Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.

Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa

Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke

IKIBIRIRAHO, Burundi-Kenya: Uburundi bwaneguye inyishu ya Kenya ku mpapuro z’akazi ku banyamahanga

Umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Édouard Bizimana, avuga ko insiguro ya reta ya Kenya ku mpapuro z’akazi itishura ku bivugwa vy’ihohoterwa rikorerwa abanyamahanga, na cane cane Abarundi.

Incamake

Amakuru y'ikibiriraho

Chançard Abimana

  1. Filime 10 nshasha zo kuraba muri uku kwezi kw'icenda

    Muri uku kwezi kwa Nyakanga(9), abakunda sinema barafise filime nshasha z’ubwoko butandukanye. Harimwo iziteye ubwoba, iz’iminrwano, izishingiye kuri kahise hamwe n'izijanye n'amangetengete.Ng'izi ifilime cumi woraba muri uku kwezi:

    • Resident Evil – Muri iyi filime, hari umugabo yitwa Bryan atwara igihimba c’umubiri kigenewe umurwayi. Ageze mu gisagara ca Raccoon City, asanga abantu baho bariko bahinduka ibisigo birya abantu .
    • Primetime – Muri iyi filime, umukinyi w'ama sinema rurangiranwa Robert Pattinson akina ari Chris Hansen, umumenyeshamakuru afata abagabo barondera guhura n’abana ku mvo z’ubusambanyi.
    • The Weight – Muri iyi filime, umukinyi w'ama sinema Ethan Hawke akina umuvyeyi apfungwa arenganijwe. Kugira arekurwe asubire ku mukobwa wiwe, ategekwa gutwara inzahabu zibwe.
    • Practical Magic 2 – Muri iyi filime, bashiki b’abapfumu bagerageza gukingira abakobwa babo umuvumo utuma umugabo wese bakunze apfa.
    • Forgotten Island – Muri iyi filime, abakobwa babiri binjira mw’isi y’ubupfumu. Bahamaze igihe kirekire, baca bibagirana ko bazinanye .
    • Onslaught – Muri iyi filime, umuvyeyi yahoze ari umusirikare arwanira gukingira umukobwa wiwe abasirikare bafise inguvu zidasanzwe.
    • Heart of the Beast – Muri iyi filime, umukinyi w'ama sinema rurangiranwa Brad Pitt arokoka isanganya ry’indege mw’ishamba rya Alaska, afashijwe n’imbwa yiwe yitwa Odin.
    • Knife – Muri iyi filime y’ivyabaye, Salman Rushdie avuga igitero c’inkota yatewe mu 2022 n’ingene yakize ibikomere.
    • The Uprising – Muri iyi filime, umurimyi w’umworo arongora abanyagihugu kuja kurwanya abatware babahahaza mu Bwongereza bwo mu 1381.
    • Hope – Muri iyi filime, umupolisi wo muri Koreya y’Epfo arondera guhagarika igisigo kinini kiba kiriko kirasambura igisagara.
  2. Indonesia: Ingenzi 270.000 zaheze ku bibuga kubera ikirunga

    Ingenzi zigera ku 270.000 zabuze uko zibandanya ingendo zazo muri Indonesia, inyuma y’aho ikirunga Anak Krakatau giturikiye, bigatuma ingendo z’indege zirenga 2.000 zisiba canke zigacererwa.

    Ico kirunga kiri ku bilometero 150 uvuye i Jakarta,umurwa mukuru, catanguye kuruka mw’ijoro ryo ku wa gatanu, gisohora umuriro n’ivu vyakwiragiye gushika mu murwa mukuru Jakarta no mu ntara ya Lampung.

    Ibibuga vy’indege indwi, harimwo ikibuga mpuzamakungu ca Soekarno-Hatta, vyagumye vyugaye ku munsi ugira kabiri. Amashure yo mu turere twakozweko yaciye atangura kwigishiriza kuri internet, mu gihe zimwe mu ngendo zo mu mazi na zo zahungabanye.

    Finna, umwe mu ngenzi, yabwiye BBC ko ku kibuga c’indege hari huzuye abantu, bose baguma bahanze amaso ivyapa vyerekana amakuru y’ingendo zabo.

    Ikigo ca Indonesia kijejwe ivy’ibirunga cagabishije ko Anak Krakatau ishobora gusubira guturika. Ivu ryayo ryaduze gushika ku bilometero 15 mu kirere.

    Abantu barabujijwe kwegera mu bilometero bitatu uvuye ku munwa w’ico kirunga.

    Ubwato buca mu muhora wa Sunda na bwo nyene bwabujijwe kwegera ako karere.

  3. Umugabo wa Perezida Samia yapfuye

    Hafidh Ameir, umugabo w’Umukuru w’igihugu ca Tanzania Samia Suluhu Hassan, yapfuye ariko avurirwa mu bitaro vyo muri Zanzibar.

    Mw’ijambo yashikirije abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere, icegera c’Umukuru w’igihugu ca Tanzania, Deogratius Ndejembi, yavuze ko Ameir yari amaze igihe arwaye umutima.

    Yavuze ko Ameir yapfuye mu gitondo co kuri uyu wa mbere. Ibijanye n’ugushingurwa kwiwe bizomenyeshwa mu nyuma.

    Hafidh Ameir yari umuhinga mu vy’uburimyi kandi ntiyakunda kuja ahabona.

    Yubakanye na Samia Suluhu mu 1978, imbere y’uko yinjira mu vy’ubutegetsi ku rwego rw’igihugu. Bavyaranye abana bane: abahungu batatu n’umukobwa umwe.

    Samia Suluhu amaze kuba Umukuru w’igihugu mu 2021, Ameir yaciye aba umugabo w’Umukuru w’igihugu, uwa mbere muri Tanzania.

    Ntiyakunda kuboneka ari kumwe n’umugore wiwe mu bantu, naho rimwe na rimwe baja hamwe mu birori vya reta no mu bikorwa vya politike.

  4. Iran iburira Koreya y’Epfo ko kuja mu bikorwa vya gisirikare mu muhora wa Hormuz vyoyigirako ingaruka zikomeye

    Ubushikiranganji bwa Iran bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu bwaburiye Koreya y’Epfo ko niyifatanya n’ibikorwa vya gisirikare mu Kigobe c’abaperesi no mu muhora wa Hormuz, vyoyigirako “ingaruka zikomeye”.

    Umuvugizi w’ubwo bushikiranganji, Ismail Baghaei, yanditse iyo mburi ku rubuga X, mu butumwa yashize no mu rurimi rw’Igikoreya.

    Yavuze ko Iran yobona ukuja kwa Koreya y’Epfo muri ivyo bikorwa nk’ugushigikira no gufasha Leta Zunze Ubumwe za Amerika mu bikorwa Iran ivuga ko ari ivy’ubusotoranyi.

    Iyo mburi ije mu gihe Koreya y’Epfo iriko iriga nimba yokwitabira ibikorwa vyo gucungera umutekano w’ubwato no gutuma bushobora guca ata nkomanzi mu muhora wa Hormuz.

    Izindi nkuru wosoma:

  5. Amerika: Abantu batanu bapfuye inyuma y’impanuka y’indege y’imizigo ya Amazon

    Indege y’imizigo y’ishirahamwe Amazon Air yagize impanuka ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Miami muri Amerika, bituma abantu batanu bapfa, abandi batanu barakomereka bikomeye.

    Iyo ndege yo mu bwoko bwa Boeing 767-300 yari ivuye ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Luis Muñoz Marín, mu gisagara ca San Juan muri Puerto Rico. Igihe yariko irururuka i Miami, yarenze umuhora indege zigwako, ica igonga imodoka nyinshi zari ziri ngaho.

    Iyo mpanuka yabaye imbere gato y’isaha umunani z’umuhingamo ku masaha y’aho, ni ukuvuga isaha imwe y’ijoro ku masaha mpuzamakungu.

    Umukuru w’intara ya Miami-Dade, Daniella Levine Cava, yavuze ko abantu batanu bapfuye, abandi batanu barakomereka. Batatu mu bakomeretse bararemvye cane.

    Ikigo kijejwe ingendo z’indege muri Amerika, FAA, cahagaritse ingendo zose mu gihe abajejwe gutabara bariko barazimya ahabereye impanuka, hari hakiriko haraduga umwotsi.

    Amazon yavuze ko iriko irakorana n’abategetsi bo muri ako karere kugira bamenye icateye iyo mpanuka.

    Umukuru w’abazimya umuriro b’i Miami, Raied Jadallah, yavuze ati: “Ubu turajwe ishinga canecane n’imiryango y’abashikiwe n’iyo mpanuka, abakomeretse hamwe n’ibikorwa vyo gutabara bikibandanya.”

    Iyo mpanuka yabaye mu mpera y’indwi y’Umusi Mukuru w’Abakozi muri Amerika, kimwe mu bihe abantu bagira ingendo nyinshi mu mwaka.

    Izindi nkuru wosoma :

  6. Burundi-Kenya: Uburundi bwaneguye inyishu ya Kenya

    Umushikiranganji w’Uburundi ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Édouard Bizimana, avuga ko insiguro ya reta ya Kenya ku mpapuro z’akazi itishura ku bivugwa vy’ihohoterwa rikorerwa abanyamahanga, na cane cane Abarundi.

    Mu butumwa yashize kuri X, Bizimana yavuze ko Abanyakenya baba mu Burundi mu mahoro, aca asaba reta ya Kenya gukingira ubuzima n’umutekano vy’Abarundi baba muri ico gihugu.

    Ubwo butumwa bukurikiye inama yihutirwa Bizimana yagiranye mu mpera z'indwi iheze n’abaserukira ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’ubuseruko mu Burundi, harimwo uwuserukira Kenya. Bizimana yavuze ko yamusavye gushikiriza reta yiwe amakenga y’Uburundi no gukora ku buryo ata murundi yohohoterwa.

    BBC Gahuzamiryango yashatse kumenya ingingo reta y’Uburundi yoba iriko irategura gufata. Mu kiganiro kigufi, Bizimana yavuze ko ivyo yanditse kuri X “bitomoye neza”, ko “bariko barakurikiranira hafi uko ibintu vyifashe” kandi ko batazotinya “gufata ingingo” mu gihe abarundi bohohoterwa.

    Yongeye kunegura ko abasivile bokwemererwa gukora ibikorwa bijejwe igipolisi, avuga ko ivyo bishobora gutuma haba ihohoterwa, ugusahura n’urwanko rw’abanyamahanga.

    Reta ya Kenya yari yasiguye ko abanyamahanga bafise impapuro zibemerera gukora no kudandaza bashobora kubandanya ibikorwa vyabo. Abakoresha impapuro z’ubukerarugendo mu gukora canke kudandaza ni bo bashobora gufatirwa ibihano.

    Izindi nkuru wosoma:

  7. Mohsen Rezaei: Ku ncuro ya mbere, twakoresheje misile ya Irani igenewe gutera ubwato dutera ubwa Amerika

    Mohsen Rezaei, umunyamabanga w’Inama nkuru y’umutekano w’Igihugu ca Irani, yavuze mu kiganiro co kuri televiziyo ati: “Ku ncuro ya mbere, twakoresheje misile idasanzwe yakozwe na Irani, igenewe gutera ubwato. Twayirashe hejuru y’ubwato bw’intambara bwa Amerika. Iyo misile yarateye abanyamerika ubwoba bwinshi, baca barahunga.”

    Ubutegetsi bw’ingabo za Amerika muri ako karere, CENTCOM, ntiburagira ico buvuga kuri ayo majambo ya Irani. Ariko mu butumwa bwashizwe ku rubuga X, bwaravuze ku bitero vyagabwe ku bwato bwabo bubiri.

    Bwagize buti: “Ubutumwa bugenewe ingabo za Irani bukwiye kuba butomoye: nimwarasa ku bwato bwacu bubiri, tuzobatera uruhombo rukomeye kuruta, tunasambure ubwato bwanyu butatu.”

    CENTCOM yavuze ko itazotinya gukingira ingabo za Amerika kandi ko, bikenewe, izosambura ubwato bwa irani butwara ibitoro.

    Muri ico kiganiro, Rezaei yavuze kandi ko Irani igiye gutangaza akarere gashasha ubwato buzoba bubujijwe gucamwo. Ako karere kazova ku murongo w’ubwato bwa Amerika buzibira Irani, kagere gushika ku bibanza ubwato bupakiriramwo ibidandazwa.

    Yavuze ko ubwato bwose buzokwinjira muri ako karere bushaka guca mu muhora wa Hormuz butabanje kubisabira uruhusha Irani buzoshirwa mu bihano.

    Rezaei yavuze ko ivyo bishobora gutuma bene ubwo bwato bugira ingorane zo kuronka ubwishingizi no kubandanya guca mu mazi mpuzamakungu.

    Izindi nkuru wosoma:

  8. Kenya: Reta ivuga ko abanyamahanga bafise impapuro bemerewe kubandanya badandaza

    Reta ya Kenya yasiguye ko abanyamahanga bafise impapuro zibemerera gukora no kudandaza bashobora kubandanya ibikorwa vyabo muri ico gihugu.

    Umunyamabanga mukuru mu bushikiranganji bw’imigenderanire, Korir Sing’Oei, yavuze ko amajambo y’umukuru w’igihugu William Ruto ku banyamahanga bakora ubudandaji butobuto yafashwe uko atari.

    Sing’Oei yavuze ko abadandaza n’abakozi b’abanyamahanga, baba abakora ibikorwa binini canke bitobito, bakingiwe n’amategeko igihe bafise uruhusha rwo gukora n’urw’ubudandaji.

    Yavuze kandi ko Abarundi, canke abava mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko n’abandi banyafrika bemerewe kuba no gukorera muri Kenya, igihe bakurikiza amategeko y’ico gihugu.

    Ariko ubushikiranganji bw’ubudandaji bwavuze ko kuba umuntu yinjira muri Kenya ata viza canke adasabwa uruhusha rwa eTA bidaca bimuha uburenganzira bwo gukora canke kudandaza.

    Ubwo bushikiranganji buvuga ko hari abanyamahanga binjiye nk’abaje gutembera canke abadandaza, ariko bagakora ibikorwa bitajanye n’impapuro bahawe.

    Abazofatwa barenze ku mategeko bashobora kwakwa na viza zabo.

    Iyo nsiguro ya reta ije inyuma y’aho Ruto avugiye ko abanyamahanga bakora urudandazwa rwo mw’ibarabara n’utundi tudandazwa dutoduto bazofatirwa ingingo.

    Reta ivuga ko izoshira mu ngiro izo ngingo mu buryo bukurikiza amategeko kandi bwubahiriza amasezerano y’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko.

    Izindi nkuru wosoma:

  9. Mwaramutse neza!

    Kaze kuri BBC Gahuzamiryango, aho tubagezaho amakuru yo mu karere no mu mahanga mu buryo bw'aka kanya.