mw'ijoro ryakeye, ibiturika vyasubiye kwasirana muri Ukraine – ku mugwa mukuru, intara za Kiev na Odessa tukaba ari two turere twabangamiwe, aho igisirikare c'iki gihugu kirwanira mu kirere kivuga ko ingabo z'Uburusiya zateye Ukraine mu kurasa ibisasu indwi vya misire zongera ziyirekurirako amadrone 315, kikavuga ko 284 muri yo yasambuwe.

Mw'itangazo yasohoye igihe iki gitero cariko kiraba, umushikiranganji w'intwaro yo hagati wa Ukraine, Igor Klimenko na we yagize ati: "Inyubakwa ya gisivire iriko irasha. Inyuma y'iki gitero c'ibisasu vya muzinga, hadutse imiriro ku bibanza19, bine muri vyo birarurumba".

Yavuze ko abantu babiri bishwe, icenda na bo bagakomereka mu ntara ya Odessa, hamwe n'abandi bane barakomeretse mu ntara ya Kyiv. Umukuru w'igisagara ca Kyiv, Vitali Klitschko, yanditse ku rubuga rwa Telegram ko uturere tune tw'igisagara ari two twabangamiwe cane.

Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine avuga ko iki gitero kiri mu bitero vya vuba vya mbere binini kuri Kyiv, akongerako ati: "Ibitero vy'Uburusiya ni vyo vyumvikana cane gusumba utwigoro twa Amerika n'ibindi bihugu two guhatira Uburusiya ku meza y'ibiganiro".

Uburusiya ntaco buravuga kuri ibi bitero vyabwo muri Odessa na Kyiv.

Hagati aho, ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bw'Uburusiya buvuga ko igisirikare kirwanira mu kirere ku mugoroba w'ejo ku wa mbere no mw'ijoro ryakeye cakoroye amadrone 102 ya Ukraine.

Buvuga ko muri aya harimwo 46 yakororewe mu ntara ya Bryansk, 20 nayo mu ntara ya Belgorod, icenda hejuru y'intara ya Voronezh, icenda nyene hejuru y'ikirere c'intara ya Crimée/Crimea yigaruriwe n'Uburusiya, hamwe n'ayandi ane ane yarasiwe mu ntara za Kaluga na Tatarstan.

Eka na buramatari w'intara ya Leningrad Alexander Drozdenko avuga ko drone imwe yakororewe mu karere ka Tosnensky ariko ko ata wapfuye canke ngo akomereke kandi ko ata vyononekaye.

Avuga ariko ko vyabaye ngombwa ko abategetsi baca itumatumanako ku materefone ngendanwa no ku mbuga ngurukanabumenyi igihe bariko basubiza inyuma ico gitero.

Ni mu gihe gushika ubu Uburusiya ataco buravuga ku rwandiko rwashikirijwe na Ukraine rurimwo ivyo isaba kugira ngo iyi ntambara itorerwe umuti, imbere y'uko hatangura ibiganiro bigira kabiri i Istanbul, nk'uko bivugwa n'umushikiranganji w'imigenderanire wa Ukraine n'ayandi makungu, Andriy Sybiha.

Sybiha asubirwamwo n'itororokanirizo ry'amakuru Interfax-Ukraine avuga ati: "Uburusiya ntaco burishura ku vyiyumviro vyacu vyubaka twashikirije imbere y'inama i Istanbul. Ahubwo, bwatanze urutonde rw'ivyo rutegeka bidashobora kwemerwa n'abahuza".

Ibintu nyamukuru bisabwa na Ukraine harimwo ko intambara ihagarara ubwo nyene, gutahukana abana batwawe mu Burusiya, hamwe no gutegura umubonano hagati y'abakuru b'ibi bihugu bibiri.