Yapfunzwe imyaka 17 ku caha atakoze yabwiye BBC: 'Nararenganijwe cane rwose'

Andrew Malkinson yicaye afatanirije amaboko ku bibero. Yambaye ipantaro ya jeans, umupira w'ibara rigomba gusa n'umucungwe uhiye, n'ikoti isa n'icatsi kibisi, kandi ariko araba kamera adatwenga. Inyuma yiwe hari ikiyaga.

Ahavuye isanamu, Pete Milson

Insiguro y'isanamu, Mu kiringo c'imyaka 20, Andrew Malkinson yegekwako icaha co gusambanya ku nguvu atigeze akora.
    • Umwanditsi, George Sandeman
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 5

Andrew Malkinson yabwiye BBC ko yumvise yiruhukije ariko kandi yumva n'ishavu inyuma y'aho ubutungane, impera n'imperuka, bukubise intahe mu gahanga umugabo yagiriwe n'icaha co gusambanya ku nguvu, icaha Andrew yari yapfungiwe atigeze agikora.

Mu kiringo c'imyaka 20, Malkinson yiketswe ko ari we yagize igitero c'ubunyamaswa cabereye i Greater Manchester mu 2003, agafungwa imyaka irenga 17 mu gishobora kuba ari urubanza rwa mbere rurimwo amakosa akomeye cane mu mateka y'ubutungane bw'Ubwongereza.

Mu kiganiro ciwe ca mbere caciye ku mboneshakure kuva Paul Quinn aciriwe urubanza rwo gufata ku nguvu mu kwezi guheze, Malkinson yavuze ati: "Nararenganijwe, nararenganijwe rwose."

Avugira mu kiganiro ca BBC citwa "Shadow World: Stolen Years", yatangaje ko ashimishwa cane no kubona abategetsi "bahavuye bata muri yompi uwakoze vy'ukuri ico caha", kandi ko yumvise aruhutse cane ku bw'uwahohotewe.

"Nariyumviriye, ndibaza ingene ubu (uwo mugore) amerewe?".

Avuga ko we n'uwahohotewe bamaze ica kane c'ikijana bababaye.

Malkinson ashimangira ko umusi Quinn w'imyaka 52 yagirwa n'icaha co gusambanya ku nguvu, kuniga no gukomeretsa bikomeye, yari mu Butaliyano aho yariko agendera ikibanza kirimwo ibisigarira vy'amazu yubatswe mu gihe c'ubwami bw'aba Romani.

Yavuze ati: " Ishavu ryagiye ryiyongera muri jewe, kuko namaze igihe kirekire negetsweko ico caha."

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Avuga ko yahawe "igihano c'uwundi muntu" n'ubwo ata vyemezo bishingiye ku bimenyetso vya ADN vyamuhuza n'ico caha.

Malkinson, ubu afise imyaka 60, yamye ashimangira ko ata caha yigeze akora, ariko ni we yacaguwe nk'uwagikoze igihe igipolisi catondeka abakekwa kugira uwahohotewe adome urutoke ku wamuhohoteye.

Inyuma yo kugerageza gusaba incuro nyinshi ko urubanza rwosubirwamwo ata kivamwo, amaherezo rwarafuswe mu 2023, inyuma y'uko ubushikirizamanza bwemeye ko ADN yakuwe ku mpuzu z'uwahohotewe itegerezwa kuba yavuye ku muntu w'ukuri yakoze icaha, uwo nawe akaba ari Quinn.

Sentare isubiramwo imanza yarabonye kandi ibindi bimenyetso vyari gufasha Malkinson mu kwiregura bitigeze bishirwa ahabona.

Urugamba rwa Malkinson rwo kurondera ubutungane ntirurarangira. Arindiriye ibizova mu matohoza ariko agirwa n'umucamanza kugira hamenyekane igituma yahaniwe icaha atakoze. Ibizoyavamwo bizoba ngirakamaro cane mu rugamba rwiwe rwo gusaba indishi y'akababaro.

Urwego rusuzuma amakosa abera mu manza rwagirizwa ko rwanse kumuha ubufasha incuro zibiri zose. Mu cegeranyo cigenga co mu mwaka uheze, rwaraneguwe cane, rwagirizwa amakosa menshi n'ibinenge bikomeye harimwo no kuba ataco rwakoze ku bimenyetso bishasha vya ADN igihe rwari rumaze kubimenya.

Uko igipolisi ca Greater Manchester cavyifashemwo muri iyi dosiye, hamwe n'ingingo zafashwe n'abapolisi batandatu, biriko birakorwako amatohoza n'igisata kijejwe gukurikirana ingene igipolisi gikora.

Iki gisata kiriko kirasuzuma nimba abapolisi bakurikije inzira zibereye mu kumenya Malkinson nk'uwagirizwa, canke nimba ivyabona vyarahawe inyungu runaka kugira bitange ivyemezo. Ayandi mu makosa ico gisata kiriko kirihweza, harimwo ayajanye no kudashikiriza amakuru yari gufasha Malkinson mu kwiregura, hamwe n'itunganywa canke ikurwaho ry'ibimenyetso, kigashaka kuraba ko vyakozwe mu buryo bubereye.

Andrew Malkinson yambaye T-shirt yirabura yanditseko ivyandiko bitangura na hashtag bigasobanura biti: "ndi umwere kandi si ndi umwe". Yadugije ukuboko kwiwe kw’iburyo akaba yafumbase igipfusi nk'ikimenyetso c'intsinzi.

Ahavuye isanamu, PA

Insiguro y'isanamu, Malkinson arindiriye ibizova mu matohoza y'umucamanza kugira hamenyekane igituma yahaniwe icaha atakoze.

Mu manza zabaye mu kwezi guheze, sentare yarumvise ko uwahohotewe, amaze kubona Malkinson amaso mu yandi muri 2004, yari yabwiye igipolisi ko yakekeranya ku kijanye n'uko uwo mugabo ari we koko yamuteye.

Yavuze ko umupolisi yamubwiye ko ari kubera yari afise ubwoba gusa, kandi ko ata ngorane ko urubanza rubandanya. Uwahohotewe yabwiye sentare ko ico gihe yari afise ubwoba, aca yemera gukora ivyo abapolisi bamubwiye.

Mu kiganiro ca BBC Radio 4, abamenyeshamakuru bagiye bakurikiranira hafi Malkinson mu gihe yariko agerageza gusubira kwubaka gushasha ubuzima bwiwe inyuma yo kurekurwa mu 2020.

Malkinson yavuze ati: "Ndipfuza cane kumenya igituma ubuzima bwanje bwacuritswe uku kwose."

"Ubu rero ndashobora kubitahura no guhangana na vyo neza, kuko ico gihe uba uzi ukuri ico ari co - ukuri nyakwo kutagira aho kwegamiye, atari ukuri uba watamitswe. Rero, ndashobora guhangana na vyo mu mutima wanje, hanyuma nkibagira kahise gutyo ngatandukira ibindi, ndavyizeye".

Quinn - uyu akaba yari asanzwe akora ivyaha vyo gufata ku nguvu - yagiriwe n'icaha co gutera no kugirira nabi uwahohotewe, umugore akiri muto afise umwana, igihe uwo mugore yariko arataha aciye i Salford mu gitondo ca kare ku wa 19 mukakaro 2003.

Uwo mugore yarakubiswe, araribwa amenyo, kandi igufa ryo mu maso riramanyuka. Mu nyuma Quinn yaramunize gushika aho ata ubwenge, aca amusimbirako amusambanya ku nguvu.

Abacamanza bo kuri sentare y'i Manchester babwiwe ko ADN iva mu mate ya Quinn yatowe kw'ikoti uwahohotewe yari yambaye muri iryo joro.

ADN yiwe yarasubiriye kugaragara mu 2023 ku gikoresho c'abaganga cakoreshejwe mu gusuzuma uwo mugore, kikaba kitari cigeze gipimwa imbere y'ico gihe. Quinn yari yararondeye no kuri internet kugira amenye ikiringo igipolisi kimara kibitse mwene ivyo bipimo (samples).

Quinn azosomerwa urubanza kw'igenekerezo rya 5 Ruheshi (6), uno mwaka.

Umukuru w'igipolisi c'inyamiramabi Jim Partington yavuze ko igipolisi c'i Greater Manchester kiriko kirasuzuma amadosiye y'imanza z'ivyaha zo muri kahise zitigeze zitorerwa umuti, Quinn agashobora kuba yaragize uruhara muri zimwe muri zo, kubera ubugome bukomeye yagaragaje muri uru rubanza.

Partington agira ati: "Nibaza ko bishoboka cane ko hariho abandi bahohotewe."

Yongerako ati: "Nibaza ko hariho ivyaha bitatu vyabaye hagati ya 2003 na 2010, ubu vyarasuzumwe mu buryo bwimbitse… nta sano risobanutse neza rihari, ariko turiko dusubira gusuzuma ivyaha vyabereye muri aka karere."

Igipolisi ca Greater Manchester casavye abantu bose bashobora kuba barigeze guhura na Quinn kuza bagatanga amakuru yose boba bafise.

Paul Quinn yari yicaye mu cumba aho igipolisi camubarije ibibazo. Umuntu yari yicaye impande yiwe ntiyaboneka neza, yari yafutanganijwe.

Ahavuye isanamu, GMP

Insiguro y'isanamu, Quinn azocirirwa urubanza kw'igenekerezo rya 5 ukwezi kwa gatandatu

Malkinson kandi yaravuze ku kuntu kwama ariko ararwana agerageza kwiregura mu butungane mu rubanza mu kiringo c'imyaka 23 vyamugizeko ingaruka ku magara yiwe yo mu mutwe.

Yavuze ati: "Uru rubanza rwaranduhishije cane, urubanza rwo kuva mu 2003. Birababaje kwama mu bintu nk'ibi".

Yagaragaje ko hari igihe yahagaritse gato urugamba rwo mu mategeko, kandi yavuze ko ivyo vyatumye ashobora "guhumeka mu bwisanzure buhagije".

Kimwe mu bibanza aheruka kugenderamwo ni Australia, ahasanzwe haba bashiki biwe babiri basangiye umuvyeyi umwe, akaba atari bwigere ababona amaso mu yandi mu myaka 35.

Yari yazanye ivyuma vyo kurabiramwo bizwi nka "jumelle" kugira ashobore kuruhurira umutima wiwe no kuratira amaso mu kuraba inyenyeri.

Yavuze ko akiri mw'ibohero yakunda kurota inyenyeri, ariko ntiyakunda kuzibona neza kubera umuco mwinshi w'amatara y'ibohero.

Yongerako ati: "Nimba nibaza ko nzobaho gushika ku myaka 80, hasigaye imyaka 20 gusa, kandi iyo myaka 20 izohera vuba."

"Ni co gituma ntegerezwa gukora uko nshoboye kwose kugira ndayibemwo neza uko bishoboka kwose".