Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

Trump yakangishije gusenya amateme n'ingomero z'amashanyarazi za Iran niba ibitero mu muhora wa Hormuz bikomeje

Perezida w'Amerika Donald Trump yaburiye ko Amerika izasenya iteme rya Iran cyangwa urugomero rw'amashanyarazi rwayo igihe cyose ingabo za Iran zizajya ziba zigabye igitero ku bwato mu muhora wa Hormuz.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Bernard Bankukira, Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. Mwakoze kubana natwe uyu munsi. Aha ni ho dusoreje amakuru yo mu buryo bw'aka kanya uyu munsi. Ni ah'ejo.

  2. Trump yakangishije gusenya amateme n'ingomero z'amashanyarazi za Iran niba ibitero mu muhora wa Hormuz bikomeje

    Perezida w'Amerika Donald Trump yaburiye ko Amerika izasenya iteme rya Iran cyangwa urugomero rw'amashanyarazi rwayo igihe cyose ingabo za Iran zizajya ziba zigabye igitero ku bwato mu muhora wa Hormuz.

    Mu butumwa yashyize ku rubuga rwa Truth Social, Trump yagize ati:

    "Kuva ubu, igihe cyose Repubulika ya Kiyisilamu ya Iran igabye igitero ku bwato buri mu muhora wa Hormuz, haba hakoreshejwe misile, ibisasu, drones cyangwa indi ntwaro iyo ari yo yose, Leta Zunze Ubumwe z'Amerika zizagaba igitero zisenye iteme cyangwa uruganda rutanga ingufu."

    Yongeyeho ko ibitero bishobora kwibasira ibikorwa-remezo hafi cyangwa mu murwa mukuru wa Iran, Tehran.

    Izindi nkuru wasoma:

  3. Liberia: Hafashwe cocaine ya mbere nyinshi y'agaciro ka miliyoni $370

    Cocaine nyinshi cyane yafashwe mu isaka ry’ahacyekwa ko ari ububiko bunyuranyije n’amategeko buri hafi y’umurwa mukuru Monrovia wa Liberia, mu gikorwa abategetsi bavuga ko ari ryo fatwa ry’ibiyobyabwenge rya mbere rinini mu mateka y’iki gihugu cyo muri Afurika y'uburengerazuba.

    Videwo n’amafoto byatangajwe na polisi bigaragaza amavalisi abarirwa muri za mirongo hamwe n’amasanduku biri mu modoka y’ikamyo abakora iperereza bemeza yari itwaye cocaine yo ku rwego rwo hejuru.

    Umukuru wa polisi ya Liberia Gregory Coleman yabwiye BBC ko ibipimo byo mu buhanga bwa siyanse byemeje ko icyo kiyobyabwenge ari cocaine, bikaba bigereranywa ko ifite agaciro ko ku isoko rya magendu ka miliyoni zirenga 370 z’amadolari y’Amerika – ni ukuvuga arenga miliyari 500 uyavunje mu mafaranga y’u Rwanda.

    Abantu benshi batawe muri yombi muri iryo saka ryabereye mu mujyi wa Duazon, uri mu ntera ya kilometero hafi 20 mu burasirazuba bwa Monrovia, barimo abanyamahanga babiri n’Abanya-Liberia benshi.

    Nta birego byari byatangazwa kuri abo batawe muri yombi.

    Umukuru wa polisi yavuze ko ifatwa ry’ibyo biyobyabwenge, ryabaye ku wa kabiri, ryavuye ku iperereza ryari rimaze igihe kirekire rikorwa ku bico bikora ubucuruzi bw’iyobyabwenge bikorera muri Liberia.

    Izindi nkuru wasoma:

  4. Ukraine yongeye gutera ibigo vy'ububiko vya kompanyi Wildberries mu Burusiya

    Ukraine yongeye kugaba ibitero ku bigo vy'ububiko no gukwiragiza ibidandazwa vya kompanyi Wildberries, ikompanyi nini kuruta ayandi ikorera ubudandaji ku mbuga ngurukanabumenyi mu Burusiya. Ivyo bitero vyagabwe mu ntara za Krasnodar na Stavropol.

    Perezida wa Ukraine Volodymyr Zelensky yavuze ko ivyo bigo vyakoreshwa mu gufasha ingabo z'Uburusiya, cane cane mu gutanga ivya nkenerwa mu gukora indege zitajamwo abadereva (drones) hamwe n'ibikoresho bifasha mu kuyobora no kumenya inzira.

    Yavuze kandi ko ibi bitero vy’ubu vya Ukraine vyatumberejwe kandi ku bubiko bw'ibitoro, hamwe n'amato atanu y'Uburusiya akorera mu kinywabi, yari mu mazi y'Ikiyaga Cirabura (Black Sea) n'Ikiyaga Azov.

    Buramatari w'intara ya Krasnodar yatangaje ko ivyo bitero vya Ukraine vyahitanye nibura umuntu umwe, abandi cumi bakaba bakomeretse.

    Ukraine yari yabanje gutera ububiko bwa Wildberries ku wa gatandatu.

    Abahinga bakurikirana ivy'intambara bavuga ko ibitero kuri kompanyi ifise uruhara rukomeye mu vy’ubutunzi n'ubudandaji bw'Uburusiya bisa n’ivyerekana ko Kyiv iriko iragura imikenyuro yayo muri iyi ntambara, mu gutera ibigo bifasha ubutunzi bw'Uburusiya no ku mashirahamwe afasha ibikorwa vy'ingabo zabwo, aho kwibanda gusa ku bitero ku bibanza vya gisirikare.

  5. Zelensky yabogoje umukuru w’ingabo za Ukraine inyuma y’imyiyerekano yari imaze iminsi

    Perezida Volodymyr Zelensky wa Ukraine yabogoje umukuru w'ibiro bikuru vya gisirikare w’iki gihugu, Oleksandr Syrskyi.

    Ni ingingo afashe inyuma y’imisi mike abogoje kandi umushikiranganji w’ukwivuna abansi, Mykhailo Fedorov, ingingo yatumye haduka imyiyerekano mu gihugu cose.

    Hari hagize imisi hari amakuru yavuga ko ibogozwa rya Fedorov ryoba ryavuye ku kutumvikana hagati ya we na Syrskyi, amakuru yahavuye yemezwa.

    Fedorov, afise imyaka 35, yarashimwa cane kubera intege yazanye mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi n’impinduka yazanye mu gisirikare ca Ukraine, akongera agafata iya mbere mu kurwanya igiturire.

    Ku rundi ruhande, Syrskyi w’imyaka 60, yabonwa na benshi muri Ukraine nk’intwazangabo yigishijwe n’icahoze ari Ubumwe bw’Abasoviyeti, atashaka gushira mu ngiro impinduka zikomeye mu gisirikare.

    Mu butumwa bwo gusezera yashize ku rubuga rwa Telegram, Syrskyi yishimiye ibikorwa vyiwe, aho yagize ati: "Ingabo zari zimaze imyaka ibiri mu rugamba rukomeye rwo kwivuna gusa, ubu ni zo zitera.

    "Uwunsubirira ndamushikirije igisirikare kitivuna gusa, ahubwo gisatira. Ndizeye vy’ukuri ko iyi ntambwe yo gusatira izobandanya".

    Syrskyi asubiriwe na Mykhailo Drapatyi w’imyaka 43, umusirikare akunzwe kandi amenyereye cane urugamba.

    Mu butumwa yashize kuri Facebook, Drapatyi agira ati: "Nzokorana ubwitonzi bwinshi, n’umutima wanje wose, kandi mpa icubahiro abariko bitangira igihugu cacu uno musi”.

    Yashimiye kandi Syrskyi ku ruhara rwiwe mu gukomeza igisirikare ca Ukraine, ati: "Nanje nakuriye muri izi ngabo".

    Mu butumwa bwa videwo yashize ku mbuga nyagiro nijoro ku wa kabiri, Zelensky yashimiye Syrskyi ku bikorwa vya gisirikare yarongoye, harimwo uruhara yagize mu gukingira neza umugwa mukuru Kyiv mu misi ya mbere y’intambara yeruye Uburusiya bwatanguje kuri Ukraine mu mwaka wa 2022.

    Mu ndwi iheze, ni ho Fedorov yasubirirwa na Yevhenii Khmara, yahoze ari umwe mu bategetsi bakuru b’Urwego rujejwe igendereza muri Ukraine (SBU).

    Ayandi makuru ku ntambara yo muri Ukraine:

  6. Ubufaransa bwemeje itegeko ribuza abana batarashikana imyaka 15 gukoresha imbuga nyagiro

    Inama nshingamateke na nkenguzamateka z’Ubufaransa zemeje itegeko ribuza abana bari munsi y'imyaka 15 gukoresha imbuga nyagiro kuva muri Nzero (1) 2027, bukaba bubaye igihugu ca mbere ku mugabane wa Bulaya gifashe ingingo nk'iyo yo kubuza abana bato gukoresha izo mbuga.

    Iryo tegeko ritegekanya ko umuntu wese ari mu Bufaransa azosabwa kwemeza imyaka yiwe imbere yo gukoresha imbuga nyagiro.

    Rije mu gihe Ubwongereza n'Ubumwe bwa Bulaya (EU) na vyo biriko biriga uburyo bwo gushiraho amategeko nk'ayo kubera impungenge ku magara yo mu mutwe y'abana.

    Perezida Emmanuel Macron w'Ubufaransa yashimye iyi ngingo yari yarasezeranye gushira mu ngiro imbere y'uko arangiza ikiringo ciwe c'imyaka cumi ari ku butegetsi.

    N'aho hari abakekeranya kw’ishirwa mu ngiro ry’iryo tegeko, reta y'Ubufaransa ivuga ko hari uburyo bwa none, bwiza kandi bukora neza, bwo kugenzura imyaka y'abakoresha izi mbuga.

    Abakenguzamateka n'abashingamateka bose baremeje iyo ngingo ejo ku wa kabiri, naho bamwe mu banyapolitike bo ku ruhande rw'abaharanira impinduka (gauche) batayibona ryiza.

    Iri tegeko rizoshirwa mu ngiro mu ntambwe zibiri:

    • Kuva muri Nyakanga (9) 2026, abana bari munsi y'imyaka 15 ntibazokwemererwa gufungura konte nshasha ku mbuga nyagiro, kandi umuntu wese ashaka gufungura konte nshasha azosabwa kwemeza imyaka yiwe.
    • Kuva muri Nzero 2027, iryo tegeko rizokoreshwa no ku makonte yose yari asanzwe ahari, ibi bigasigura ko umuntu wese ari mu Bufaransa azosabwa kwerekana ko afise nibura imyaka 15 kugira abandanye gukoresha imbuga nyagiro.

    Mu gihe iryo tegeko rizoba ritanguye gukurikizwa, imbuga hwaniro zizokenera gukoresha uburyo bwo kugenzura imyaka bwemejwe n'urwego rw'Ubufaransa rujejwe gukingira amakuru y'ibanga y’umuntu, nk’uko bitangazwa n’itororokanirizo ry’amakuru Reuters.

    Ariko hibonekeje impungenge ku bijanye n'amakuru y’ibanga y’umuntu, ubushobozi bw'ubwo buryo bwo kugenzura imyaka, ingene abana boshobora kubuzunguruka, hamwe n'umuvuduko iryo tegeko ryateguwemwo kandi rikemezwa, nk’uko vyandikwa n’itororokanirizo ry’amakuru AFP.

    Ariko, umushikiranganji w'Ubufaransa ajejwe ivy'ubuhinga bwa none, Anne Le Hénanff, avuga ko umuvuduko wo gushira mu ngiro iryo tegeko ata ngorane uteye, “kuko uburyo bwo kugenzura imyaka bwari busanzwe buhari”.

  7. Inzu Adolf Hitler yavukiyemwo igiye kuba ikigo c'igipolisi

    Inzu Adolf Hitler yavukiyemwo mu gihugu ca Autriche/Austria mu mwaka w’1889 iza kwugururwa ku mugaragaro uno musi nk’ikigo c’igipolisi.

    Umuryango w'uno mutegetsi yahavuye aba umukuru w'Abanazi akanatanguza intambara ya Kabiri y’Isi yose, wabaye muri iyo nzu y'amagorofa atatu - iri mu gisagara ca Braunau giherereye mu buraruko bw'igihugu - imyaka itatu gusa.

    Mu myaka myinshi, reta ya Autriche yarayikotera nyeneyo kugira ngo ntihave ihinduka inyubakwa y’ingenzi z'abakurikira ivyiyumviro vy'Abanazi. Uno musi, haciye imyaka cumi reta iyegukanye burundu.

    Hanze y'iki kigo gishasha c’igipolisi hashizwe ibuye ryanditseko amajambo asanzwe avuga ngo:

    "Fascism [ubwoko bw’ubutegetsi bw’agahotoro] ntikagaruke. Amamiriyoni n’amamiriyoni y'abahitanywe na yo batubere icibutso".

    Adolf Hitler yari umunyaporitike w’Umudagi yatwaye Ubudagi kuva mu 1933 gushika mu 1945. Ni we yari umukuru w’umugambwe w’Abanazi, kandi akaba yagize uruhara rukomeye mu gutanguza Intambara ya Kabiri y’Isi Yose yahitanye amamiriyoni mirongo y’abantu, harimwo n’Abayahudi baharurwa mu miriyoni zitandatu.

    Ayandi makuru kuri Hitler:

  8. Amerika nta gahengwe iha Irani mu gihe Trump akangisha gutera ikibanza ca nikleyere kiri munsi y'ubutaka

    Reta Zunze Ubumwe za Amerika zagavye ibitero kuri Iran mw’ijoro rigira 11 ubudasiba, mu gihe Tehran igabisha Amerika ko itohirahira ngo itere ibigo vyayo vya nikleyere.

    Ubuyobozi bw'ingabo za Amerika zikorera mu karere (Centcom) bwavuze ko ivyo bitero ari ivyo kubandanya gucuvya Irani kugira ngo ntibandanye ihungabanya uruja n'uruza rw'ubwato bw'ubudandaji mu Muhora wa Hormuz.

    Ibiturika vyumvikanye mu bisagara vya Tabriz, Chabahar, Konarak, hamwe na Bushehr, ahari ikigo kimwe kitarenga ntikirenguke ca nikleyere ca Irani.

    Irani, mu gihe ibandanya yihorera ku bihugu vy’incuti za Amerika mu Buseruko bwo Hagati, igabisha ko izokwihora, inyuma y'aho Donald Trump avugiye ko Amerika igiye gutera ikibanza ca nikleyere kiri munsi y'ubutaka hafi ya Natanz.

    Centcom ivuga ko ingabo za Amerika zateye ibigo vya gisirikare vya Iran, ibigo vy’ingabo zirwanira mu mazi, ububiko bw'indege z’intambara n’amadrone, hamwe n'ibikorwa remezo vya gisirikare.

    Yagirije kandi Iran ko, mu kiringo c’mezi atatu aheze, yateye “ubwato burenga 30 bw'ubudandaji” buca mu Muhora wa Hormuz.

    Mu gatondo ko kuri uyu wa gatatu, igisirikare ca Koweit kirwanira mu kirere cavuze ko cari gihanganye n’ibitero vy'indege zitajamwo abadereva (drone) vya Irani. Bahrain na Yorodaniya navyo vyatangaje ko vyaburijemwo ibitero vya misile n’amadrone.

    Imbere y'aho, Perezida Donald Trump yari yavuze ko igitero gikurikira gishobora kwerekezwa ku kigo kizwi nka Pickaxe Mountain, ahakekwa ko Iran iriko yubaka mu mpisho ikigo co gutunganya uranium.

    Ari kumwe n’umukuru w’igihugu ca Libani, Joseph Aoun, muri Maison Blanche/White House (ibiro vy’umukuru wa Amerika), Trump yagize ati: "Tuzohatera vuba tudatevye".

    Ubuyobozi bukuru bw’igisirikare ca Iran, Khatam al-Anbiya, buvuga ko buzofata ico gitero nk'ukwagura intambara mu karere, maze bukangisha gutera “ibibanza vyose vy’inyungu za Amerika, iz'incuti zayo n'iz'abayishigikiye”, nk’uko bitangazwa n’ikimenyeshamakuru ca reta ya Irani, IRIB.

    Trump yagabishije kandi ko Amerika izofatira ingingo ruhasha abarwanyi b'aba Houthi hamwe boshira mu ngiro umugambi wabo wo kuzibira ibivuko vya Arabia Sawudite.

    Imbere y’aho, umuvugizi w'aba Houthi yari yatangaje ko bagiye kuzibira ubwato buva canke buja muri Arabia Sawudite buciye mu muhora wa Bab al-Mandab ushikana ku Kiyaga Gitukura.

    Kuva intambara ya Amerika na Israel kuri Irani yadutse, igatuma Umuhora wa Hormuz wugarwa, Ikiyaga Gitukura ni inzira kirumara y’igitoro kivuye muri Arabia Sawudite.

    Muri Ruheshi (6), Iran na Amerika bari bateye umukono ku masezerano y’agahengwe no gusubira kwugurura Umuhora wa Hormuz, hamwe no gushika ku masezerano yo guhagarika intambara, mu kiringo c'iminsi 60.

    Ariko haciye indwi zitatu gusa ayo masezerano asinywe, Trump yatangaje ko amasezerano y’agahengwe “yahagaze”, inyuma y'ibitero vya Irani ku bwato bwariko buca muri Hormuz n'ibitero vya Amerika vyo kwishura vyakurikiye.

    Ayandi makuru hano:

    Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza

  9. Umukuru wa La Liga avuga ko Infantino akwiye gutanga imihoho ku burongozi bwa FIFA

    Umukuru wa La Liga, ihiganwa ry’umupira w’amaguru ryo muri Espagne, asaba umukuru wa FIFA Gianni Infantino gutanga imihoho, akavuga ko uru rwego rujejwe umupira w'amaguru kw’isi "ruriko rurica umupira w'amaguru”.

    Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru c'Ubutaliyano La Gazzetta dello Sport, Javier Tebas, umukuru wa La Liga, yabajijwe nimba Infantino akwiye gutanga imihoho, Tebas yishuye ati: "Ku bwanje, ego. Ndibaza ko igihe ciwe carangiye".

    Ariko rero, avuga ko uyu mutegetsi wa FIFA w’imyaka 56 ashigikiwe cane n'amashirahamwe y'umupira w'amaguru yo mu bihugu bitandukanye, yongerako ko uburyo bwo gutora umukuru wa FIFA "bwaboreye mu mizi."

    Ati: "Nta mukandida n’umwe amuhangara, kuko nta n'umwe yifuza guhiganwa azi neza ko zotsindwa.

    "Mu bisanzwe ntiyari akwiye kuguma muri ico kibanza, ariko uko ibintu vyifashe ubu bituma atazovaho".

    Tebas yari muri Amerika aho yagiye kwirabira ingene igihugu ciwe ca Espagne gitahukana Igikombe c'Isi c'umwaka wa 2026.

    Yagize ati: "Muri iyi misi nkiri hano muri Amerika, numvise abantu benshi bavuga ko batemera Infantino kandi badashigikiye ivyo ariko arakora.

    "Barabivuga ariko ntaco bari bukore. Sinzi ikintu kibi kurusha ikindi hagati yo kwinumira no gushigikira ikibi, kuko abinumiye bose barazi neza ibiriko birononekara mu mupira w’amaguru”.

    Vyitezwe ko Infantino atorerwa ikiringo kigira kane mw’ikoraniro rikuru rya Fifa ritegekanijwe mu kwa gatatu kw’umwaka uza, ariko Tebas yemeza ko ikibazo ca Balogun cari gushobora gutuma atakaza iki kibanza.

    Iki kibazo ca Balogun carababaje cane Tebas.

    Balogun w'imyaka 25 yarakuweko igihano cari gutuma adakina urukino rw’igice c’umunani gishira ica nyuma aho Amerika yahura n'Ububirigi, inyuma y'uko Perezida Donald Trump wa Amerika avyinjiyemwo.

    Tebas yavuze ati: "Gufuta igihano cari cahawe urya mukinyi wa Amerika cabaye ikintu gikomeye cane. Imana yose bagize ni uko Ububiligi bwatsinze Amerika, kuko iyo bitaba gutyo, vyari gushobora kuvamwo ikibazo cari gutuma Infantino atakaza akazi kiwe".

    "Barashoboye kuzimangana ico kibazo kubera Ububirigi bwatsinze. Ariko ibi bintu ni utuntu duto gusa tubonetse muri vyinshi cane".

    Iyo ngingo kandi yaraneguwe cane n’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Bulaya, UEFA, aho ryavuze ko ari ikintu “kitari bwigere kibaho, kidashobora kwumvikana, kandi ata nsiguro gishobora kuronka”.

    Ico cemezo ni kimwe mu vyatumye mbere umukuru wa UEFA Aleksander Ceferin atitaba urukino rwa nyuma w'Igikombe c'Isi.

    Hampande y’ingingo avuga ko itabereye na gato kuri Balogun, umukuru wa La Liga yaraneguye cane akaruhuko abakinyi bahabwa mu Gikombe c'Isi ko kunywa amazi, umwanya muremure w'akaruhuko hagati y'igice ca mbere n'ica Kabiri mu rukino rwa nyuma, hamwe n'iciyumviro co kuzokwongereza igitigiri c’imirwi yemerewe gukina mu gikombe c’isi, gushika kuri 64.

    BBC Sport iracagerageza gusaba FIFA kugira ico ivuga kuri ibi bivugwa ku mukuru wayo.

    Ayandi makuru ku gikombe c'Isi:

    Ayandi makuru yacu mushobora kuyakurikira kuri: YouTube kuri BBC News Gahuza

  10. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.