Ubuzima bwa Papa Wemba mu mafoto (1949 - 2016)

Yatangajwe

Umwe mu vyamamare vy'umuziki muri Afrika, Papa Wemba, yapfuye ari mu giteramo. Reka dukubitize amaso inyuma ku buzima bwiwe mu mafoto.

Papa Wemba
Insiguro y'isanamu, Papa Wembe, icamamare mu muziki wo muri Kongo yitavye Imana afise imyaka 66
Papa Wemba
Insiguro y'isanamu, Yafashije guteza imbere umuziki muri Kongo, bituma umuziki wa Rumba yo muri Kongo uba muyikunzwe cane ku mugabane wa Afrika
Papa Wemba
Insiguro y'isanamu, Inyambaro yiwe ihinyanyuye yabereye akarorero urwaruka rwinshi muri Afrika, mu kizwi nka Sapeurs
Papa Wemba
Insiguro y'isanamu, Mu 2004 yarahamijwe icaha mu Bufaransa co kuzana abimukira akavuga ko ari abanyamuziki biwe
Papa Wemba
Insiguro y'isanamu, Yari amaze mu muziki imyaka ishika hafi mirongo itanu
Papa Wemba
Insiguro y'isanamu, Indirimbo zakunzwe cane za Wemba zirimwo L'Esclave na Le Voyageur
Papa Wemba
Insiguro y'isanamu, Yapfuye ari mu giteramo, iyi foto n'iya konseri yiwe ya nyuma muri Cote d'Ivoire