Pentagon: Uwahoze ari umukuru w’ibiro vya Hegseth asaba ko yotanga imihoho
Uwahoze ari umukuru w’ibiro vy’ubushikiranganji bwo kwivuna abansi bwa Reta Zunze Ubumwe za Amerika avuga ko, Pete Hegseth, umushikirangaji wo kwivuna abansi, ata bushobozi agifise bwo kurongora igisirikare ca Amerika, kandi ko akwiye kuva muri ayo mabanga.
Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru Politico, Joe Kasper yahoze ari umukuru w’ibiro vy’ubu bushikiranganji, yasavye Pete Hegseth gutanga imihoho.
Mu kunebagura uburyo Pete Hegseth arongoye ubushikiranganji bwo kwivuna abansi (Pentagon), ingene ayoboye intambara yo muri Irani, hamwe n’ukungene yirukana intwazangabo nkuru nkuru z’igisirikare, Kasper yavuze ko ubushobozi bwa Hegseth bwo kurangura neza amabanga ajejwe bugenda buragabanuka, kandi ko vuba atazoba agishoboye kurangura neza inshingano ziwe.
Yabwiye Politico ati: "Kubera izo mpamvu hamwe n’izindi, igihe kirageze ko Pete atanga imihoho."
Joe Kasper yavuze kandi ko Pete Hegseth yishe imigenderanire yiwe n’Inama nshingamateka na nkenguzamateka (Congress), asibanganya inzira zose zari zisigaye zosanasanye imigenderanire hagati ya we na Congress.
Ayandi makuru ushobora gusoma: