Imvo n'Imvano: Kuki bishobora kutoroha gutuza inzoga zitubahiriza amategeko mu Burundi?

Imvo n'Imvano: Kuki bishobora kutoroha gutuza inzoga zitubahiriza amategeko mu Burundi?
Yatangajwe

Ikaze mu kiganiro c'Imvo n'Imvano co kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 3 ukwezi kwa cumi mu 2026.

Nk'uko biherutse kuba mu Rwanda, mu Burundi reta ku ndwi iheze yasohoye ingingo yo kubuza icuruzwa ry'inzoga n'inganda zizikora zagirizwa kurenza urugero zari zemerewe.

Ingingo yafashwe haciye igihe umukuru w'igihugu, umukuru w'inama nshingamateka, hamwe n'abandi bategetsi batandukanye bari bamaze kwiyamiriza izo nzoga.

Bose bavuga ko ziriko zirabangamira amagara y'abanyagihugu, na cane cane urwaruka.

Mu kiganiro c'Imvo n'Imvano co kw'itariki 27 z'ukwezi kwa gatandatu uyu mwaka, harashikirijwe icipfuzo c'uko ikigo kijejwe kugenzura ubuziranenge, BBN, coraba neza nimba amashirahamwe afise impusha zo guhingura izo nzoga yubahiriza amategeko.

Kuko ayo mashirahamwe yari afise n'izo mpusha, mbere afise n'impapuro yahawe n'ico kigo zemeza ko akora inzoga zujuje ubuziranenge.

Aha umuntu agaca yibaza aho ibintu vyapfiriye gushika aho hafatwa ingingo yo kuyugara.

Hari abavuga ko iyo ngingo y'ubushikiranganji buraba ubudandaji ije hageze, ariko hari n'abandi bavuga ko itagira ingingo z'imperekeza mu kuyishira mu ngiro.

Nta co ivuga ku badandaza bari baranguye izo nzoga mu mahinguriro, nimba bazoshumbushwa canke bazotaha zirayoye.

Abari barashize imitahe mu mahinguriro yo kuzikora, abo zari zarahaye akazi, bo babaye abande?

Abo izo nzoga zagizeko ingaruka bo ni nde azobitaho?

Abo bazosanga baragize uruhara mu kuzikora barenze ku mategeko, bazofatirwa izihe ngingo?

Igihe abazikora barenza urugero bemerewe, zigashorwa mu gihugu, abantu bakazinywa bakamererwa nabi, abajejwe kugenzura bari he?

N'izihe ngingo zotuma izo nzoga zicibwa burundu mu Burundi?

Ni iki cokorwa ngo ntihongere kugira abakora ibintu mu buryo butubahirije amategeko?

Uruhara rw'ubushikiranganji bw'ubudandaji mu kugwirirana kw'izo nzoga abantu basemerera ni uruhe?

Ivyo ni bimwe mu bibazo tugiye gushimikirako muri kino kiganiro mwateguriwe kandi mugiye gushikirizwa na Cyriaque Muhawenayo.

Muri kino kiganiro twatumiye Gabriel Rufyiri arongoye ishirahamwe rigwanya ibiturire, OLUCOME.

Turi kumwe kandi na Appolinaire ManirakizA arongoye ishirahamwe ry'abahingura inzoga, ASSASIBU.

Uwundi turi kumwe ni Onésime Niyukuri, umuvugizi bw'ubushikiranganji bw'ubudandaji.

Turi kumwe kandi na Vianney Ndayisaba arongoye ishirahamwe ALUCHOTO.