IKIBIRIRAHO, Iran na Israel bavuga ko bahagaritse kurasana, ariko bagabisha ko bashobora kwisubirako hamwe agahengwe kohonyangwa

Umushikiranganji wa mbere wa Israel avuga ko igihugu ciwe kibaye kirahagarika ibitero “muri aka kanya”, inyuma y’uko ingabo za Iran zivuze ko zahagaritse ibitero kuri Israel.

Incamake

Iran na Israel bavuga ko bahagaritse kurasana, ariko bagabisha ko bashobora kwisubirako hamwe agahengwe kohonyangwa

Amakuru y'ikibiriraho

Didier Bikorimana na Gildas Yihundimpundu

  1. Iran na Israel bavuga ko bahagaritse kurasana, ariko bagabisha ko bashobora kwisubirako hamwe agahengwe kohonyangwa

    Umwotsi uriko uraduka hejuru y’akarere ka West Bank kigaruriwe na Israel

    Ahavuye isanamu, SOPA Images/LightRocket via Getty Images

    Iran na Israel batangaje ko bahagaritse kurasana, inyuma y’aho ivyo bihugu vyompi birasanye ku ncuro ya mbere kuva habonetse agahengwe muri Ndamukiza (4) uyu mwaka.

    Ku wa mbere, umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yavuze ko igihugu ciwe “kibaye kirahagarika ibitero muri aka kanya”. Ariko yashimangiye ko urugamba rwo kurwanya Iran na Hezbollah “rutararangira”.

    Ivyo yabitangaje haciye amasaha make ingabo za Iran zitangaje ko zahagaritse ibitero kuri Israel inyuma yo kuyiha “inyishu ibabaza”.

    Zavuze kandi ko zizofata “ingingo zikomeye kurushiriza kandi zitikiza” hamwe Israel yosubira kugaba ibitero, harimwo no kuri Liban, aho ingabo za Israel ziriko zirarwana n’umuhari Hezbollah ushigikiwe na Iran.

    Ku wa mungu, Tehran yagavye ibitero vya misire kuri Israel mu kwihora ku gitero cari cakozwe i Beirut, umurwa mukuru wa Liban.

    Mu gitondo co ku wa mbere, Israel na yo yaciye igaba ibitero vyo kwihora kuri Iran, aho ivuga ko yabitumbereje ku bibanza vya gisirikare.

    Mu kiganiro yagiranye na BBC kuri terefone, Perezida wa Amerika Donald Trump yarahakanye ibivugwa ko Netanyahu yanse gukurikiza ivyo yamutegetse mu kugaba ivyo bitero.

    Trump avuga ko bari basanzwe bamaze kurekura ibisasu imbere y’uko abatera akamo ko guhagarika.

    Ibiro vy’Umukuru w’igihugu wa Amerika (White House) vyemeje ko Trump yahamagaye Netanyahu kugira baganire kuri iyo ngorane. Umutegetsi wo muri Israel yavuze ko igihugu ciwe cahagaritse ibitero kibisabwe na Trump.

    Izindi nkuru wosoma:

  2. Mwaramutse neza!

    Ikaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'ikibiriraho