Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Araqchi: Iran iriteguriye amahoro, ariko kandi iriteguriye n’intambara

Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu wa Iran, Abbas Araqchi, yagiye muri Amerika ari kumwe na Perezida Masoud Pezeshkian kwitaba Inama Nkuru ya ONU, yavuze ko intumwa zo ku rwego rwo hejuru za Iran zagiye i New York zifise intumbero yo "gutegura inzira y’amahoro."

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana

  1. Kenya yahawe uruhusha rwo guhingura umuti mushasha wo kwikingira SIDA

    Ishirahamwe Universal Corporation Limited (UCL) ryo muri Kenya ryahawe uruhusha rwo guhingura alimatravir, umuti ugikorerwa igeragezwa wo kwikingira umugera wa Sida. Uwo muti ugenewe kunyobwa rimwe mu kwezi.

    Ishirahamwe Merck, rizwi kandi nka MSD, ryahaye amashirahamwe indwi yo kw’isi uruhusha rwo guhingura alimatravir izimbutse. Ariko azotangura kuyishira kw’isoko ari uko igeragezwa ryerekanye ko ikingira sida kandi ko itabangamira amagara y’abayinywa.

    Muri ayo mashirahamwe, atatu ni ayo muri Afrika: UCL Kenya, Quality Chemical Industries Limited yo muri Uganda na Aspen Pharmacare yo muri Afrika y’Epfo. Ni ubwa mbere amashirahamwe yo muri Afrika ashirwa mu mugambi wo guhingura umuti wo kwikingira HIV igeragezwa rya nyuma ritararangira.

    Igeragezwa ryo ku rwego rwa gatatu ariko arakorerwa muri Kenya, Uganda na Afrika y’Epfo, ku bakobwa n’abakenyezi bakiri bato. Ariko alimatravir ntiremererwa gukoreshwa kuko igeragezwa ryaro rikibandanya.

    Uruhushya Merck yatanze ruzotuma uwo muti ushobora guhingurwa no gutangwa mu bihugu 129 bitaratera imbere. Ayo mashirahamwe ntazoriha Merck amafaranga ku burenganzira bwo kuwuhingura.

    Merck yavuze kandi ko uwo muti niwemezwa, izobanza kuwutanga ku giciro gitoyi cane, mu gihe amashirahamwe yahawe uruhusha azoba agitunganya kuzowuhingura ku rugero runini.

    Mu butumwa bwa Perezida William Ruto bwasomwe n’umushikiranganji wa Kenya ajejwe amagara y’abantu, Aden Duale, mu nama yabereye ku ruhande rw’Inama Nkuru ya ONU, yavuze ko Afrika imaze igihe yikoreye igice kinini c’indwara zo kw’isi, ariko igahingura imiti n’incanco bike ikoresha.

    Ruto yavuze ko uruhara rw’amashirahamwe yo muri Afrika mu guhingura uwo muti ari intambwe ikomeye ijana kw’iterambere mu bijanye n’amagara y’abantu.

    Alimatravir niyemezwa, yoshobora kuba umuti wa mbere wo kunywa rimwe mu kwezi mu kwikingira umugera wa HIV.

  2. Tanzania: Uwundi muriro wadutse ku musozi Kilimanjaro

    Uwundi muriro wadutse ku musozi Kilimanjaro, mu buraruko bwa Tanzania, haciye indwi zitatu gusa uwari wadutse kuri uwo musozi muremure kurusha iyindi muri Afrika uzimijwe.

    Abategetsi ba Tanzania bavuga ko uwo muriro wadutse mu masaha yo mu gatondo ka kare kuri uyu wa mbere, mu gace ka Sangarini ku ruhande rwa Kamwanga, werekeza ku kiyaya ca Shira, mu burengero bw’uwo musozi.

    Mw’itangazo ryo kuri uyu wa mbere, Catherine Mbena, icegera c’uwujejwe ikigo TANAPA kijejwe parike z’igihugu, yavuze ko harungitswe umugwi ugizwe n’abahinga mu kuzimya umuriro, abajejwe kubungabunga ibidukikije, abakora mu vy’ubukerarugendo hamwe n’abanyagihugu kugira ugerageze kuzimya uwo muriro.

    Mbena yavuze ko icawuteye kitaramenyekana kandi ko amatohoza yatanguye.

    Uwo muriro uvugwa ko uriko uraka hafi y’ikiyaya ca Shira, ahantu hari ku metero nka 3.800 hejuru y’urugero rw’ikiyaga. Abazimya umuriro bariko bahangana n’imiyaga ikomeye hamwe n’ibimera bifatwa ningoga n’umuriro.

    Abategetsi bavuga ko ibikorwa vy’ubukerarugendo, harimwo ukuduga umusozi Kilimanjaro, bibandanya nk’uko bisanzwe.

    Mbena yavuze ko kubera imvura yatanguye kugwa mu duce tumwe two mu buraruko bwa Tanzania, hari icizere ko uwo muriro uzozimwa vuba.

    Uwo muriro wadutse inyuma y’uwundi wamaze hafi indwi zibiri waka mu buseruko bw’uwo musozi, ugahonya ibimera ku buringanire burenga hegitari 1.800.

    Abategetsi bari bavuze ko abantu aribo bashobora kuba baraturiye mu muriro waheruka.

  3. DR Congo: U Rwanda na AFC/M23 baneguye ukugaruka kwa Ekenge nk’umuvugizi wa FARDC

    Umushikiranganji w’u Rwanda ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Olivier Nduhungirehe, hamwe n’umukuru wa M23, Bertrand Bisimwa, baneguye ukugaruka kwa Sylvain Ekenge mu mabanga y’umuvugizi w’igisirikare ca Repubulika ya Demokarasi ya Congo.

    Ukugaruka kwa General-Major Ekenge kwabonekeye mw’itangazo rya FARDC ryo ku wa gatanu, ryerekeye isanganya ry’indege ryabereye i Kenge, mu ntara ya Kwango. Iryo tangazo ryari ryashizweko umukono na Ekenge, yanditsweko ko ari umuvugizi wa FARDC.

    Nta tangazo risigura ko yoba yaragarutse muri ayo mabanga inyuma yo guhagarikwa riraboneka.

    Nduhungirehe yavuze ko gusubiza Ekenge muri ayo mabanga “biteye amakenga kandi bitabereye”. Yavuze ko, ku bwa reta y’u Rwanda, ivyo vyerekana ko amajambo y’urwanko ku batutsi b’Abanyekongo atavugwa gusa n’abantu bamwe, ariko ko yoba ari umugambi ushigikiwe na reta ya DR Congo.

    Yaraneguye kandi ko ukugaruka kwa Ekenge kwamenyekanye biciye mw’itangazo, aho gutangazwa mu buryo butomoye.

    Bertrand Bisimwa na we yavuze ko gusubiza Ekenge mu mabanga ari “ikimenyetso gikomeye kandi giteye amakenga”. Yavuze ko ata nsiguro yatanzwe ku buryo amajambo Ekenge yari yavuze yafashweko ingingo canker ibihano, canke ku vyokorwa kugira ntasubire kuvugwa.

    Bisimwa yagirije reta ya Kinshasa gushira amajambo y’urwanko mu nzego z’igihugu. Yavuze ko kubiba urwanko ku bwoko bigabanya ukwizigirana hagati y’abanyagihugu kandi bikabangamira ukubana kwabo.

    Ekenge yari yahagaritswe ku wa 29 Kigarama (12) 2025, inyuma y’amajambo yavuze kuri televiziyo y’igihugu RTNC, yabonetse ko acinyiza abagore b’Abatutsi. Yari yavuze ko Abanyekongo barongora abagore b’Abatutsi bakwiye “kwiyubara”, yongera avuga ko abo bagore bokwinjiza mu ngo abagabo b’Abatutsi kugira babavyarire abana.

    Ico gihe, abarongoye FARDC bari biyamirije ayo majambo, bavuga ko acinyiza Abatutsi, anyuranye n’agaciro ka Repubulika kandi ko atari ahagarariye iciyumviro c’igisirikare, ica Perezida Félix Tshisekedi canke ica reta ya DR Congo.

    FARDC na reta ya DR Congo ntibiragira ico bivuga kuvyo u Rwanda na AFC/M23 bavuze.

    Izindi nkuru wosoma:

  4. Afrika y’Epfo: Ibiziga vy’abagore 11 biramaze gutorwa mu buseruko bwa Johannesburg

    Igipolisi ca Afrika y’Epfo kiriko kiratohoza urupfu rw’uwundi mugore, inyuma y’aho ikiziga ciwe gitorewe i Springs, mu karere ka Ekurhuleni, mu buseruko bwa Johannesburg.

    Kuva muri Mukakaro (7), ibiziga vy’abagore 11 ni vyo bimaze gutorwa muri ako karere. Iki ca nyuma catowe ahantu hatari amazu, hafi y’ibarabara ryitwa Rhokana.

    Uwo mugore, biboneka ko yari afise imyaka irenga 20, yatowe atambaye impuzu zose.

    Igipolisi kivuga ko hari ibimenyetso vy’uko yanizwe. Kiriko kandi kiratohoza nimba urupfu rwiwe rufitaniye isano n’izindi mpfu z’abagore bo muri ako karere.

    Igipolisi carafashe umugabo gikeka ko yishe umugore yitwa Ntombifuthu Nxumalo, ikiziga ciwe kikaba catowe ku wa gatandatu mu gitondo mw’itongo ry’abapfuye rya Mooifontein i Tembisa.

    Uwo mugabo yafatiwe i Limpopo. Umukuru w’igipolisi muri Gauteng, Lieutenant General Tommy Mthombeni, yashimiye umugwi w’abapolisi wamufashe.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Abakinyi n’abamenyereza ba Irlande baranse gukora mu minwe abo muri Israel mu nkino za UEFA

    Umumenyereza w’umugwi nserukiragihugu wa Repubulika ya Irlande, Heimir Hallgrímsson, yavuze ko ivyo abakinyi biwe bakoze imbere y’urukino na Israel “vyakweze amaso y’isi yose”.

    Abakinyi b’imigwi yompi ntibakoranye mu minwe imbere y’urukino rwabereye muri Hongrie, Irlande yatsinze Israel ibitsindo 3-0.

    Abakinyi ba Irlande barunamitse imitwe igihe ururirimbo ruhayagiza igihugu ca Israel rwariko ruravuzwa.

    Dara O’Shea, kizigenza wa Irlande, na Manor Solomon, kizigenza wa Israel, na bo ntibakoranye mu minwe. Imigwi yompi ntiyanahanye utubendera tw’urwibutso nk’uko bisanzwe bigenda imbere y’urukino.

    Izo nkino zibiri, zateguwe kubera mu bibuga bitari muri ivyo bihugu vyompi, zatanguye gutera impari kuva aho Irlande na Israel zashirwa mu mugwi B3 muri Ruhuhuma (2).

    Hari abari bamaze gusaba Irlande kuva muri iryo higanwa kubera intambara ibandanya muri Gaza. Ihimiriza ryitwa Stop the Game(bisigura hagarika urukino), tyateguwe n’umugwi “Irish Sport for Palestine” , na ryo ryarushirije kuvugwa mu ndwi ziheze.

    Ishirahamwe ry’umupira w’amaguru rya Irlande ryari ryemeje ko izo nkino zizoba, rivuga ko ryabanje kugisha inama abakinyi kandi ko benshi bashigikiye ko zokinwa.

    Izindi nkuru wosoma:

  6. Araqchi: Iran iriteguriye amahoro, ariko kandi iriteguriye n’intambara

    Umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu wa Iran, Abbas Araqchi, yagiye muri Amerika ari kumwe na Perezida Masoud Pezeshkian kwitaba Inama Nkuru ya ONU, yavuze ko intumwa zo ku rwego rwo hejuru za Iran zagiye i New York zifise intumbero yo "gutegura inzira y’amahoro."

    Ariko Araqchi yavuze ko Iran izobandanya kwihagararako imbere y’ubusotoranyi ubwo ari bwo bwose, naho vyoshikana ku co yise "intambara yo gutikiza."

    Araqchi yabwiye ibimenyeshamakuru vyo muri Amerika ati: "Twaje i New York kurondera inzira y’amahoro, ariko bibaye ngombwa, turiteguye kandi n’intambara yo gutikiza. Muri ico gihe nyene, turiteguye ibiganiro nyavyo biciye muri dipolomasi."

    Ayo majambo aje inyuma y’amakuru avuga ko Perezida wa Amerika Donald Trump yanse icifuzo ca Iran co gusubira kwugurura inzira yo mu mazi ya Hormuz. Mu nyuma Trump yavuze ko Amerika na Iran bizogirana ibindi biganiro mu misi iri imbere.

    Mu ndwi iheze, Araqchi yavuze ko Amerika niyemera umugambi watanzwe na Iran, inzira yo mu mazi ya Hormuz ishobora gusubira kwugururwa mu misi indwi.

  7. Mwaramutse neza!

    Kaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tugiye kubashikiriza amakuru yo mu karere no mu makungu mu buryo bw'aka kanya.