Imvo n'Imvano n'umunyepolitike atavuga rumwe na reta y'Uburundi, Agathon Rwasa

Imvo n'Imvano n'umunyepolitike atavuga rumwe na reta y'Uburundi, Agathon Rwasa
Yatangajwe

Ikaze mu kiganiro c'imvo n'imvano co kuri uyu wa gatandatu, igenekerezo rya 8 ukwezi kw'umunani mu 2026.

Muri iki kiganiro, turi kumwe n'umunyepolitike atavuga rumwe na reta y'Uburundi, Agathon Rwasa, yahoze arongoye umugambwe CNL aratubbwira ingene umugambwe wiwe wagiye ucikamwo ibice uhindura n'amazina, anishure abamunegura bavuga ko ashaka misi yose ko ari we aba mu kibanza c'imbere.

Mu matora yo mu 2010 umugambwe FNL waritavye amatora y'amakomine, ayandi uca urayaheba uvuga ko harimwo ubusuma. Mu 2015 uwo mugambwe wariyandikishije mu matora ariko ntiwaja mu myiyamamazo. Ivyo ariko nivyabujije ko uronka abashingamateka barenga 30, Agathon Rwasa aca aba icegera ca mbere c'umukuru w'inama nshingamateka.

Mu 2020, Agathon rWASA yaritoje mu kibanza c'umukuru w'igihugu aserukiye umugambwe CNL, aratsindwa. Inyuma y'aho haciye haduka indyane muri uwo mugambwe zatumye akurwa ku burongozi bw'uwo mugambwe. Ari kumwe n'abamushigikiye, yarituye sentare, ubu urubanza rukaba ruri mu mwiherero.

Muri kino kiganiro rero, Agathon Rwasa arishura ibibazo bitandukanye bijanye n'ubuzima bwiwe bwa politike. Iki kiganiro mwagiteguriwe kandi mugishikirizwa na Cyriaque Muhawenayo.